IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashikiranganji bemeye gutanga 50 % kumishahara yabo

Abashikiranganji bemeye gutanga 50 % kumishahara yabo

jeudi 31 Nzero 2013

Inama nshikiranganji idasanzwe yarakoranye k’uwa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2013,mu ngingo zafashwe harimwo kwugara isoko nkuru ya Bujumbura kugirango isanurwe.

Nk’uko umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa Leta Philippe Nzobonariba yabimenyesheje,ngo muri iyo nama y’abashikiranganji idasanzwe yari irongowe n’umukuru w’igihugu barize ibintu bitari bike bisunze impanuka zashitse kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013 aho isoko nkuru ya Bujumbura yahiye.

Muri iyo nama rero harafashwe ingingo zitandukanye harimwo gushiraho ikigega co gushigikira abahuye n’iyo mpanuka,haruguruwe ikonte mw’ibanki nkuru y’igihugu ifise inomero 1110/1999 izojako uburyo bwo gufasha buzotangwa n’abantu batandukanye.Abashikiranganji nabo baremeye ko bazotanga igice c’umushahara wabo kuri iyo konte nyene.

Leta y’u Burundi yarateye akamo abashoboye gushigikira bose kugira berekane ko bifadikanije n’abadandaza bo mw’isoko nkuru ya Bujumbura.


Ngoti Nadege

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.