IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi ibihumbi 10 barahunze imbere y’uko amatora aba

Abarundi ibihumbi 10 barahunze imbere y’uko amatora aba

mercredi 1er Mukakaro 2015

Abarundi ibihumbi 10 barahunze Uburundi mu kiringo kiri imbere y’amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yabaye kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi.

Naho hari abashoboye guhunga,abandi ntivyabakundiye kuko hari bamwe bakurwa mu modoka.Abandi baciye mu mashamba kubera gutinya abapolisi canke abandi bose bobabuza guhunga.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abagabo benshi bahunze kubera babona ko ata yindi nyishu ishoboka ku kibazo ca politike mu Burundi,kandi batabona uko ico kibazo kizotora inyishu.

Abarundi barenga ibihumbi 140 baramaze guhunga igihugu,kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane,inyuma y’aho umugambwe CNDD-FDD umenyeshereje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariwe azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.