Abarorerezi b’agateka ka zina muntu na gisirikare bagiye kurungikwa mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 27 Ruhuhuma 2016 saa 03:08
Yasomwe : 97461
0 0

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rigiye kurungika mu Burundi abarorerezi ijana b’agateka ka zina muntu hamwe n’abarorerezi ijana ba gisirikare kugira bakurikirane uko vyifashe mu Burundi. Umukuru w’igihugu wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni akaba yasabwe gutumako ibiganiro.
Inyuma y’urugendo rw’iminsi ibiri rw’intumwa z’abakuru b’ibihugu vya Sénégal, Gabon, Mauritanie, Afrika y’epfo hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryasohoye icegeranyo c’ivyavuye mu (...)

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rigiye kurungika mu Burundi abarorerezi ijana b’agateka ka zina muntu hamwe n’abarorerezi ijana ba gisirikare kugira bakurikirane uko vyifashe mu Burundi. Umukuru w’igihugu wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni akaba yasabwe gutumako ibiganiro.

Inyuma y’urugendo rw’iminsi ibiri rw’intumwa z’abakuru b’ibihugu vya Sénégal, Gabon, Mauritanie, Afrika y’epfo hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryasohoye icegeranyo c’ivyavuye mu mibonano itandukanye izo ntuma zagiranye n’abanyeporitike, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abaserukira amashengero. Abo bakuru b’ibihugu bamenyesheje ko bumvikanye na Reta y’Uburundi ko hagiye kurungikwa mu Burundi abarorerezi ijana b’agateka ka zina muntu hamwe n’abarorerezi ijana ba gisirikare.

JPEG - 63.4 ko
Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, akaba ari nawe yari arongoye izo ntumwa

Mu cegeranyo casohowe n’abo bakuru b’ibihugu, Yoweri Museveni, umukuru w’igihugu wa Uganda yasabwe gutumako ibiganiro vy’amahoro kandi bidakumira, bizokwitabwa n’impande zose zikenewe.

Intumwa z’abakuru b’ibihugu vya Sénégal, Gabon, Mauritanie, Afrika y’epfo hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie bahora mu rugendo mu Burundi, bamenyesheje ko batewe umutima uhagaze n’urugero ubugizi bwa nabi n’ubwicanyi bigezeko mu Burundi.
Abo bakuru b’ibihugu bamenyesheje kandi ko bashimishijwe n’uko impande zose zihuriza ku kubona ko ibiganiro bihuza bose arivyo vyonyene muti w’ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

Reta y’Uburundi ikaba yemereye izo ntumwa ko igiye kugarukana icuka ciza muri poritike y’Uburundi, hamwe n’ukwubahiriza ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru mu Burundi.

Ico cegeranyo casomwe na Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, akaba ari nawe yari arongoye izo ntumwa zari zimaze iminsi ibiri mu Burundi. Ahejeje gushikira ico cegeranyo akaba yaciye afata indege imusubiza mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Amafoto


Kumenyekanisha

1
Meckson Mbon 2-03-2016 à 10:21

Imana Irakunda Uburund N’abarund Ntabwo Izabuhmukra.

2
leon 1er-03-2016 à 13:26

niyigarukire mutama yavuga ntavura mbega abo batagomba amahoro ngo bahunguke sibo banigagura abantu iyo cenard nihore

3
pu! 1er-03-2016 à 07:53

bazoba baje kwirorerera ukuntu tunigugw tugaramye,bazoba baj kwirira amafi ntarapport bazojana kurya gsa kuzob ar kunyura,mugab deux cent nibake tuzobufyita!

4
Jojo 29-02-2016 à 19:10

Nimusabe amahoro agaruke mu Burundi abahunze batahuke kuko nabo ni abarundi nkamwe. Bahunze k’ubwoba ubu ni imibu itera marariya iriko irabagandagurira mu nkambi z’impunzi. Mana garukira Uburundi n’abarundi !

5
hacigomba 29-02-2016 à 14:33

ndabaramukije none abobasirikare nizanteko? ndabajije

6
FELIX MUHIRE 29-02-2016 à 07:49

Birababaje kubona abantu bifitiye ivyiyumviro vyo gukokeza intambara bagashaka kwitirira ’ abene gihugu’ canke ngo’ abanyagihugu. Uko niko batanguye kudomeka umuriro, amaradiyo amwe bayita ngo n’Ijwi ry’abanyagihugu, kandi ata munyagihugu bagishije inama. Ubwo mutigiza nkana, ubwo ntimubona kw’ar’uguta umutwe ngo murabe ko hogira umunyagihugu abashigikira mur’ako kaguma kanyu? Tuvugishe ukuri: Ko mwiyitirira "abanyagihugu" nkuko nama mbona muvyandika, ubwo nk’ubu habaye amatora yandi yo muri 2020, ubwo mwebwe har’umuntu yobatora abona n’ivyo muriko murakora? Kubesha, kwica, gutukana, gucafuza ubutegetsi Imana yaduhaye ibicishije mu matora, nivyo bibaranga gusa. Emera ibiganiro, mureke izo mpunzi zitahe zoye kuribwa n’imibu yo mu makambi. Ni mureke kubabesha ngo bazotaha mwafashe igihugu, kuko igihugu gifise abo Imana yagitoranirije! Amase ya kera ntagihom’urutaro.

7
Kirimwabagabo nestor 28-02-2016 à 20:24

Imana n’ibane natwe!

8
Vyumavyindege Mbonerakure 28-02-2016 à 19:07

Umvandababwire uwozokwihenda mwizondorerezi agashiramwo akantu nakamwe kavuye kwakagame tuzoca tubereke uko urusato rwintama rwambarwa. Ndababwira ko Kagame acitwa prezida wu Rwanda ntibizigera vyoroha kuko Kagame kuvayubahutse kwifatira mugahanga H.E Petero Nkurunziza dusigaye tumubona nkikintu.

9
Oscar Munyemana 28-02-2016 à 10:33

Mana Dusenga Ntiwibagire Igihugu Cacu.Duhe Amahoro

10
Rukundanyamayimpene 28-02-2016 à 08:57

imbonerakure, ivyuma vy’indege eka nurundi rwaruka rw’indi migambwe ntabodushaka mu Burundi.

11
None? 28-02-2016 à 07:54

Ndabizi ko izinaryanje ryitwa None? Kundwa nabeshi abasi nabakunzi baribonye barishimacane bakarikubitira ikibanda kugezanaho bamwe bashima kuryitiza akabariryo bakoresha kugira ivyiyumviro vyabo birengana. Umvandababwi bakunzibanje namwebasibanje umuntu yakiresheje iryozina ryanje akavuga ngo: Huuuuuu nibaze ejo tuzinduka kubiyamiriza. Ivyosijewe navyanditse nuyundi muntu yitije izinaryanje. Umvandaba bwire jewe novugagute kotuzoza kubiyamiriza kandi arimwebwe twashatse kobaza kugira ukotuzoza turafata twamujeri tuvuye Rwanda tuzoce tutubereka!? Ewe Burundi uragasimba ibanga cambu cumuvukanyi wacu akunze kuduhinkuru ziryoshecane kurukutaruraho rwa fcbk.

12
Didy 28-02-2016 à 07:21

Nivyo izo ngabo nizize kuko ubwicanyi bwabaye ndanse turabe ko bwogabanuka

13
Rusakumba 28-02-2016 à 05:48

Hewe Falcon, hako Uburundi rusubira gutwarwa na rwa RUYOYA rwanyu, bwopfuma bubandanya gutwara na Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA, umugabo ashiririye w’intatinya urukamvye. Mbe warigeze wumva kw’isi yose Umuprezida akubitwa kudeta ari hanze y’igihugu ciwe hanyuma bukeye agaca asubira ku kirimba? Mbe aho ntacigwa mwahakuye mwa binwamaraso vy’Abahutu.

14
Rusakumba 28-02-2016 à 05:39

He we Jeruve humura, abazorenga kur’abo twumvikanye nta kundi ingwano twarayimenyereye, tuzoca tubarwanya. Ngirango arazi y’uko Intagoheka zidahengeshanya kurwanya umurwi uwo ariwo wose ushaka gusubiza inyuma demokarasi twagokewe mukuyitsimbataza mu gihugu cacu. Baje ku neza tuzobakiran’impundu, mugabo baje ku nabi tuzobakirana urufaya rw’amasasu.

15
Mi 28-02-2016 à 05:06

Biragoye Muburundi Paoritike Yaho Niyokwitonda Kwibaza Ico Wipfuza Kumenga Gica Kiba Ubwo Nyene Iyo Ningorane Kuvuga Cane Siwo Muti Inzoka Yoroshe Imira Iyigumye Gusabira Igihugu Ibihano Ninkukwicira Ishami Uryicayeko Ukibaza Kusawye Ibihano Kubera Ukunda Abanyagiqugu Ibaze Ubwo Wibaza Ko Iwyusawye Bigiye Mungiro Uwabisabiwe Ashonje Aragukunda?Wawundi Nawe Aca Avuga Ati Mushonje Kubera Uwasawye Ibihano Mbe Mbaze Uba Uhanye Perezida Canke Umunyagihugu?Kora Poritike Umuntu Yogutora Akwibuka Ico Wamaze Ugaye Umutegetsi Umuduza Uburakari Ashobora Gukora Nabi Nkuwikura Akagaye Reka Kudukwegera Kora Poritike Murupfasoni

16
Mdiku 28-02-2016 à 03:06

Amen.

17
Kazadi 28-02-2016 à 01:32

Urumugabope. Wifitiye ubwenge wahawe nimana.perezida nkurunziza numugabope.kandumwana yankwa niwabaho. Ngiyomanda wahawe nimana uyigejeje hagati.bamujerinabo bishinga kubweja

18
ernest 28-02-2016 à 01:09

Izondorerezi ziza kurora aho abarundi bicwa nkabana binyoni ntabwo arizo zihutirwa icihutirwa ninteko ahozova hose zoza gukingira abanyagihugu bariko baricwa na nkurunziza nakarwi kiwe naho zuma nankurunziza ivyobarimwo bizobahamburukana ntibagire Ngo abarundi ntituri maso zuma yibukeke iwiwe ntahonyene hari ingorane ariko mukuzikemura ntiyica abanyagihugu biwe Baca umuganingo iso akwanka akuraga ivyamunaniye ico nohanura bene wacu babarundi nuko mwobonako akimuhana kaza ihise nimwe mwicwa nimwe muborezwa igufa nimwe musahurwa nimwe mwagazwa si abanyamahanga kandingo uwigize agatebo bamuyoza ivu

19
sihondi 28-02-2016 à 00:44

aho oo!!!

20
M 27-02-2016 à 23:09

Birashimishije cane kuba abo bakuru,Bibihugu bishikiye hano muburundi bakironkera inkuru yi mvaho yu bwicanyi buriko bukorerwa abenigihugu.rero iyo ngingo ya shikirijwe yo kurungika abarorerezi baza hano gutohoza amabi ariko akorerwa abanyagihugu irashimishije,nokuba bumvikanye kubiganiro bitasobanura abanye poritike kuko niyo nzira ya mahoro. nayibaganiro bahora birirwa baratangaza ngo batanguye wa sanga bivugira ivyo guhindura ibwirizwa nshingiro ryi gihugu, ngo peter azokirage abuzukuru.Abakera barayamaze ngo umufa wi bwebwe unyobwa ugishushe, abobashikirijwe guhagarikira ibiganiro ni banyarutse kuko uko bateba niko nabantu babandanya guherengetera bashorwa kumacuniro nkimpene, bazoza kwibuka umwenigihuguwe atawukibaho.

1 | 2

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha