IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashikiranganji babiri ba Reta bishuye ku bibazo vy’abashingamateka

Abashikiranganji babiri ba Reta bishuye ku bibazo vy’abashingamateka

mercredi 16 Ndamukiza 2014

Abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi bishuye ku bibazo vy’abashingamateka mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe. Ibibazo nyamukuru vyakoranije abo bashikiranganji babiri n’abashingamateka ni ibijanye n’ingene umutekano w’igihugu wifashe, hamwe n’ugutanga umuco ku bivurwa ko Imbonerakure zahawe ibirwanisho. Abo bashikiranganji hamwe na Reta ntibavuga rumwe ku kibazo c’ishirwaho ry’umurwi w’itohoza

Kuva isaha zitanu z’umuhingamo wo kuri uwu wa gatatu, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi aribo Edouard Nduwimana ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe na Gabriel Nizigama ajejwe umutekano bariko bishura ku bibazo vy’abashingamateka, mu kiganiro c’ikibiriraho (en direct) cariko gica ku nsamirizi n’imboneshakure z’igihugu.

Muri ico kiganiro catangujwe n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, Piyo Ntavyohanyuma, abashingamateka bahabwa akanya ko kubaza ku bijanye n’ingene umutekano w’igihugu wifashe, hamwe n’amakuru yavuzwe mu rwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ruvuga ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho mu ntara za Makamba na Bururi.

Abashingamateka bari bitavye ico kiganiro ku bwinshi, n’abo mu mugambwe w’abadasigana UPRONA na FRODEBU Nyakuri bakaba bari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.
Abo bashikiranganji babiri Edouard Nduwimana w’intwaro yo hagati mu gihugu na Gabriel Nizigama w’umutekano, bompi bagumye ku mvugo y’ukubeshuza ko ata birwanisho vyigeze bihabwa urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD. Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’ubutungane yemeje ko bagenzuye ububiko bw’inkoho, kandi basanze zose zikwiye, ku bwiwe bikagora kwumvikana aho izo nkoho amajana atanu n’imyambaro ya gisirikare vyatanzwe vyoba vyaravuye.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasubiriye guhakana ibivugwa ko mu ntara ya Kirundo ko umutekano utifashe neza bivuye ku nkoho zahawe Imbonerakure, n’Interahamwe bivugwa ko zoba zavuye mu gihugu c’Urwanda kugira zifadikanye n’Imbonerakure mu bikorwa vy’ugutera ubwoba abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Edouard Nduwimana yamenyesheje ko umutekano wo mu Kirundo wifashe neza, kiretse gusa abanyagihugu bishika bakinubana bivuye kuri kahise. N’ibivugwa ko hari bamwe mu banyagihugu babandanya guhungira mu gihugu c’Urwanda, Edouard Nduwimana yabihakanye.

Reta irivuguruza ku kibazo c’amatohoza yokorwa

Abashingamateka babiri, Karori Nditije na Yohani Minani basavye Reta ko yoreka kuguma ivuga ko ibeshuza kandi amatohoza atarakorwa. Nditije Karori yamenyesheje ko Reta yari ikwiye kwemera ko hoba amatohoza mpuzamakungu, kuko ico kibazo c’ibirwanisho vyoba vyaratanzwe kimaze kurengana n’imbibe z’Uburundi, kikaba mbere gishobora n’ugutosekaza imigenderanire y’Uburundi n’ibihugu bibanyi.
Inyishu z’abo bashikiranganji ziguma zivuga ko amatohoza adakenewe ku kibazo bafata nk’ibihuha. Abo bashikiranganji mbere bashigikiwe muri izo nyishu n’umushingamateka Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD yamenyesheje ko ahubwo ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryobazanire ivyemeza kuvyo ryashikirije. Festus Ntanyungu, umushingamateka wo muri CNDD FDD we yashitse n’aho avuga ko Parfait Onanga Anyanga aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi yokwirukanwa mu Burundi.

JPEG - 1 Mo
Umushingamateka Pascal Nyabenda

Abashingamateka bo mu migambwe, nka Poppon Mudugu, Bonaventure Gasutwa, Yves Sahinguvu ba UPRONA, hamwe na Juvenal Gahungu wa FRODEBU Nyakuri, bose mu majambo bashikirije batangazwa n’ingene ubutegetsi busa n’ubushaka gukurikirana abashize ahabona ayo makuru, aho kurondera kuyatohoza kugira Uburundi n’amakungu bamenye ukuri. N’aho abo bashikiranganji na bamwe mu bashingamateka ba CNDD FDD berekana ko umurwi w’itohoza udakenewe, haraboneka ukuvuguruzanya kuri ico kibazo, kuko mw’itangazo ryasohotse ku munsi w’ejo kuwa kabiri, Reta y’Uburundi yasavye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon ko yotanguza amatohoza kugira ukuri kumenyekane.

Mu rwandiko rwateweko umukono na Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta, banditse bati : "Ainsi, pour lever toute équivoque inspirée par les effets du rapport du représentant du BNUB, et qui pourraient peser sur le climat électoral, le Gouvernement du Burundi demande au Secrétariat Général des Nations Unies de mener des investigations approfondies pour vérifier la véracité de ces allégations et surtout le mobile de ce montage avant de tirer une quelconque conclusion."

Mwomenya ko umushikiranganji wo kwivuna abansi Général-Major Pontien Gaciyubwenge nawe nyene yari yatumiwe atabonetse muri ico kiganiro ku mvo z’uko yafatiriwe n’ibindi bikorwa vy’amabanga y’igihugu, nk’uko vyashikirijwe na Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingmateka.

JPEG - 1 Mo
Umushingamateka Karori Nditije wo mu mugambwe UPRONA

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.