IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abarimyi bahamagariwe kwijukira kuja muma cooperative

Abarimyi bahamagariwe kwijukira kuja muma cooperative

jeudi 24 Mukakaro 2014

Abarimyi bari mu mashirahamwe baremeza badahigimanga ko baronka ubumenyi budasanzwe batari bafise kurusha iyo batari mu mashirahamwe.

Serges Ntunzwenimana, umwe mu barimyi akaba n’umuremeshakiyago mw’ishirahamwe riherekeza abarimyi mw’iterambere, avuga ko amashirahamwe ari muyafasha abarimyi kwungura ubumenyi batari bafise, haba mu bijanye no kurima canke mu bijanye no gushora umwimbu wabo, kubw’inguvu n’ivyiyimviro biba vyashizwe hamwe.

Kubwa Serges Ntunzwenimana, umuremeshakiyago wo mu kigo Maison Parma co mu Carama ya 3, cishinze guteza imbere uburimyi no guherekeza abarimyi kuja mw’iterambere, ama cooperative ni kimwe mu bifasha abarimyi kwiteza imbere haba mu bijanye n’ubumenyi canke mu bijanye n’uburyo.
Nko ku bijanye n’umwimbu, ku barimyi basanzwe bari muma cooperative, umwimbu wahora ugorana kubika, bibafasha kuronka ingene bawubika n’ingene bawuhingura utarononekara. Akarorero, ni nk’amatomati, imyumbati canke ivyamwa vyahora bifatwa minerwe, ubu bikorwamwo izindi mfungurwa n’ibinyobwa. Mu gihe abatari mu mashirahamwe, naho boba bimbuye umwimbu mwinshi, bishobora kubapfako ubusa mu kubahomberako.

JPEG - 386.7 ko
Serges Ntunzwenimana, umuremeshakiyago wo mu kigo Maison Parma

Ikindi abarimyi bunguka muma cooperative, inyuma yo kuronswa ubuhinga bushasha, bituma begera abanyamitahe n’amabanki, abo nabo bakabashigikira mu kubaronsa ingurane, mu gihe iyo batagiye mu mashirahamwe bigorana kuronka uburyo bwo kwisununura.

Abarimyi bose bakaba batewe akamo ko kuja muma cooperative, bakirinda gukora bahomba, kuko abarima ku gatwe kabo, barima nk’abarimira abadandaza, mu gihe abarima bari mu mashirahamwe nabo, bararima umwimbu wabo bakawubika, bagafata n’ingingo yo kuvuga igiciro bonyene biyumviriye kandi badatinya ko vyohava bipfa hamwe batobashorera.

Tubamenyeshe ko ikigo Maison Parma cishinze guteza imbere abarimyi kikanabahereza mw’iterambere, gisanzwe gikorera mu makomine atandatu yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura no mu makomine atatu y’intara ya Bujumbura rural, hamwe no mu ntara ya Bubanza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.