IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bahungira mu Rwanda basubiye kwiyongera

Abarundi bahungira mu Rwanda basubiye kwiyongera

vendredi 21 Myandagaro 2015

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo bavuga ko ibitigiri vy’abarundi bahungira mu gihugu c’Urwanda vyasubiye kuba vyinshi kuva hagti mu kwezi kwa Myandagaro.

Abava mu ntara ya Kirundo bakorera ku rubibe rw’ Urwanda n’Uburundi mu gikorwa co gufasha ingenzi kujabuka,bavuga ko mu ntara ya Kirundo muri iyi minsi ivyo guhunga bitari biherutse. Basiguye ko abo mu zindi ntara ari bo bakunda kubasaba ko babafasha kubajabutsa.

Ku bahunze bamaze kujabuka urubibe,bashitse mu gihugu c’Urwanda,baciye ahitwa Nemba,bavuga ko kuva mu ntara iwabo navyo bitoroshe.

Ubushikiranganji ajejwe ibibazo vy’impunzi mu Rwanda bumenyesha ko impunzi z’abarundi mw’ikambi ya Gashora zasubiye kwiyongera. Kuva hagati mu kwezi kwa Myandagaro,ikambi ya Gashora iharura abarundi bamaze guhunga bashika 350,mu gihe mu minsi iheze bahora bakira abadashika 20.

Ikambi y’impunzi ya Gashora yakira impunzi iharura abarundi 11000 imaze kwakira,harimwo abarundi 3000 biyandikishije nk’impunzi bakaja kuba mu miryango.

Mwomenya ko abarundi batanguye guhunga mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza,umugambwe CNDD FDD uhejeje gutanga umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ngo awuserukire mu kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.