IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiporisi cashwiragije abari mu myiyerekano hagati mu gisagara ca (...)

Igiporisi cashwiragije abari mu myiyerekano hagati mu gisagara ca Bujumbura

lundi 4 Rusama 2015

Abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza binjiye hagati mu gisagara ca Bujumbura, ariko igiporisi caciye kibasubiza inyuma bashitse imbere y’ahakorera iradiyo Bonesha FM.

Nk’igihe c’isaha zitanu kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 rusama ,mu micungararo y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, amafirimbi yatanguye kwumvikana,mu mwanya muto haca humvikana indirimbo zirimwo amajambo yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Umurwi w’abari mu myiyerekano wari winjiranye ibarabara ryitiriwe intsinzi (Avenue de la victoire) rica imbere y’imangazini idandaza imiti Alchem, rigaserukira imbere y’ahakorera iradiyo Bonesha FM, hafi y’ikigo c’abafaransa.

Igiporisi gikorera hafi y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, benshi bazi nko kuri Kiosque, baciye baza kugerageza gusubiza inyuma abari mu myiyerekano, mbere n’urwamo rw’amasasu rwumvikanye mu mwanya muto. Igiporisi caciye gifata ingingo yo gukura abantu bose bakorera mu kibanza citwa Bata, mu ntumbero yo kugabanya abantu bari mu gisagara hagati.

Mwomenya ko inyuma y’iminsi indwi y’imyiyerekano, ribaye irya mbere haboneka umurwi winjira mu gisagara hagati.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nibande mushaka ko baja mubiganiro edouard nawe warabonye ko abarundi ari ibijuju pe ibiganiro nivyanyu nabanywanyi banyu ba cndd fdd mutore uwusimbura Nkurunziza

  • Ndasaba amakungu kuronsa ibigwanisho abari mu myiyerekano kugira bahangane n’abo bapolisi ba cndd fdd. Ibiganiro vyahereye ARUSHA nta bindi bizosubira kubaho. full stop.....

  • NIHATARI.IMANA IDUFASHE!

  • Bwa Bundi Ndashizwe Pe Iryo Barabara Bavuze Ryuzuye Abagumutsi Ko Atabo Mbonye Mubarabara Ja Hiyo Ntanguvu Bafise Nugukuza Inkuru N,ibihuha Bahendamakungu Muri Nkehwa Ntabantu Mufise Mugomba Babah,ibibanza Pfa Kuja Mu Matora Mubisegereyo Nukuri Imigumuko Ntacizana Ataruko Abanyagihugubabona Nabi Ikindi Biragaragara Ko Nubu Abatutsi Mugomba Kuvyura Akariro K,intambara Mucanishamwo Abajejwe Umutekano Gaciyubwenge Mwishimikiza Urya Yokurwa Nkuko Busokoza Yagiye

  • imana yo yare uburundi niy izo bitandany kuba baciy kur avenue de victoire vyerekana ko bashaka gutsida ibitirize miracles.

  • Mbega Eduari NDUWIMANA niwe ajejwe ibiganiro nawe ashigikiye ikiringo ca gatatu mubandi ntaco yoheza ngo amarire uburundi na makungu ahubwo nahanure umukuru wigihugu petero NKURUNZIZA areke kwitoza ubugira gatatu azoba abitoye

  • MUVYUKURI TURAKWIYE KUMENYA KW’IMANA ARIYO ISHOBOYE VYOSE KANDI ARIYO YAREMYE UBURUNDI TUMAZE KUMENY’IVYO ABANTU BAKAREKA KWIGIRA BA GOLIAT KUKO IJAMBO RY.IMANA RIVUGANGO UWISHIRA HEJURU AZOCISHWA BUGUFI KANDI NGO UHANUGWA KENSHI AKAGAMIKA IZOSI AZOVUNAGUGWA GITURUMBUKA ATAGIRA GITABARA RERO UWOSHAKA YOKWUBAH’IMANA:

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.