IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarongoye ibihugu vy’Afrika basabwa kwubahiriza amategeko n’ibiringo (...)

Abarongoye ibihugu vy’Afrika basabwa kwubahiriza amategeko n’ibiringo vy’ugutwara

mardi 5 Myandagaro 2014

Ukurwanya ibiturire, gukingira ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru n’ukwubahiriza ibiringo vy’abarongoye ibihugu, bikaba biri mu vyashirijwe na John Kerry umunyamabanga mukuru wa Reta zunzubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire, mu gihe inama ihuza Amerika n’Afrika iriko iraba.

Mu nama iriko ihuza ibihugu bishika kuri 50 vy’Afrika n’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, bikaboneka ko ico gihugu ca rutura kirajwe ishinga n’iyubahirizwa ry’amategeko mu bihugu bitandukanye vy’Afrika. Umunyamabanga mukuru ajejwe imigenderanire mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika John Kerry akaba yaranabonanye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, nawe nyene yitavye iyo nama.

Abandi babonanye n’uwo munyamabanga ajejwe imigenderanire akaba ari umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, na Blaise Compaore wa Burkina Fasso, bose basabwa kwubahiriza amategeko, na cane cane mu kwubahiriza ibiringo bahabwa n’amategeko.

Mukamenya ko abarundi bari mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika bahurikiye mw’ishirahamwe Engaging for Action in Burundi (EFAB Biraturaba) bagize imyiyerekano, kuri uwu wa mbere, aho basaba ko Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa, bakamenyesha ko ikibanza ciwe kitari mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Basaba ubutungane bw’Uburundi kurekura uyo mutama arenza imyaka 60 y’amavuka, kandi asanzwe arwaye ingwara y’igisukari amaranye imyaka ine.

JPEG - 86.7 ko
Abarundi bo muri Reta zunzubumwe za Amerika, bahurikiye mw’ishirahamwe Engaging for Action in Burundi (EFAB Biraturaba), bari mu myiyerekano

Aristide Nizigire

Messages

  • Baryabarundirero mwabonye bigaragamvya iwa DC. Nibabandibarwiriyemwo abanezerezwa nokwumva habaye akantukabi mu Burundi kandiburya ntibashaka uwufasha uburundi ngohagitwara CNDD FDD! Baryaturabana uwushaka kumenyavyishi kuribo arambaza baryurevyenabi nijishoborigukuramwo.

  • Kumbure tworonka une bonne gouvernance itagira ubusuma buhanitse! 10 ans (2 mandats) suffisent kugirango abandi nabo baronke umwanya wogukorako.

  • Uwo yiyise hano hanze ashaka ko bafasha abo banyonyeza ubutunzi bwaba bavyeyi birigwa bararimana inzara munda!nabo barekuza inda nkibikere, navyonyene vyakera!canke uri muri bo?niwamange!

  • Ten years is enough to show whether you are potancial to the society you lead or not! My concern is that Peter Nkurunziza has to submit for I thing he has nothing special to add to what he has been doing rather than killing and harassing citizens .we citizens we are tired enough with his government . Ndavuga nsimvura!!!

  • Mbe mwabonye ingene araba haryavugati icompankataha nkabashiririza shirira mutama inggoma ivuzwankiyindi

  • Mbega benshi ntitubazi simihimbiri yagiyeyo ku manyanganyanga bamwe arabasuma abandi arabicanyi bakarungikwa nabamwe bamwe bari ngaho Ibujumbura .Emama ngo hari ababomoye kandi arukugira barondere icorirenza ubona ko ingwara ya gafaranga tutanayibuze.Abo rero ntibaragatangwa kwiyereka mu ma barabara ya washingitone Mbega uwokwica umuntu canke agaturira inzu y umwene burundi,,ntiyofungwa kubera agwaye sida canke Diyabete ?munyishure yemwe ba FOKODE Nabandi...

  • Ahaa Amareta Arantweza Benedata Nkagira Agahinda Ivyo Reta Yakoze Mumwaka72 Ubu Turiko Turavyishura Raba Sntb Agateka Kazinamuntu.(???)amakosa Yakozwena Reta Yarihari None Nitwe Twishura Agateka Kazinamuntu Ntakabaho Sinzi Nkiburaya Imana Iratubona.

  • Yes yes our president,uyo mugabo na Obama bose uze ubashiririze.ubashire kumurongo.bishoboka uzuze kuturaba ngaha Newyork barakunyotewe.abamanifesta bobo twe tuje kugushigikira amabarabara yokuzura kubera ubwinshi.barindire 2020kuko 2015 hoho umukenyuro waraheze.

  • Ben what do you mean if u say 10 years of killing peoples?just remember those proverbs akarimi kavuga inagore karagororoka and amaso y’ibikere ntabuza abavoma do’nt ignore what u done in the past

  • Mwaretse gutana ko imyilomo hagasomwa amategeko kimwe gusa ico maze kubona kumyaka 37ans maze nukobutegetsi buramvye bukora ibibi vyinshi kurusha vyiza ugasanga bene gutwara ben’intwaro yabo, bahavuye nabi eka nakazoza ikazoba mbi, nahumwe wese. Ko batipfuza kwabahohotewe 40 ans batwara, ni ugutinya ko babihora ou pas?

  • IVYO TUVUGA VYOSE, TWAMANE KU MUZIRIKANYI IRI JAMBO:"LA VÉRITABLE VOIE DU BONHEUR EST DE LE CHERCHER POUR LES AUTRES". GUTUKANA NTA KAMARO BIFISE. UMWE WESE AZOKWIMBURA IVYO YABIVYE. UWUZOBIBA URUKUNDO NO KUGIRIRA NEZA BOSE KAZOZA KAZOBIMUHEMBERA, UWUZOBIKA URWANKO N’UGUTURUBIKA CANKE KWICA, NAWE NYENE KAZOZA KARABIMWISHUZA NK’UKO KAHISE KABITWEREKA. ABARIKO BARADUTWARA UBU BIRINDE IMITEGO YA SHETANI, NTIHAGIRE IKIBI NA KIMWE KIVUGWA MU MIGAMBI YABO, IYO NIYO NZIRA Y’UMUNEZERO WABO MU MYAKA YOSE IMANA YATEGUYE KO BAZOTWARA. KANDI UWARIWE WESE AZOBA ARIKO ARATWARA UBURUNDI, ABA MU MUGAMBWE UYU CANKE URIYA SIVYO BIHAMBAYE, ARIKO YAME YIBUKA RYA JAMBO NGO "KULA KULIPA". WIBUKE KO UFISE ABANA KANDI KO UZORONKA N’ABUZUKURU. ICO UKORA UNO MUNSI, NIYO CADEAU URIKO URABATEGURIRA. RABA NEZA CADEAU URIKO URABATEGURIRA!!!

  • ako kantu kiyise #Ntacontemanga, komenya ko iki gihugu kicitwa Burundi,abakuru bazokwama bibona ko umengo ni bo bonyene bakeneye kuba kw’isi. Ngira ngo uwopfuma ahindura izina rya Burundi,rikaba Burundia ,ngira ngo ho vyopfuma Umunyagihugu agatunganirwa!!

  • BENSHI BASHIGIKIRA UMUNTU KUKO BAFISE IVYO BAHURIRAKO. ARIKO, UKURI KUGUMA ARI KUMWE; KANDI KURAKIZA. NI BARENGERE RERO IBIBATANDUKANYA BITEHO GUSA INEZA Y’IGIHUGU CACU. INDA YO YUZURA IVU.

  • www.isokoo.com Burundi’s Largest online Market
    Eeasy way to Sell and Buy products in Burundi and outside.

  • Ukubisikanyakubutegetsi ni vyiza, naho kubugumakocanke kurenza ibiringo subushingantahe!! Kandico cokuguma kubutegetsi n’ingwara igwaye AFRICA nka yose, mugabo nukumenyera gusangira ubutegetsi!!

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.