Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashikiranganji batatu bariko bishura ku bibazo vy’abashingamateka
Abashikiranganji batatu bariko bishura ku bibazo vy’abashingamateka
jeudi 18 Ruhuhuma 2016, par
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi hamwe n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi nibo batumweko mu nama nshingamateka y’Uburundi kugira bishure ku bibazo bitandukanye bihanze ubushikiranganji barongoye.
Mu kwugurura ico kiganiro kiriko kiba kuri uwu kane mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA, yasavye abashingamateka ko bobaza ibibazo batumwe n’abanyagihugu canke ibindi vyose bafise.
Pascal NYABENDA yamenyesheje ko inama nshingamateka uretse ugutora amategeko, bafise n’igikorwa c’ugukurikirana ibikorwa vya Reta, akavuga ko ico kiganiro ari ic’inama nshingamateka gusa, nkenguzamateka itarimwo.


Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi akaba yagarutse muri rusangi ku bibazo biza kubazwa, aho akavuga nk’ibijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu, uruhara rw’Urwanda mu bibera mu Burundi, igituma ubumwe bwa Afrika bwasavye ko MAPROBU yoza mu Burundi aho kubanza kwagiriza Urwanda, ikibazo c’abahunze Uburundi, ibirwanisho bikoreshwa mu guhungabanya umutekano bikavugwa ko biva mu Rwanda, abasirikare bagishaka gutembagaza ubutegetsi mu Burundi, n’ibindi.
Ico kiganiro catanguye nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine, tukaba tuza kukigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
Mu kurindira, ababishoboye bakaba bashobora kugikurikirana ikibiriraho (en direct) ku mboneshakure y’igihugu c’Uburundi (RTNB : Radio Télévision Nationale du Burundi)






IGIHE
Messages
18 Ruhuhuma 2016, 13:51, par Iribuka
Nibabe barijajurira nibaheza bitahire ntaciza cova ahicaye nyabenda,we rusakumba wavuze ngo singana na nyabenda nkubwize ukuri: ntaho tuzigera tungana kandi ntitukangane we n’umwicanyi amaboko yiwe yuzuye ibitenga vy’amaraso kandi nubu ntarayahaga nanje ntamaraso anyagira,murangana wewe musangiye iyo migambi igayitse,ico ndakigusubiriyemwo ntitukangane ,ikindi jewe sindi umucangero nkawe muri famille yacu turitunze nibaze ko hagati yawewe nanje hari ikirere kinini
18 Ruhuhuma 2016, 14:09, par ernest
Abo sabashikiranganji nibantukamazina ukonugucafusa iyongoro ntabashikiranganji ntabashingamateka Bose nimbunuza gusa
18 Ruhuhuma 2016, 14:28, par gwaho burundi
muriyongoro yanyu nimubeshanye mwebwe nyene ariko twebwe bene burundi dukeney amahoro gusa
18 Ruhuhuma 2016, 16:05, par john
Wowe wiyise Iritunga ninde utitunze, iyo mitima yanyu yuzuye ubugome niyo izatuma mupfa mwangara
18 Ruhuhuma 2016, 16:28, par Mpozamarira Elias
@iribuka. Icyo maze kubona uri umwe mubadandaji ba genocide. Niba uri iyo za Mahama mukambi akazi warakabonye ko gukora publicité y’itunga rya Leta y’urwanda (genocide)
18 Ruhuhuma 2016, 19:35, par Felix Muhire
Ariko ivyo vyo kuvuganya imikomo nk’abungere ba kera bizobageza kuki? Ni mureke abo Imana yadutoranirije bakore igikorwa cabo. Ubwo urazi icaha mukora mu kwita abategetsi bacu ngo n’imbunuza kandi batowe n’abanyagihugu? Iyo tuba twari dushoboye gutukana nkamwe, twovuze ko imbunuza ari mwebwe kuko mwabuze amajwi mu gihugu, kandi muzi neza ko ata nayo muzopfa mubonye, hanyuma mugahitamwo kwirigwa murasesa amaraso. Bitebe bitebuke muzobona ko mwibeshe, canke mwicwe n’agahinda.
19 Ruhuhuma 2016, 07:31, par Vincent
Ngo Ingoro Nshingamateka!,ubu Barayiteje Ububwa Barayita Irindi Zina .Nka <Sall Yinkinamico>
19 Ruhuhuma 2016, 11:17, par Oscar
HUUU!!! AHORERO KOMUGIYE MUNANA MWEBWE NYENE NIMUBESHANYUNUZANYE IKINYOA KIKUBITIRWE AHABONA. IKINDI KANDIKIMBA VYUKURI URWANDA ARIGWO RURIKO RURATANGA IBIRWANISHO RURARABA NEZA RUGEZAHO. GUKO NIWABA ARUMUTIMA MWIZA RUFI TIYE UBURUNDI NATWE ABARUNDI TWAWUBONYE. ARIKO KIMWE GUSA NATWE ABARUNDI TUJE KUMAVI DUSENGE IMANA MAZE ABOBASHAKA KO BATUBURABUZA BAMARAMARE .
20 Ruhuhuma 2016, 05:22, par Mpozamarira Erias
Akokagabo kiyitiriyizina ryanje nikande? kamechanganiwa au kamerewa gongo.
21 Ruhuhuma 2016, 03:39, par ernest
Nahabashikiranganji babuze