IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahoze ku rugamba basaba ko hovaho akarenganyo k’ugushigikira (...)

Abahoze ku rugamba basaba ko hovaho akarenganyo k’ugushigikira bamwe

vendredi 20 Ruheshi 2014

Ishingwa ry’ikigo c’igihugu c’abahoze ku rugamba, hamwe n’uguserukirwa mu nama nshingamateka, ni bimwe mu vyasabwe mu nama abohoze ku rugamba, abasubijwe mu buzima busanzwe hamwe n’abakukuruke bagiriraniye n’umuhuza w’abarundi.

Muriyo nama yari ijanye n’ukugene abahoze ku rugamba bashobora gufasha mu gitsimbataza amahoro, umutekano n’umwumvikano rusangi na cane cane mu gihe c’amatora, barigishijwe uburyo bashobora kwigenza muri ivyo bihe.
Bimwe mu vyo bigishijwe, hakaba harimwo inyifato nziza bogira mu gihe c’amatora. Barigishijwe kandi n’ukugene bashobora kwiteza imbere mu gushinga amashirahamwe yo kwiyungunganya.

JPEG - 75.3 ko
Egide Hakizimana, ishirahamwe ry’abahoze ku rugamba, NCCVA (National Civilian Corps Volunteers Association)

Inyuma y’inama yamaze iminsi ibiri, bamwe mu baserukiye amashirahamwe yari yatumiwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, barashoboye guserura ivyiyumviro vyabo.
Egide Hakizimana, umwe mubarongoye ishirahamwe ry’abahoze ku rugamba, NCCVA (National Civilian Corps Volunteers Association) akaba yamenyesheje ko iyo nama yari ijanye no gutsimbataza amahoro n’umutekano n’umubano rusangi yabafashije mu gusohora akari k’ababakiye.
Gushinga ikigo c’igihugu c’abahoze k’urugamba (Office national des ex-combatants) yaba aba FAB, yaba abasubijwe m’ubuzima busanzwe canke abakukuruke, kirongowe n’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, bikaba biri muvyo basavye kugira bashobore kwunga urunani.

Egide Hakizimana arongoye ishirahamwe NCCVA, riri mubari batumiwe, avuga ko ico kigo basavye ko coshirwaho inyuma yaho bigaragariye ko abari mu gisirikare ca Reta basubijwe mu buzima busanzwe, aribo bonyene baronka uturusho tumwe tumwe, abari mu mirwi irwana batarimwo. Muri utwo turusho naho hakaba harimwo, ukurihirwa muri INSS, ikarata yo kwivurizako MUTUEL hamwe n’abavunikiye ku rugamba bafashwa mu kuvuzw n’ubushikiranganji bwo gushigikiranira.

Mu mubonano bagiriraniye n’umuhuza w’abarundi, amashirahamwe y’abahoze ku rugamba akaba yasavye ko aka mwana wa mama kovaho, bagashigikira bose mu migambi yabo atawe bakumiriye.
Ikindi nyamukuru bashitseko, n’uko mu gihe c’amatora, bishoboka boshirwa mu murwi w’abazofasha kuyacungera kuko abenshi biteze ko abahoze ku rugamba bari muzohava batoba amatora.

Abo bahoze ku rugamba baranasaba igitigiri c’ababaserukira imbere y’amategeko kugira baronke aho baza baritura ingorane bagenda barahura nazo, hongere habeho n’ikigega kugira bashobore kuza bararangura nabo imigambi yo kwiteza imbere.


Mariella Bukuru

Messages

  • UBURUNDI BURAKENYE IZO INSS ZOSE ZOVA HE?? KO ATA FARANGA DUFISE ,,GUSA ABAHOZE KU RUGAMBA NIBINJIRE MU MA SHIRAHAMWE NABANDI BA NYAGIHUGU BAKORE NTA KUNDI...EREGA NIHO BAZOBATUMA KURWANA KUKO BAZI KO MUTISHOBOYE YEMWE ,,EREGA DD IBASONZESHA NGO MUGONDOZWE MUKORE IVYO BASHAKA ,,MBEGA PRECESSUS YA DEMOBILSATION KUKI YABASIZE MU KANGARATETE!!!!!????KUKI BATUMIRA ABO BAZI GUSA HEEE BARARABA NEZA ITAVYAYE INYANA IVYARA IKIMASA ,,,,BASHAKA GUTEGURA ABATOBA AMATORA TURABIZI...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.