Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka ba buraya basabwe kwumviriza bose mu ngingo (...)
Abashingamateka ba buraya basabwe kwumviriza bose mu ngingo zifatwa
jeudi 16 Gitugutu 2014
Inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi, mw’itangazo basohoye kuri uwa kane, bamenyesha ko agateka ka zina muntu kifashe neza mu Burundi, naho rimwe rimwe haboneka utunenge, na cane cane mu bihugu bifise kahise nk’ak’Uburundi.
Mu nama yahuje abashingamateka bo mu bihugu vya Buraya i Strasburg kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga 2014, basavye Reta y’Uburundi kwubahiriza agateka ka zina muntu, n’amatohoza yigenga akorwe ku vyavuzwe na Petero Karaveri Mbonimpa, ko hari rumwe mu rwaruka rw’Uburundi rwoba rugirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Muri iyo nama, Uburundi bwasabwe gukurikiza amasezerano bwateyeko umukono y’i Cotonou, mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.
Abo bashingamateka b’ibihugu vya buraya barasavye kandi Reta y’Uburundi gukurikiranira hafi ibikorwa vy’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD rwagirizwa ko ruhohotera abatavuga rumwe na CNDD FDD mu gihugu hagati.
Mu nama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi bakaba basohoye urwandiko kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Gitugutu 2014, aho bamenyesha ko agateka ka zina muntu n’ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro vyubahirijwe ku rugero rushimishije mu Burundi. Muri urwo rwandiko rwateweko umukono na Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka, hamwe na Gabriel Ntisezerana, umukuru w’inama nkenguzamateka, bamenyesheje ko ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro mu Burundi bubonekera ku bwinshi bw’imigambwe igera kuri 45, insamirizi, imboneshakure hamwe n’ibimenyeshamakuru vyigenga birwiriye mu Burundi, co kimwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi abandanya kurwira.
Nk’uko Mo - Mamo KARERWA, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka yabishikirije muri urwo rwandiko, n’aho agateka ka zina muntu avuga ko kifashe neza mu Burundi, utunenge ntitubura, ivyo navyo ku bwiwe bikaba bishika mu gihugu icarico cose gifise kahise nk’ak’Uburundi, ari naco gituma inama nshingamateka na nkenguzamateka isaba ko hokwamaho ibiganiro hagati y’Uburundi n’abasanzwe babufasha, kugira ibibazo vyokwaduka bishobore gutorerwa inyishu.
- Mo - Mamo KARERWA, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka
Muri iryo tangazo ry’inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi nta na kimwe bashikirije ku bibazo vy’Imbonerakure za CNDD FDD zagirizwa guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi, imyimenyerezo ya gisirikare bivugwa ko ikorerwa muri Kiliba Ondes, hamwe n’urwaruka rwa MSD rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Mu gihe ivyo bibazo biri muvyari vyashikirijwe nk’amakenga y’abashingamateka ba buraya, inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi yasavye ahubwo ko abo bashingamateka boza barishikira ku rubuga, barondere ukuri ku bantu batandukanye.
Egide Nduwimana
Messages
16 Gitugutu 2014, 13:10, par Emery
Abo ntakundi barikuvuga kuko ni yaleta nyene ya CNDD-FDD bavamwo kandi bagendera kumategeko yayo nyene rero murumvako batokwisambura ariko bibuke ntamvura idahita.
16 Gitugutu 2014, 15:16, par john
Icari gikenewe nuko umutama baurekuye nayo ibisigaye reka tubirabishe amaso.reta ya ni reta
16 Gitugutu 2014, 18:45, par nwari
agateka karubahirijwe koko kuri mwebwe nyene mwasinye %!numushahara ukwiye !!! umusi mwashikiwe ncanke banyoko banyu nabenewanyu niho muzomenya ko kubahirijwe??????100% murabesha ubu niho mushaka amatohoza ??mwagira ngomurekuye mbonimpa ibihano bica bihagara haaa ??akataraza karinyuma????mutegerezwa kusonera abantu bose mubarekure /abanyepolitique batahe bose atakisabwe nakimwe!!!!?????imbonerakure nazo mutashaka ibara film yazo irahari ikwiye 100%mushaka kuguma muharira barayibereka mugabo mube mwiteguye kurira indege ibajana irahe!!!!! nabo mwari kwica bose birazwi kugira muce muregera kubahutu bose mwice batobatoye nuwendeye nyina mukuzimu yaramenyekanye reka kugira ubwoba jewe nagira murabagabo mujugumizwa niki haaaa raaaa DD
16 Gitugutu 2014, 22:15, par ndiho
nsanZe uyumuntu yiyita nwari bomunyarukana kwarojanti hakiri kare kuko namba atasaze yarahamutse
17 Gitugutu 2014, 06:00, par bizoza
Twebwe abanyagihugu bato bato nibatureke twitorere uwo tugomba ivyo kuguma bafunga abo batavuga rumwe canke ngo wewe ntiwemerewe kwitoza nukuri turabasavye abarongozi bareke ivyo vyo kuzibira abandi mbega bobo kugira bagere kubutegetsi bibaza kozari inguvu zabo gusa nibataNge. Amahoro ntibahende abanyagihugu ngo ntagisivya amatora araba ndi nikibazo nkeneye inyishu none abo kwitoje ko babamariye mu buroko abandi barezwe na banyinabobagomba hazitoze umugambwe umwe.
17 Gitugutu 2014, 06:41, par MVUZO
Mana!!! Ngwagateka kazinamuntu ngo karubahirijwe!!! Abantu baguma bagandagurwa bunyamanswa bahorwa ivyiyumviro vyabo!! Abandi bafungwa kubera kuvugukuri!! Hahaaa temba wantwaro we yaba DD ntaco reka tubasezerer iyowumva ntimutumara twese abarundi kuberiki ivyobabagiriza mutavyisiguyeko mwabiciye hirya komutahakanye ko harimbonerakure ziri ondes ?mwaravumwe mwobihakana kandi amakundu yarishikiye kubibuga wibaza ko batavuga ivyobazi
17 Gitugutu 2014, 07:41, par Kuri
MUBAREKE BAZORYA IVYATSI
NGO KARUBAHIRIJWE? KUBERA BAFISE IMUNITE ARIKO URAVYE ABONYENE MURIBO ABAMAZE GUKUBAGURWA
VYOGENDA GUTE KUMUNYAGIHUGU?