Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi basabwa gutekana bitegurire amatora hubahirijwe n’ibwirizwa (...)
Abarundi basabwa gutekana bitegurire amatora hubahirijwe n’ibwirizwa nshingiro
vendredi 13 Ntwarante 2015
Abarundi barakwiye gutekana, bakitegurira amatora meza, hubahirijwe n’ibwirizwa nshingiro, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’inama shingamateka y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, Daniel Fred Kidega.
Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, igenekerezo rya 13 Ntwarante 2015, umukuru w’gihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza yahaye umubonano umukuru w’Inama shingamateka y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko mushasha, Daniel Fred Kidega, aho yararamutse aza kumwimenyekanisha.

Umushingamateka Daniel Fred Kidega akaba yamenyesheje ko muri uwo mubonana kabaye n’akaryo ko gusaba Umukuru w’Igihugu c’u Burundi ko yoza kwugurura icese ibikogwa vy’iyo nama bitegekanijwe mu ndwi buca dutangura hano mu Burundi. Uwo mutegetsi wo muri EALA aranahumuriza ko ingorane z’ubutegetsi zari zimaze iminsi zivugwa muri uwo muryango wa EALA, ubu zisa n’izatorewe inyishu kandi bagiye gusubira kurangura ibikogwa n’ubwira bwinshi.
Umukuru w’Inama nshingamateka w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko yaboneyeho akaryo ko guhamagarira abarundi gutekana kugira bategure amatora atekanye, kandi y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Alida Sabiteka