IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatanze isanamu nziza mu makungu bakejwe n’umukuru w’igihugu

Abatanze isanamu nziza mu makungu bakejwe n’umukuru w’igihugu

vendredi 2 Myandagaro 2013

Abanonotsi, abakinyi b’umupira w’amaguru n’abandi bateye iteka igihugu mu makungu bakejwe n’umukuru w’igihugu Petero mu mubonano yabahaye kuri uyu wa gatanu, akaba yabipfurije gutera imbere hamwe n’ukubera akarorero abandi barundi n’amakungu.

Muri abo banonotsi, harimwo umwigeme Francine Niyonsaba afise ikibanza ca mbere kw’isi yose mu biruka imetero amajana umunani, akaba ari nawe azoserukira Uburundi mw’ihiganwa rizobera mu gihugu c’Uburusiya. Abandi bakiriwe ni abanonotsi bo mu nkino za Judo, Tae Kwo Do, Boxe, Handi Sports, bose bakaba bagiye baratwara imidari mu mahiganwa haba mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’ahandi.

Ku ruhande rw’abakinyi b’umupira w’amaguru, imirwi yakiriwe n’umukuru w’igihugu ni Vital’O FC waheruka gutahukana igikombe co mw’ihiganwa CECAFA “Kagame Cup”, n’ishure ry’umupira w’amaguru Messager FC ryatahukanye igikombe, mu gutsinda umurwi wo muri Senegal mu rukino rwa nyuma mw’ihiganwa ryariko ribera mu gihugu c’Uburusiya.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe, ako kabaye akaryo ko gushimira abadahengeshanya gutuma ibendera ry’Uburundi riduzwa mu makungu, kuko aribo batuma Uburundi bwerekana ko bushoboye, gutyo bukaba nyabagendwa.

JPEG - 35.6 ko
Willy Nyamitwe, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Inyuma y’abo banonotsi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahaye umubonano umushikiranganji w’akazi ka Leta, umupfasoni Annonciate Sendazirasa yaheruka kuronka agashimye i Dakar, ko mw’ihiganwa ry’ubushikiranganji bwerekanye ibishasha mu bushakashatsi mu ntumbero yo guteza imbere akazi. Sendazirasa Annonciate yari kumwe n’uwahoze ari umushikiranganji w’indero Saidi Kibeya yaheruka nawe kuronka agashimwe k’uko yateje imbere igisata c’indero.

Kw’izina rya Leta n’abarundi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yakeje abo bose bateye iteka igihugu, abipfuriza ko iyo yobabera nk’intango, Uburundi nabwo bukomeze kuyagwa neza mu makungu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.