Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Abarundikazi batatu bikekwa ko bagiye gucuruzwa bafatiwe mu Rwanda
Yanditswe taliki ya 25-07-2016 - isaha 10:57' na IGIHE

Igiporisi c’Urwanda cerekanye Abarundikazi batatu bafatiwe ku rubibe ruhuza Urwanda n’Uburundi, abo bafashwe bakaba bikekwa ko bari bajanwe kudandazwa muri Arabia Saudite.

Abo bagore bafashwe kuri uwu wa gatandatu, bakavuga ko bari babwiwe ko baronkewe akazi muri Arabia Saudite, bongera barondererwa ivyangombwa vyose vy’inzira.

Aba bafashwe bavuga ko babitewe n’ubukene bari babayemwo mu Burundi, ari naco gituma bavuga ko bari bagiye kurondera ubuzima, inyuma y’aho baburijwe akazi bakora, aho bakavuga ko bahora batembereza ibadandazwa mu gisagara ca Bujumbura, igiporisi kikaba giheruka kubirukana mu bibanza bakoreramwo.

JPEG - 71.1 ko
Abarundikazi batatu bafatiwe mu mupaka uhuza Urwanda n’Uburundi, bakaba bikekwa ko bari bajanwe kudandazwa muri Arabia Saudite

Abo bagore bavuga ko babwiwe ko baronkewe akazi, baca bibwira ko bagiye gutangura ubuzima bwiza, kuko bari babwiwe ko mu kazi baronse bazohora bahembwa ibihumbi amajana atanu vy’amarundi ku kwezi.

Mu nzira bari gufata kugira bashikanwe muri Arabia Saoudite, abo bagore babwiwe ko bazobanza guca mu Rwanda bagahura n’umuntu abajana baciye muri Uganda, bakerekeza muri Kenya, ari naho bari gufatira indege berekeza muri Arabia Saudite.

N’aho bari bafise impapuro z’inzira zanditseko ko bagiye muri Arabia Saudite, bageze ku rubibe Urwanda ruhana n’Uburundi (Ku Kanyaru) bavuze ko bagiye i Dubai kurangura ibicuruzwa, ariko inzego zijejwe kugenzura abinjira n’abasohoka mu Rwanda zirabikeka inyuma yo gusuzuma ivyangombwa vyabo.

Mu nyuma igiporisi c’Urwanda cabandanije kubabaza ibibazo, bahava bahindura bavuga ko bagiye mu Rwanda, kandi ubwa mbere bari bavuze ko bagiye i Dubai.

Umunyakenya yari kumwe nabo ku ruhande, yitwa Macharia Asman Wachira, ari nawe yategerezwa kubajana, yaciye atangura kubafasha kwisigura, abandikira agapapuro, abasaba kuvuga ko bagiye muri Uganda mu kazi, ariko babanza guca ku muntu ari mu Rwanda akabajanayo.

Ayo mayeri ntiyaborohereje, kuko yaba uwavuze ko agiye mu Rwanda bamubajije agace agiyemwo abura na hamwe yovuga, kuko aribwo bwa mbere yari agihonyoza ikirenge ku butaka bw’Urwanda, atazi n’agace kamwe kagize ico gihugu.

Uwo munyakenya Macharia Asman Wachira amaze kumenyekana ko ariwe ari kumwe nabo, nawe yaciye atabwa muri yompi, ariko yiregura avuga ko afise ishirahamwe (Firdaus Agency) rifasha abantu kurondera akazi hamwe na "Visa" muri Arabia Saudite, akavuga ko yari agiye mu Burundi kuraba uburyo ishirahamwe ryiwe ryokorera muri ico gihugu mu gufasha abakeneye kuja gukorera mu mahanga, akavuga ko iryo shirahamwe arongoye ryemewe n’amategeko.

JPEG - 78.7 ko
Macharia Asman Wachira avuga ko afise ishirahamwe (Firdaus Agency) rifasha abantu kurondera akazi hamwe na "Visa" muri Arabia Saudite

Yisiguye agira ati : "Abagore muriko muvuga bariko bagenda ariko batazi iyo bagiye. Ikindi, iyo uja gucuruza umuntu utegerezwa kuba umuzi, nawe akuzi. Ariko jewe sindabazi nabo ntibanzi, nta n’aho twahuriye. Ni gute wombwira ko hari aho mpuriye n’aba bagore ?"

Yamara abo bagore bavuze ko ariwe yababwiye ivyo bavuga, ndetse bakavuga ko ari nawe yabaguriye n’ivyo bafungura, nk’uko bari babisezeranijwe.

Umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda, ACP Celestin Twahirwa, amenyesha ko uwo munyakenya akibazwa ubwa mbere yabanje kwemera ko ari abantu ajanye muri Kenya, kuko afise ishirahamwe rironderera akazi abantu muri Arabia Saudite.

ACP Twahirwa yasobanuye ko ingingo zikomeye zafashwe ku buryo kugira umuntu ajabutse umupaka ava mu Rwanda aja mu kindi gihugu biba bisaba ko harabwa namba agiye vyemewe n’amategeko, akavuga ko uwoshaka kubikorera mu Rwanda canke uwushaka gukoresha Urwanda nk’inzira z’abajanwa mu bikorwa bitemewe n’amategeko bitazomworohera.

JPEG - 56.5 ko
ACP Celestin Twahirwa, umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda

Abo barundikazi uko ari batatu n’Umunyakenya umwe bari mu minwe y’igiporisi c’Urwanda, muri ico giporisi bakavuga ko bazosubizwa iwabo [abagore], ariko imbere y’ukurungika uwo munyakenya iwabo, igiporisi c’Urwanda kikazobanza gukorana n’ica Kenya gukira babanze basuzume namba vy’ukuri iryo shirahamwe Firdaus Agency rirongowe na Macharia Asman Wachira ribaho, kandi ko ryemewe n’amategeko.

Ivyiyumviro vyanyu

KUBERA IKIBURUNDI BATOBAFATANTAGIPORISI BARABAMPANDABIRONGORERE NIBEZA

8.08.2016 à 07:58
DEUS

URwanda rurakoze ubona gwotanga abashatse guhirika ubutegetsi vyoba arivyiza cane bifise umu maro.

31.07.2016 à 16:18
Burundi

Iporisi Turagishimiye Nibamuhashe Uwomugabo Navuge Nabandi Babafate Ntabihano Mufise Ngomubanze Kumuhana Konibindi Avyemera.

30.07.2016 à 22:02
Gorodien

Jew.Kubwanje.Niyumvira.Koboba.Bari.Bagiye Mukazi Ko Kugurisha Umubiri Ahubwo Bari Bakwiye Kubazwa Inyanduruko Yivyo Bintu

28.07.2016 à 23:22
Bosco Nsengiyumv

urwanda rwakoze kubafata. ese bofata abashatse gukubita coup d’Etat i burundi nabari mumyimenyerezo ya gisirikare ngo bazotere uburundi tutibagiye nabamaze imisi bahekura abarundi bahungiye murwanda !!! uburundi n’urwanda boca basubira kurabana ryiza. Abo bafashwe ntibihutirwa caaane gusumba

27.07.2016 à 23:34
moi

Nguri nzoyiyera ? Uragahera mumaguru kwa nyko wa mujeriwe musigaranye intambara zururimi ariko murindire nago tuzoruca musigare mugogomba twebwe aba zoulu ntimuratumenya cumama yako.

27.07.2016 à 15:35
cc wn

Ubu bucurizi.bukorwa na DMI . Baratibeshya ngo babafashe gusa ubu kagame yacurije nka 60 uyu munsi.

27.07.2016 à 13:37
Lili

Rwanda komera. shimiye igi porice cu rwanda igikorwa bakoze coguhagarika abo bagore ntibarengane, mukomere kurungamba rwanyu kuko nubu umugambi wa Nkurunziza wokudandaza abagore nabigeme urabandanya, none nikuki atodandaza umugore wiwe Deniza ? abura gutegura imigambi rwabahereze akazi nukubamarira mumahanga kubwinyungu ziwe ! nararavye ndabona kabisa,uwuzoba akiriho azocumugani.

27.07.2016 à 02:20
mzoyihera intagoheka

Dd

26.07.2016 à 12:16
fata

niyomwungere dismas

26.07.2016 à 10:09
71328997

Egome wosanga iyo company yuwo munyakenya ikorana naba DD

26.07.2016 à 09:48
Aferky

Eg iyongingo ije hageze ubundi Urwanda nu Burundi carigihugu kimwe nubu nikimenyamenya tuvuga ururimi rumwe.ntampanvuzotuma twisamburirako !

26.07.2016 à 07:55
Stone_kenny

abobagore,nibazendabahe akazi kukosinokabura, nayoivyokubafa,baribivye,nde ?

25.07.2016 à 21:21
######

abobagore kobabereye,cane nibaze ndabahe,akazi jewe ndabagire incoreke kandindafise akazi kobakwira,jewe mba mucankuzo,comine gisagara.zone camazi colline bumba.

25.07.2016 à 21:08
musase issa

NIBABAREKE BAGENDE KWIRONDERERA ABAGABO ABO NABAMARAYA

25.07.2016 à 19:38
NDUWAYO

Neza cane.Ngiyo Police izi akazi ikora.Apana vya binyabari biraho bijejwe kwica abo bokingiye !Komerezaho muje muraturabira bashiki bacu baherey muri Arabie na Oman guhonerayo kubera reta mbi igurisha abanyagihugu bayo.

25.07.2016 à 19:35
Ariane Fils

Police yu rwanda iraruhira ubusa kuko ntabwo igulishwa ryabantu iburundi ali ikibazo ntabwo ..nabayobozi abahaye akantu bagupangira abo washaka bose..bakabona ayo guhemba abakozi ba leta.

25.07.2016 à 16:21
Lili

NDASHIMIRA RETA YU RWANDA YIYEMEJE GUFASH’ABARUNDI.MUGIHE RETA YIBUJUMBURA,YAKOMEJE KUBACAFUZA.RETA YURWANDA YUBATSE KUMATEGEKO.

25.07.2016 à 13:28
RUKERANDANGA JEAN CLAUDE

ooooh,uyomuvugizi wa kagome,ivyavuga namahopa !kuva aho bakagiriye baca ahonyene mubaha inzira ubu niho mubonye komwobafata ?murahende abandi ayonamayeri nuko amakungu yabahagurukiye !

25.07.2016 à 13:17
CAKIRA

Police yu rwanda iraruhira ubusa kuko ntabwo igulishwa ryabantu iburundi ali ikibazo ntabwo ..nabayobozi abahaye akantu bagupangira abo washaka bose..bakabona ayo guhemba abakozi ba leta.

25.07.2016 à 13:13
Lili
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.