IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bari mu biganiro babwiwe ko umuti w’ibibazo bihari uzova muribo (...)

Abarundi bari mu biganiro babwiwe ko umuti w’ibibazo bihari uzova muribo nyene

dimanche 22 Rusama 2016, par egide

Umuhuza mu biganiro vy’Abarundi ategekanya kubonana mu mwiherero n’impande zose, atanguriye ku murwi waserukiye Reta y’Uburundi urongowe na Alain-Aimé Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Mu birori vy’ugutanguza ivyo biganiro, umuhuza w’Abarundi yamenyesheje ko ikibazo c’Uburundi kizotorerwa umuti n’Abarundi nyene.

Muri ivyo biganiro vyatanguye kuri uwu wa gatandatu, abagize urunani rw’abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi bahurikiye muri CNARED ntibatumiwe muri ivyo biganiro bizomara iminsi itanu. Umuhuza William Benjamin Mkapa ategekanya kubonana n’impande zose, kugira atahure ikibazo c’Abarundi. William Benjamin Mkapa yamenyesheje ko yiteguye guha umwe wese umwanya w’ugushikiriza ivyiyumviro, ku nzira yofatwa mu ntumbero y’ukugarukana amahoro mu Burundi.

Muri ivyo biganiro, hatumiwe abakuru b’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi, abahoze ari abakuru b’igihugu, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira amashengero, hamwe n’abandi banyeporitike nka Agathon Rwasa.

Mu bandi bategetsi bari batumiwe harimwo abaserukiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abaserukiye umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu karere.

Umuhuza William Benjamin Mkapa yabwiye abitavye ivyo biganiro ko amahoro y’Abarundi n’Uburundi ari mu maboko yabo ubwabo, abasaba ko bokwumvikana mu biganiro bagiye kugirana.


IGIHE

Messages

  • ni bumvikane twibonere amahoro bazobabakoze!!

  • sinama navuzeko CNARED igizwe nabantu atakintu bomarira abarundi ngabo kubera akanyaro bafise banse kwitabibiganiro kandi batumiwe nkabanyamigambwe ngo mpaka batumirwe nka cnared, kumberero imigambwe yabo nifutwe kuko nabonyene ntibayemera...hama amakungu abafatire ibihano kuko birirwa barabasha ngo barakunda abanyagihugu kumbe nukubesha, abakunda abanyagihugu nabo bemeye kwitaba ibiganiri, CNAREDnayo nirindire izogirana ibiganiro nabazungu......

  • TWIMUJERI NTANTAMBWE BUZODUTERANA KANATSINDA DUSHIGIKIWE NINGWE INTARE YIYEMERA NKURUNZIZA KOMERA KANATSIND INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA AKOGASENARED NAKO KUZUYEMWO TWIMUJERI NATWISINDUMUJA NUKUTUMESA NAKARE INTUNVA NUKZUNVISHA KUNGUVU

  • il faut appeler le diable cnared par son nom?hahah

  • abarundi nibaganire bahuza,turabe ko tw tworonka amahoro

  • Koreta Yuburundi Idashaka Kuganira Nabo Bitavugarumwe Itinya Iki Nkurunziza Niyemere Asubizeubutegetsi

  • Ndashima ijambo umuhuza yashikirije ariko ico agomba kwibuka nuko ibiganiro bizoba aberwa nikibazo Bose batarimwo ntaco bizovamwo kuko abantu yatumiye ntibakwiye ugereranije nabo yatumiye nimba avugako umuti wibibazo biri muburundi uzotorwa nabarundi atumira bamwe akareka abandi gute jewe ndahanura umuhuza koyoreka kwumviriza umurwi wa nkurunziza mugutumira kuko numuburanyi urumva rero kwatotako Ngo yicire urubanza ikindi ndasabako abatumiwe murivyo biganiro muvayo bumvikanye kwirungikwa ryinteko mvamakungu zoza guhagarika ubwicanyi buriko bugirirwa abanyagihugu nankurunziza ikindi nuko bogondoza onu nakarere gutahukana abasirikare babarundi Bari mubutumwa bwamahoro hanze ikindi nukobategerezwa kwumvikana kumuntu yoba araramutswa igihugu muntubero yoguhagararira ivyobiganiro no mugufasha mwishirwa mungiro ryibizoba vyumvikanyweko kuko ibiganiro ntivyogenda neza igihugu kidafise umuntu agihagarariye

  • Mu Burundi Tumenyere Abaja Iyarusha Bama Baja Guhiga Inyungu ZUmwumwe Kubiwe, None Ntibazosubire Kwivuguruza Nko 1998 Twarabahinyuye

  • Mu Burundi Tumenyere Abaja Iyarusha Bama Baja Guhiga Inyungu ZUmwumwe Kubiwe, None Ntibazosubire Kwivuguruza Nko 1998 Twarabahinyuye

  • Tunawatakia mazungumzo mema!maana sisi tuko karibu nao karibu Arusha!

  • NDABARAHIY IVYOBIGANIRO HAKAGIRA IKINTU BIZOVAMWO NIMUREK IVY’IMANA YAVUZ BITEGEREZWA GUSHIKA BANYITA MUYAHUDI

  • ewe cnared ugiy guhinyuka?mb ubuho mugiy kwitwaza iki?reka buce sentare mpuzamakungu ibakubita inkoni mu gahanga?ok nimumeny ko uwo twatoy namw mwomwubaha.caha mupfukam babasengere

  • murabesha tuzobaho bukbuk kuko ivya cnared vyabatiturukany,NYANGOMA naho mwamukuyemwo murabesha yabaserukiy?

  • ntavyombona bizebihere hiyo

  • bamenye ko bose ari abarundi gutukana ataco bimaze

  • bamenye ko bose ari abarundi gutukana ataco bimaze

  • Aaaaahh ewe cnared uwakuroze ntiyakarabye aho mwarimuzi Ko mugiy kuronka leta nfatakibanza ewe..pacifique ewe..magy..ewe..pancrace umuvugizi waba Tutsi murarwara ihahamuka hatibagiy kwishura akayabo kamadorar yaba Biligi mwatikij Ngo muzobaha nickel mbe mumbonera Tari yatey intambwe agahinduka akinjira murugo?ewe tari ushigikira uwudakomey bakabasekereza hamwe ngwino natwatugerenade twanyu tubahoke tubashir aho twasiz abanyu mwantunva mwe amase yakera ntagihomurutaro mubihebe bicitwa vuba turashimiy imana mushobora vyose yo idahengeshanya kurwanira uburundi n’abarundi Ngo ibakize agahotoro kabanyamerika naba birigi ikaduha incuti nyazo imana ihezagire ubulusia nubushinwa kand ibonger imisi abakuru bibyo bihugi murakoz murek ikiciyunviro gitambuk niharambe abarundi na homme fort petero Nkurunziza.

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Amahoro ya barundi nu Burundi azova mubarundi bobyene ubwabo.
    Umva ndababwire barundi ganire mwebwe mwashimye guhurira ngaho TZ muganire muhuza canke mworoheranira.
    Ariko ndababwira ko mwiy’Isi ntaho intambara izohora ntanaho amahoro azohora kugeza ivyaha nurupfu bitsinzwe na Yezu.

    Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

    Abajejwe umutekano wuburundi nabarundi komumaze kumenya kwataho amahoro azohora kugeza ivyaha nurupfu bitsinzwe na Yezu, murikanure kumipaka abasirikare barikanure, mumabarabara nomumazu yabanyagihugu polisi irikanure binashobotse muze murakurikirana injezwa mikana kurinjezwa mihana/Nyumba kumi kuri nyumbakumi mukorane hagize ahaturikira grenade canke urusasu nyumbakumi acareba abantubiwe kobakwiye mwibarozi yiwe asanze hariho uwubura acakorana nabajejwe umutekano mukubibabwira ko harihumuntu arabona mwibarozi yiwe, nabarongoye aba keritiye gurtyo.
    Ukwonikwo kubasha abashaka bose kuba ba Mujeri bakaba batanguye bamwe kwibonekeza mukwanka kuja ahabandi bahuriye kugira bayage.

    Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga.

    Uburero abagize uruhare mwiturirwa ryabantu nabagize uruhara mwigerageza ryogukobita kudeta baratanguye kwibonekeza ntabandi atarabo ibimaramare vyishe bigatuma banka kuja ahabandi bari.

  • Barundi barundikazi. CNAREC yahindutsi amateka ibyayo byarangiye peeee! Barya bantu bari muri commite nyobozi ni abasuma kuko ntamuntu bahagarariye. Bye Bye CNAREC !!!!

  • Nukuri Uwo Muhuza N Areke Guta Umwanya.Mana Tabar Uburundi

  • bumvikane baduhe amahr impunzi zihunguke twubake igihu catwibarutse

  • emama ngwimigwi yabicanyi ngo itumigwe,emama cnared emama abapuciste,mubona batumiwe?kuki mutokwibaza?nukubatoza imimwe nababashigikiye bose

  • Mana uzuza umutima wikigongwe Abarikuganira Bahuze.

  • IZONTWARI ZAGUMIJE UMUTEKANO BAKWIYE ISHIMWE NIBAJE HAMWE BAGANIRE IBIGANIRO BIDUKURA MWIZINDYANE TUMAZEMWIGIHE NIHOTUZOMENYAKO MURINTWARI ZISHITSE IYO CNARD NAYO NIYIBUKEKO NABONYENE ARABARUNDI BAKWIYE KWICARA HAMWE NABANDI MUBIGANIRO

  • NIMUGANIRE ARIKO INZOGOTWITORE NTIMUKOREKO AKAJAGARIKINDANDENDE NAMAGABURANYAMA NTIBIVUGWE TWARATOYE TWARAHEJEJE ITWAROYIGITUGU NTIKIBAHO ESE ABATANGA UBTEGETSIBO KOBADATUMIGWA ABOBASHAKA GUCUMUTWE DEMORKARASI MWIVYOBIGANIRO NTIBANIBUKWE ARIKO IMANA IZOBATURINDA NTAKUGANIRA NABICANYIBAZOPFA BONZE

  • NIMUGANIRE ARIKO INZOGOTWITORE NTIMUKOREKO AKAJAGARIKINDANDENDE NAMAGABURANYAMA NTIBIVUGWE TWARATOYE TWARAHEJEJE ITWAROYIGITUGU NTIKIBAHO ESE ABATANGA UBTEGETSIBO KOBADATUMIGWA ABOBASHAKA GUCUMUTWE DEMORKARASI MWIVYOBIGANIRO NTIBANIBUKWE ARIKO IMANA IZOBATURINDA NTAKUGANIRA NABICANYIBAZOPFA BONZE

  • Nibagend arko uwagomvy gutembagaz ubutegets aronderw abibazw kuk niw mkwez winryane zir muburundi.

  • Nimbabarundi,bakundaabaturage,turasavyebicarane,bashakireumuti,ibibazobihanze,abarundi

  • Nimbabarundi,bakundaabaturage,turasavyebicarane,bashakireumuti,ibibazobihanze,abarundi

  • INZEGO TWITOREYE NTIMUKOREKO NTIMUHIRAHIRE ABOBASHAKA AMGABURANYAMANABO BAMENYEKO AMATORAYAHEZE KUBA ARUKWIGARAGAZA MUMENYEKO UBUTEGETSI BUTAGWA NABENEGIHUGU ABOBACHAKA GUKEBEGWA BAWONDOKEKINZEGO TWITOREYE NTIMUKOREKO NTIMUHIRAHIRE ABOBASHAKA AMGABURANYAMANABO BAMENYEKO AMATORAYAHEZE KUBA ARUKWIGARAGAZA MUMENYEKO UBUTEGETSI BUTAGWA NABENEGIHUGU ABOBACHAKA GUKEBEGWA BAWONDOKEKURE

  • none banka kuganira gut?erega biragoye nibaje hamwe,

  • Ivyo Mkapa akora ni sawa kweli. Ahubwo azotumire na CNARED mubiganiro amaho yihute kuza. None twese nti turi abene burundi?

  • None Nyakwubahwa Benjamin William Ntiyababwiye? Iyaba Abarundi Atari Bansumir ’Inda Umutibovuyeyo Bawutoye. Iyo CNALED nayo novugako atari n’ abarundi kuko vyagaragaye ko ibibazo bihanze UBURUNDI bitabaraba.

  • nibaganire bashire imbere ineza yabanyagihugu ntibashere imbere inda zabo ariko ntacizer mugihe sinarede itatumiwe.

  • Erega Amakungu Aramazegutahurako Abarundi Aritwe Twamaturiko Turaryana Dupfa Inyungu Atarizigihugu Nabanyagihugu.Ninacogituma Yababwiye Ati:"inyishu Yibibazo Vyabo Bizova Muribo ." Akarorero Nibakarabire Kuwo Mushikiranganji Yaraye Akuwe Mumabanga Kuko Asa nuwubabaye Inda Yiwe .

  • CNAREC ibyayo bibaye nkibya M23. Izo mpunzi barazishutse zijya kwangara mu rwanda.zizamera nkabanyamurenge b

  • NUKURI TURARAMBIWE NINTAMBARA TURIMWO MUBURUNDI BIGENZENKUKO MUBIVUZE BAKUMVIKANA MUMPANDEZOSE VYOSHIMISHA ABARUNDI TURAMBIW NINTAMBARA.

  • NTAZINDINGORANENIMANDAYAGATATU3YEMWEMUFATIREKURICO.

  • Umuntu yitwa Muyahudi ndashaka kumubaza. Ivyo bintu Imana yavuze bizoshika ku Burundi agitegereje n’ibihe? Nta butegetsi butava ku Mana, Niyo iganza ubwami bw’abantu ikabugabira uwo ishaka, niko Bibliya ivuga. None ga Muyahudi, urahakana ko ubwami itabugabiye Petero Nkurunziza ibicishije mu matora? kuki itabuhaye wewe, canke ngo ibihe uwo wundi wipfuza. Mureke kugumura abantu, nta Mana ikorera mu bagwanya ubutegetsi ibaho, ntaho vyigeze biboneka ko Imana yifatanya n’abicanyi

  • Uwu muntu yitwa tari ntaramenya ko amase ya kera atagihom’urutaro. Tari, iyo uvuze ngo Nkurunziza n’umuburanyi, niwewe uriko uramuburanya? Kuki umuha statut y’umuburanyi kandi isi yose imwita umukuru w’igihugu. Ishavy ry’imbwa ngo riherera mu kuzungagiza umurizo. Ubwo wewe uriyemeje uvuge ko urusha ubwenge Mkapa na Museveni. Ivyo vyanyu vyokwama muhumeka umwuka w’ingwano, turasenga Imana y’Uburundi muzotsindwa, kuko Uburundi s’icibare ca CNARED n’icibare c’Imana

  • Nibumvikan kuk nakate bapfa ubusa

  • Imana Yonyene Niyizikibazo C’uburundi Mana Citsisezerano Ku Barundi.

  • Mana.Ugarukire..Uburundi.Nababubamwo.Abarimubiganiro.Bayage.Bahuza...Uwo.Yiyita.Tari.Kuberiki.Atemera.Reta.Yatowe.Nabanyagihugu.

  • Nibaganire Baduhe Amahor

  • erega nibamenye ko igihugu ari itunga rusangi,nibasangir bakurikije amasezerano y’iyarusha.

  • Abarota ngo bararwanya NKURUNZIZA bwana Mukapa yababwiye ko umu opposant ukomeye ari RWASA naho abandi ni ukurimanganya. yanavuze ko CNAREC itabaho ni ibinyoma byabazungu.

  • none umhuza yavuze ngumuti uvakubarundi umutegetse ntiyagiye kandi ariwe ikibazo gihagazeko sivyiza ok

  • Abo bavuga ivyo bishakiye ngo nkurunziza mbega nkurunziza ntibaziko imana asenga ariyukuri? Ubwambere bavugango asenga inyakuzimu ariko twebwe tumuzi kuvakera turaziko uwiteka arikumwe nawe rero ivyobiganiro ukobizogenda kose ntahonya bwoko mushaka rizongera kuba iyo mwijuru nicabona

  • ngajewe umurundi icambere shimire imana yabahuje abategese bose ico baterera mubiganiro ico nobibusa bashire inyungu zigihungu imbere guse nibarabe inyungu zabo ? imana ibahe umutima wongukunda igihungu guse

  • njye narinzi ko batazajyayo sha amafranga yisomaliya nima kweli ashobora no gutuma leta yivuguruza kubyo wily nyamitwe yavuze inda zanyu zizabashyira ahabona

  • nibadufashe bumvikane mugabo ntibateigihugumumanga kuko abarundi dukeneye a mahoro numutekano kuko aho inka,zirwaniye ivyatsinivyo bihasiga ubuzima

  • Turakejye Aba Bose Bateye Ibyatsi Ibyiyumviro Bya TARI : IRYOZINA MUKI ESPAGNOL TWASANZE RISOBANURWA NGUWAVUYE IKUZIMU , Tari Arariye Imvumba Kubona Cnald Itatumiwe ! Izonteko Mvamakungu Nazonyene Tari Ntizizoshikira Iwawe Uburundi Ntibuvogerwa Bwarikukiye Ibiganiro Nibikomeze Kubabyitabye

  • Njye .Tari .nibera kwa le Gentil. Mbasabye ikigongwe kuko iyo ntaranywa imiti yibisazi ntuka umukuru w’igihugu (Nkurunziza)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.