Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi hamwe n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi nibo batumweko mu nama nshingamateka y’Uburundi kugira bishure ku bibazo bitandukanye bihanze ubushikiranganji barongoye.
Mu kwugurura ico kiganiro kiriko kiba kuri uwu kane mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA, yasavye abashingamateka ko bobaza ibibazo batumwe n’abanyagihugu canke ibindi vyose bafise.
Pascal NYABENDA yamenyesheje ko inama nshingamateka uretse ugutora amategeko, bafise n’igikorwa c’ugukurikirana ibikorwa vya Reta, akavuga ko ico kiganiro ari ic’inama nshingamateka gusa, nkenguzamateka itarimwo.


Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi akaba yagarutse muri rusangi ku bibazo biza kubazwa, aho akavuga nk’ibijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu, uruhara rw’Urwanda mu bibera mu Burundi, igituma ubumwe bwa Afrika bwasavye ko MAPROBU yoza mu Burundi aho kubanza kwagiriza Urwanda, ikibazo c’abahunze Uburundi, ibirwanisho bikoreshwa mu guhungabanya umutekano bikavugwa ko biva mu Rwanda, abasirikare bagishaka gutembagaza ubutegetsi mu Burundi, n’ibindi.
Ico kiganiro catanguye nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine, tukaba tuza kukigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
Mu kurindira, ababishoboye bakaba bashobora kugikurikirana ikibiriraho (en direct) ku mboneshakure y’igihugu c’Uburundi (RTNB : Radio Télévision Nationale du Burundi)






Nahabashikiranganji babuze