Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarangije kaminuza mu gisata c’ubuvuzi ubwanwa bwafutse umunwa
Abarangije kaminuza mu gisata c’ubuvuzi ubwanwa bwafutse umunwa
mercredi 6 Ntwarante 2013
Mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buherutse guha akazi abakozi bashasha, abarangije kaminuza bamwe bita aba Licencié bakubiswe n’inkuba batisanze ku rutonde rw’abahawe akazi.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwarashize ahabona abo bwahaye akazi akazi kuri uyu wa 5 Ntwarante. Icatangaje bamwe mu batisanze ku rutonde, ni uko basanze hahawe akazi abarangije amashure yisumbuye gusa, bamwe bita A2 na A3.
Haba mu baforoma canke bamwe bapima indwara aribo bita Laborantin ntanumwe mu barangije kaminuza yahawe akazi, uretse abaganga 30 mu bakozi bababa 400 binjijwe.
Ivyo vyatumye abarangije kaminuza nimba atco vyoba bikimaze kunonosora ivy’ubuvuzi muri kaminuza, ariko muri ubwo bushikiranganji, ntiturashobora kubaronka kugira bagire ico babivuzeko.
Jean Michel Ndayikengurutse