IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasuma batanu bateshejwe bariko biba ivyuma vya REGIDESO

Abasuma batanu bateshejwe bariko biba ivyuma vya REGIDESO

samedi 22 Ruhuhuma 2014

Abagabo batanu harimwo abakozi bane bo mw’ishirahamwe REGIDESO bafashwe bariko bariba ivyuma, bakaba bafatanywe ibiciye amafaranga angana n’imiriyoni z’itanu z’amarundi.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi ISANGANIRO abimenyesha, mu bubiko bwa REGIDESO bahora babona ko hariho abantu biba ivyuma, ariko ntibashobore kubafata, ariko guca baha akazi abanyezamu bashasha, abo nabo bakaba bakora akazi mu mpisho, ku buryo baba bari mu bubiko n’uwuri hanze ntashobore kubumva. Niho abo bari imbere, baja babona abo basuma binjiye, baca barabafata.

Abo basuma rero baremera ko ubwo busuma bari babuteguye. Désiré Nsengiyumva, umwe mu bategetsi bo muri REGIDESO, amenyesha ko amatohoza agiye gukorwa kugira abakora ubwo bubisha bose bamenyekane. Tukaba twobamenyesha ko kuva muri aka gatondo, haciye hatangura isakwa mu masoko atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, kandi bimwe mu vyuma vya REGIDESO vyibwe, bikaba vyagiye birafatwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.