IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi : Abashingamateka bahakanye ugusubira kwitoza kwa (...)

Ububirigi : Abashingamateka bahakanye ugusubira kwitoza kwa NKURUNZIZA

vendredi 27 Ntwarante 2015, par Egide N

Inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Ububurigi yasavye ko imbere y’uko Ububirigi butanga igice ca kabiri c’imfashanyo igenewe amatora, ico gihugu cobanza kuraba ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira rugana ku matora atekanye kandi yitabwe na bose. Abo bashingamateka n’abakenguzateka bahagarira Ububirigi guhimiriza Petero Nkurunziza kutitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu 2015, kuko yoba ahonyanze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amasezerano y’i Arusha.

Mu nama yahuje kuri uwu wa kane abo bashingamateka n’abakenguzamateka b’Ububirigi, basaba kandi ico gihugu gukurikiranira hagufi ibijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, Ububirigi bugasabwa ko bwokorana n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, hagashirwaho n’ibihano bikomeye, n’ingingo z’ukwankira kwinjira muri ivyo bihugu ku bategetsi bokwagirizwa ivyaha, hamwe n’ukubafatira amatunga bafiseyo.

Abo bashingamateka n’abakenguzamateka basaba ko Ububirigi bwokwiyamiriza bwivuye inyuma amabi akorwa mu guhungabanya agateka ka zina muntu mu Burundi, hamwe n’ukuyahana, batibagiye ayakorerwa n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD zegamiye ubutegetsi, hamwe n’ayakorwa n’inzego za Reta. Ico gihugu gisabwa kurungika abahinga mpuzamakungu gukora amatohoza mu Burundi, ku vyaha vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu, abagiriwe n’ivyaha bahanwe ata nkunzi. Uburundi bugasabwa kandi ko bwokora amatohoza kubagandaguye ababikiri b’abatariyanokazi, hamwe n’urubanza rw’aba MSD rugacibwa hubahirijwe amategeko y’Uburundi na mpuzamakunguahanywe ata gukingira ikibaba.

Iyo nama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Ububirigi yagarutse kandi kw’iyubahirizwa ry’uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro, n’iterabwoba rikorerwa abaharanira agateka ka zina muntu rigahagarara.

Iyo nama nshingamateka na nkenguzamateka igasaba Ububirigi guhimiriza Petero Nkurunziza kutitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu 2015, kuko yoba ahonyanze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amasezerano y’i Arusha.


Egide Nduwimana

Messages

  • ububiririgi nibureke kwivanga mum abarundi ahubwo nibaze batubeire ukuntu bishe rwagasore ivytwazo vyapetero nibamureke niyonfanshanyo yabo nibagumye naka ivyagusa biterubwengebuke ntakwama tutezamashi uburundi buzoronderuko bubaho nakare baduha kuvyo batwivye kandi petero sububirigi bwamufashije kugira ashikirigihugu nibareke uburundi bwigenge ntitugitwarira kumategeko yabazungu bigaragarako ivyo cimpaye yavuze bisa nivyo bavuze ntibitanganje bavugivyo babapompe abarundi twarakanuye

  • @ Cimpaye
    Nimba waize ninde yakubwiye ko uwutigaburira yigaba?? Nimba wumva igifaransa ja kuri www.iwacuburundi.org wisomere ahavuga ngo: "La Chambre préconise de soutenir la société civile burundaise, en particulier en période préélectorale et électorale en plaidant pour et en veillant àce qu’elle ait suffisamment voix au chapitre, en prévoyant ou en renforçant des mécanismes spécifiques de protection des défenseurs des droits de l’Homme, conformément aux directives européennes, et en fournissant àdes ONG locales un soutien financier, en concertation avec les ONG internationales, afin qu’elles puissent contrôler le respect des droits de l’Homme et le processus électoral." Wisobanurire ico havuga.

    Nayo ivyo urota Uburundi bwigenga cira birarura kuko UmuDD wanyu mwaduhaye ari mubagumije Igihugu muri Dependence kuko yakoze bike caane vyotuma Ubwanyaburunga bwigenga. Ya Ma Avocats? Za stades? Ca giturire gisigaye kinuka? Kudahana inkozi z’ikibi? etc.......

  • Bimwe vyemezwa naba Pankrasi bomuri ADC IKIBIRO yohanze munamazabobo zisanzwe zikorerwa mwikigihugu cu Bubirigi bikavamwo nokwandikira Ben Kimon wa UN nivyonyene ababashingamateka Bububiligi bateruye ukovyabaye baravuga atanurunyuguti narumwe bakuyemwo canke ngobobgeremwo!Abakomeje kugiriranira ubucuti nigihugu gifise abashingamateka nabakenguzamateka bakorana 100% nabababatavugarumwe nama reta yibihuguvyabo jewe ntiturikumwe! Ngiyo impamvu ibihugo vyakoronejwe nababirigi bizokwama muntambara zurudaca, ububomara gushikiriza ubutegetsi abobiyumvamwo uyundinawe agacagenda akababwira ibindi nukwonye bokomeza bashigikira abashaka kwonona ibihari kuko muburundi ntagihenakimwe ibintubizobabimezeneza ariko bikwiye gutwarwa bukebuke ntabwo arinkukwo kwabobabirigi babivuze bobobamaze kwerekana kobatanguje intambara.

  • Akagambane ababirigi bagiriye Rwagasore baragasubiriye barahejeje kugambanira Nkurunziza nukuri!.

  • Toi qui te surnomme CIMPAYE, tu me fais rigoler. Imaginez si la Belgique fermait toutes les robinets. A leur actuel, le pays ne pourrait pas marcher mon frère. Tu oublies que le Burundi dépend àplus de 50% de l’aide extérieure. NKURUNZIZA ne peut pas faire ce qu’il veut, désoler pour vous. Quand la communauté internationale a coupé l’aide budgétaire au Rwanda, demande ce qui a suivi; le fameux "AGACIRO", ça te dit quelque chose? Nous burundais , on ne pourra jamais contribuer avec AGACIRO pour deux simples raisons: 1. Nos salaires sont tellement faibles qu’on n’arrive pas àtenir deux semaines, aho sinovuga ukwezi. 2. Avec les malversations actuellement, .... je ne vois pas comment , je pourrais donner ma contribution tant que vous ne faites rien pour développer le pays. Ayo mwiba arakwiye ntitwobagaburira kabairi.

  • Ayo makuru niyo kubwineza y’igihugu n’abanyagihugu.Peter nkurunziza na reke abandi batware kuko vyaramunaniye.Igihugu gito nk’uburundi kikamunanira guteza imbere abanyagihugu bakabandanya kwicwa n’inzara ateye isoni ubutegetsi bwiwe n’ubwo amaraso gusa nivyo ashira imbere mugukumira abatavuga rumwe nawe.Amakungu ahindure uyo mugwi CENI umuteye amanyama mukumwibira amajwi

  • Abashingamateka biburaya nibo bazoza gutora mu Burundi? Barya nibatureke twe nitwe tumenya ikarata irya izindi . Peter murke yitoze hama tumumaramaze twe abanyagihugu. None dutinya iki?

  • Wewe w’iyita Nuwera urabanza usubire kw’ishure umenye ingene bandika ikirundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.