IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bahamagarirwa guhimbaza uwa 1 Mukakaro atabimenyetso vy’imigambwe (...)

Abarundi bahamagarirwa guhimbaza uwa 1 Mukakaro atabimenyetso vy’imigambwe bafise

lundi 30 Ruheshi 2014

Nk’uko vyama biba buri mwaka, igenekerezo rya 1 Mukakaro Uburundi bwama buhimbaza umunsi wo kwikukira, uwo nawo ugahimbazwa mu Burundi bwose.

No kuri uyu wa 1 Mukakaro uyu mwaka, abarundi bo mu mihingo yose y’igihugu bakaba bahamagarirwa kuza kwigina imyaka 52 iheze abarundi bariganzuye intwaro za gikoroni. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bubicishije ku munyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji Gerard Nyandwi, akavuga ko uyu mwaka uwo munsi uzohimbazwa ukuri kwamye, ku mirwa mikuru y’intara hamwe n’amakomine, havuyemwo igisagara ca Bujumbura, uwo munsi bose bazohurira ku kibuga citiriwe umuganwa Rwagasore.

Abandanya avuga ko, nk’uko uwo munsi wama uba, atamunyamugambwe n’umwe arekuriwe kwigina uwo munsi mu kimenyetso c’umugambwe. Iminsi mikuru yo kwigina uyo munsi rero ikaba ibandanya, amabarabara nka yose yo mu gisagara ca Bujumbura akaba akiriko arasigwa gushika kuri uyu wa 30 Ruheshi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.