Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi baba i Abilene barungitse imfashanyo mw’ikambi y’ i Mahama
Abarundi baba i Abilene barungitse imfashanyo mw’ikambi y’ i Mahama
mardi 8 Kigarama 2015
Imiryango y’abarundi baba mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gisagara ca Abilene,barungitse imfashanyo igenewe abarundi baba mw’ikambi y’impuzi i Mahama mu gihugu c’Urwanda.
Iyo mfashanyo igizwe n’ibikoresho vyo kwifuka imbeho,impuzu hamwe n’ibikoresho vyo mu nzu,igenewe abarundi 46000 baba mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama.Ico ciyumviro catangujwe n’abarundi icenda baca bacumvisha abandi barundi n’abo mu bihugu bibanyi,abagenzi amashengero hamwe n’abandi basanzwe bafasha abantu bari mu bibazo.

Christian Ntare umurundi aba mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yamenyesheje ko gufasha impunzi mu bijanye no kwambara n’ibikoresho vyo mu nzu ari igikorwa gikomeye cane,kuko abenshi mu baba mw’ikambi y’impunzi bafise uburyo buke bwo gushobora kubaho.

Kubwa Bertrand Ndizeye uwundi murundi aba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko batokwirengagiza gufasha imiryango iri mu buhungiro kuko ubutunzi bwayo butifashe neza,kandi abenshi muri bo babaye mu makambi y’impunzi kandi bazi ingene bigoye.

Bitegekanijwe ko iyo mfashanyo izoshika kubo igenewe mu ntango z’ukwezi kwa gatatu (Ntwarante) mu mwaka uza,ariko hari umurwi uzova muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika uzoza gukurikirana ko iyo mfashanyo yashitse neza mu gihugu c’Urwanda,imbere yo guca i Dar Es Salaam,mu gihugu ca Tanzaniya.

Van Naris Mugisha
Messages
8 Kigarama 2015, 11:53, par Prosper
imana ibahezagire .kuko bakoze igikogwa ciza cane.bamane umutima wikigongwe.
8 Kigarama 2015, 12:26, par Gilbert
muragahor muribuk abiwanyu mubandany kwironker imigisha bavandimw
8 Kigarama 2015, 12:32, par Falcon
Komera bavukanyi IMANA ibongere imigisha,mubandanye kugira umutima mwiza wogufasha abavukanyi banyu bari mubibazo.
8 Kigarama 2015, 13:16, par Amandine
Imana ibahe umugisha . Mwagize neza ibasubiriize aho mwakuye mwese.
8 Kigarama 2015, 13:29, par LCB
Mubafashe n’uguhindura ivyiyunviro bahinduke bagire Amahoro mu mitima bagire IMitima y’urukundo nkurwo Mwabagiriye mubabere akarorero.NTIBANEZERERWE n’infashanyo zija zirabasanga mubuhungiro mugire rero muti n’iyihe ntererano twotanga mw’ikambi imahame no mu Gihugu c’uburundi kugirango Abarundi basezere guhunga kandi iyo Rija hose Abarundi badahindutse ngo bzkundane bareke gushihana nukuri batagumye bahunga YESU yavuze ati ukunde mugenzawe nkuko wikunda
8 Kigarama 2015, 14:43, par kijogo
Mungu awabariki
8 Kigarama 2015, 15:48, par Hutsi
Mwombarira impamvu batiyumviye kumpunzi zahungiye TZD kandibose arimpunzi zifise ingorane zisa?
8 Kigarama 2015, 16:16, par Rusakumba
Barundi muri Reta zunze Ubumwe bwa Amerika, ico ciyumviro mwagize ni ciza cane. None aho mushaka kuvuga ko impunzi ziri mu Rwanda arizo zikeneye imfashanyo zo nyene? Mbe ko mutiyumviriye gufasha n’izo muri Tanzaniya? Erega nta mwana n’ikinono.
8 Kigarama 2015, 17:36, par Frank
Barakoze nabari ahandi babonereho akarorero
8 Kigarama 2015, 19:38, par NORMAL BABUJ
ICIYUMVIRO NIKI NUKO BATAYIDUSHIKIRIZA UKO IRUNGIKWA NUKO BOZA BAKAREBA KO YASHITSE BAKANAKURIKRANA UBURYO ITANGWA KUKO KENSHI HABAMWO UBUSUMA MUBO BISHIKIRAKO
8 Kigarama 2015, 19:39, par NORMAL BABUJ
ICIYUMVIRO NIKI NUKO BATAYIDUSHIKIRIZA UKO IRUNGIKWA NUKO BOZA BAKAREBA KO YASHITSE BAKANAKURIKRANA UBURYO ITANGWA KUKO KENSHI HABAMWO UBUSUMA MUBO BISHIKIRAKO
8 Kigarama 2015, 19:40, par NORMAL BABUJ
ICIYUMVIRO NIKI NUKO BATAYIDUSHIKIRIZA UKO IRUNGIKWA NUKO BOZA BAKAREBA KO YASHITSE BAKANAKURIKRANA UBURYO ITANGWA KUKO KENSHI HABAMWO UBUSUMA MUBO BISHIKIRAKO
8 Kigarama 2015, 19:53, par Bertrand N.
@Rusakumba @Hutsi: Iyi ni intango kuko n’abari muri Tanzania ni abarundi nk’ abandi bose cokimwe nk’abari i Mahama. Murazi ko niyo imvura iguye itagwira rimwe hose. Izuba naryo ntirimurikira hose icarimwe. Iyaba mwari muterereye ivyiyumviro vy’ukuntu abari Tanzania twobashikira vyogira akamaro kurusha. Ariko uko twashoboye gufasha abambere nankeka n’abari Tanzania, DRC, Uganda tuzobashikira kuko iyadushoboje ivyambere izodushoboza n’ibindi. Ariko igikuru ni gusaba Imana rushobora vyose kugira ngo ibashoboze batahe kuko atawubifuriza kuguma munkambi.Murakoze
8 Kigarama 2015, 21:09, par JOSEPH BBBBB....
KUBWANJE NOVUGA NTI IMANA IBAHEZAGIRE ICO CIYUMVIRO SIMWE MWACIYUMVIYE AHUBWO NUMUGAMBI W IMANA YABACISHIJEMWO BIBAYE NANGOMBWA TUZOBASENGERA IZOBAHUBWAMI GUSA TURAFISE IKIBAZO UBU ABANTU BOSE NIBAKABOKO UWUKOZE ICIZA ARACUHIRA MURIGORE MUBIHEREKEZE MUBISHIKIRIZE ABO BENE DATA BARIKO BAZIRA UBUSA MURAKOZE.
8 Kigarama 2015, 22:43, par Murundi
Mwakoze Imana ihezagire aho mwakuye. Abilene nagisagara gitoya muri Texas. Ndizera ko mubereye akarorero keza DALLAS ,HOUSTON,SAN ANTONIO eka nabandi baba muyandi ma STATE benshi barabaye impunzi babonereho uwo mutima wurukundo mwerekanye. ABAVUGA NGO MWAFASHIJE ABI RWANDA GUSA NABO NIBABE BARAFASHA TANZANIA BAREKE KUVUGA GUSA.MUGIHE MUHAYE MURARONDERA IVYOGUFASHA ABO UMUTIMA WANYU UBABARIYE.
8 Kigarama 2015, 22:55, par Construction December
Ndabaramukije mwese mushobora gusoma ivyonanditse. Ahasikindi gitumye nandika ndashitse kubabwira ko ababantu mubona bakoze ibi ubirebeyengaha wokira nabantu bafise umutimamwiza wakatarabaho, ariko muvyukuri ndababwiye bike kuribo , mwoheza mukamenya icobita amabingira icarico. Jewe uyundikondandika mbana nababantu, ariko ibivyose begeranije ukwobabikorakwose nahobagenda babisaba narabibona kandi nanje ndakunda gufasha. Ariko muribintaconakoze bivayenuko mumisi yaheze mu Burundi haguye imvura yisegenya ihitana abantu nibintu vyishi Bujumbura Burundi jewe nabandi tumazekwumva ukuntu kw’Isi yose basemerera komu Burundi ibararyaguye kwabafasha bofasha najewe nabonyeko twogira icodufashije, ariko ndababwizukuri beshi ntibavyitayeho ahubwo bamwe bambwiye amajambo ateyisoni ajanye nivya politike ngwemama ngwigihangange cabo Nkurunziza ngonikibafashe nibindi ntavuze. Ndababwizukuri uyumusi murikigikorwa mubonacakozwe abataramucwanagato kotwofasha abomuri Gatunguru Bujumbura uyumusi nibobitanze batiziganya mbere bagiranumwe wokuvyemeza abazungu murikigikorwa mubona ahahejuru cokugarukira kumpuzi zahungiye Rwanda! Nihazogirarero abababwirako bamwe mubarundi dusanzwe tubahanze koharimwo abafasha kugumura benewabo bari Burundi ntimuzoharire. Ndababwirako nigeze kuganira numwe muraba bakoze ibibikorwa ambwirako nubwo vyogendagute ngowewe ntiyofasha uwugorewe Burundi, ikindingo iyaba harihikintu harihikintu yokora abarundi bose bakava Burundi ngohagasigarayo Nkurunziza wenyene ngoyogikora. Ivyorero mwinomisi iheze abantu barasa bicabantu Burundi nkomeza kmwibaza ko ko ashobora kubafisemwo uruhare mukurondera uburyo bwogutuma abarundi bahunga bakava mugihugu cabo bikaba noneho vyunyuwe nukuntu yitayehocane mukurondera uburyo bwogufasha abarundi bahungiye mu Rwanda. Ibinanditse nibabisoma barazakugereranya uwavyanditse kubera turazinanye arikontibaza kumenya uwavyanditse ariko barazakumenya umurwi wavuyemwo uwanditse ibi.
9 Kigarama 2015, 01:31, par rumuri
ibibintu jee mba hano abilene ntavyo namenye umve baritoye babigira ibanga barabikora ariko bakoze igikogwa ciza abatabimenye natwe tugiye kwikora kubandi dushobore gufasha Impunzi ziri muri TZ nabo nabantu kandi baragowe .
9 Kigarama 2015, 04:21, par Lyse
Yooooo muri imfura
9 Kigarama 2015, 07:50, par Mpozamarira Erias
Imana ibahezagire kubikorwa mwakoze.
9 Kigarama 2015, 13:24, par hatari
Ibibintu ntibitahuritse, None ko ababa ABILENE tutabajijwe natwe ngo duterere? Erega gufasha abarundi benewacu nivyiza. ntaco ntamutsi wishe ibere, reka twegeranye natwe infashanyo turabe izindimpunzi zizikeneye tuzizirungikire DRC na Tanzania impunzi ziruzuye
9 Kigarama 2015, 15:05, par Baobab
@Construction December
"Ibinanditse nibabisoma barazakugereranya uwavyanditse kubera turazinanye arikontibaza kumenya uwavyanditse ariko barazakumenya umurwi wavuyemwo uwanditse ibi."
Komera mwana w’umuntu!
Abo bagenzi bawe barungitse imfashanyo mu Rwanda niyo bahengamiye!
Hanyuma abadagi nabo bagiye kurungika iyabo muri Tanzaniya. Urumva ko nabo nyene ariyo bahengamiye. Kandi guhengama si bibi, ikibi n’uguherezayo umutwe! Turagahora turonka abafasha impunzi zacu! Mugabo nama nizera ko tutagisubira kubona abarundi bahungira imvura mu muvo hanyuma bikabandanya biba! Ndi mukwihebura aho ndi!
9 Kigarama 2015, 15:44, par Humanity
@ Construction December
None ngaho ushatse kuvug’ iki???? Uvuze byinshyi mugabo ntutubariye ingoran’ ingoran’ ufise nuko abantu bahunz’ ubusa kugira baze baronk’ infashanyo canke nuko har’ abatutsi bamacakubiri bacakiy’ infashano bene wabo hakurya yakanyaru??????? Well biri very clear!!! Ubu bigeze muri system mpene kwa mpene and Ntama kwa ntama. Intama yoba yarashiz’ uburyo bwayo mubwimen’ iratwengeje cane. Aho bigeze harageze mureka kubwejagura muvug’ ubusa. Umugabo naze turondere uko dufasha nizindi mpunzi ziri Tanzania kuko nazo nimpunzi. Mahama siho har’ impunzi gus’ Abafit’ imitima runtu nibaze turonder’ ukungene dufash’ impunzi zabarund’ aho ziri hose dukor’ ibitandukanye nabo ba Sans Echec barimo Magi nabo bandi ngo baba i Abilene.
9 Kigarama 2015, 17:00, par Bertrand
@Construction December
9 Kigarama 2015, 17:38, par Bertrand
.@Construction December
9 Kigarama 2015, 19:13, par Ramadhan
namungu awabariki
18 Ndamukiza 2016, 11:54, par NDAYIKENGURUKIY GERARD
Je ndu murundi ndi mwikambi ya nyarugusu mur tanzania,ico nobasaba natwe nimutugarukir kuk turabayeh nabi.