Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarimyi basabwa kwitegurira agatasi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abarimyi basabwa kwitegurira agatasi

Abarimyi basabwa kwitegurira agatasi

mardi 9 Nyakanga 2014

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko bwatanguye kuvyitegurira irima, kuko bari batanguye guhimiriza abarimyi kugira barihe ifumbire hakiri kare, n’abo vyari vyagoye bakaba barongewe umwanya, kandi baranagerageje kuborohereza mu gusaba posita ko borihira ku biro vyayo bibegereye, kuko bayirishe kare bituma baronka iyo fumbire ku giciro kitavuna.

Abarimyi rero barakwiye kumenya ukuntu ifumbire y’ikizungu ikoreshwa kugira isi yabo ishobore kugumana akanovera, mu gihe isi y’Uburundi iguma itakaza ivyunyunyu n’ibindi vya nkenerwa igaca iba itakimera nka kera. Abarimyi barakwiye kuza baregera abigisha bindimo bakabereka ingene bafumbira.

Ifumbire y’ikizungu iza guha inguvu ifumbire y’ikirundi, akaba arico gituma bahanura abarimyi kugira uko bashoboye ahantu hose baja gushira ifumbire y’ikizungu babanze kuyisasira n’umwavu w’ikirundi kugira imvura igiye kurwa ntice itwara ivyunyunyu vyose vyari mw’isi, naya fumbire y’ikizungu igaca inyikirira mu kuzimu.

Abanyagihugu bo mu ntara zimwe zimwe bamaze kumenya ingene bakoresha iyo fumbire baremeza ko iyo fumbire yabafashije kuronka umwimbu ukwiye, nabo nyene bakaronka ico bajana kw’isoko bagasumira izindi ntara zitaba zimbuye ibikwiye, na rirya muri kino gihe haguma haboneka ihindagurika ry’ibihe.
Ubushakashatsi bugirwa mu burimyi kuvyerekeye ifumbire bumenyesha ko hagiye gusohoka ikarata yerekana ukuntu isi y’Uburundi imeze, n’ivyo ikeneye kugira ntibaze barashiramwo ifumbire uko ibonetse, ahubwo barabe ivyunyunyu iyo si ndimwa ibura abe arivyo bayongerereza kugira uburimyi bw’Uburundi butere imbere, abarimyi nabo babone kwiruhutsa kuko bazoba barima bakimbura bagashobora kwiteza imbere mu yindi migambi.


Anitha Bizimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.