IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatavuga rumwe n’ubutegetsi nta cizere bakuye mu mubonano bahawe

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi nta cizere bakuye mu mubonano bahawe

vendredi 26 Ruhuhuma 2016, par egide

Abakuru b’igihugu bari mu rugendo mu Burundi ntibashoboye kubonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuri uwu wa kane nk’uko vyari bitegekanijwe. Uwo mubonano wungururijwe kuri uwu wa gatanu.

Ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, abo bakuru b’ibihugu babonanye n’abanyeporitike, abaserukira amashengero hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.
Abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura bakaba bamenyesha ko ata cizere na kimwe cavuye mu mubonano bagiranye n’uwo murwi w’abakuru b’ibihugu urongowe na Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo.
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yakiriwe muri uwo mubonano akaba ari SAHWANYA FRODEBU hamwe na UPRONA irongowe na Karori NDITIJE.

Inyuma y’uwo mubonano wamaze amasaha abiri, Karori NDITIJE yamenyesheje ko izo ntumwa z’abakuru b’ibihugu ata kindi cazizanye atari ugushigikira igumizwa ku butegetsi rya Petero NKURUNZIZA. Nk’uko uwo arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi yabimenyesheje, umukuru w’igihugu Jacob ZUMA yakuye ikibazo c’ikiringo ca gatatu ku rutonde rw’ivyoganirwako, yongera asaba abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko bwokwubahiriza ingingo yafashwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ko ikindi kiringo ca Petero NKURUNZIZA cemewe n’amategeko.

Imbere y’ukubonana n’abanyeporitike, abaserukira amashengero hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, umukuru w’igihugu Jacob ZUMA yabanje kuja kwunamira intatemwa ya NDADAYE Melchior, incungu ya demokarasi, hamwe n’intatemwa y’umuganwa Rudoviko RWAGASORE, yarondeye intahe y’ukwikukira.


IGIHE

Messages

  • aho rero.....abaribarindiriye amagaburanyama nibasubize ameru mwisaho!!!!!...muntumwa zose zimazekugendera uburundi ababashingahe nibo bavuze ukuri, abandi bahora baza kwitemberera gusa...ntahovyigezebiba oho sentare yubagiriza imbwirizwashingiro ivuguruzwa ivyo ntahovyakabaye....

  • Komera Mutama Zuma!Mbe Ko Karori Na Léonce Bipfuza Ibiganiro Ubu Naho Bakaba Bitoza Utunyoni Mukuvugako Jacob Zuma Nabo Bazanany Atakindi Cabazany Atari Gushigikira Mandat Ya 3 Irongowe Na Nyakuhwa Imfyura Y,uburundi Petero Nkurunziza Ngo Agume Kubutegetsi,Abobobo Babits Ibijuju??Ewe Karoriwe Na We Léonce Ni Mureke Guhahamira Ubutegetsi Bwintebe Y,umukuru W,igihugu.Burya Imana Niyo Yambika Imigisha.Nimutenyeny Mube Murabumbwa Ningero Zanyu Imana Yabahaye Murindire Imyaka Itana Simyinshi!Iheze,muzoc Muja Mwihiganwa!Twe Abanyagihugu Ntuzobatature!Irikanura Cane Ntiryiha,kandi Imvugira Cane Kuyamara Y,umugabo Ikundwa Nabake!Ahaaa!MUzoba MUrambwir Ntawuvuma Iw, Imana Itavumy Ngo Imivumo Imufat!Ahubwo Igaruka Kuba Imigisha.MUrabaza Benewabo Nayosefu Ivyo Bakorey Yosefu.Bibwira ko Bazimangany Ubuzima Bwiwe,ariko Kubera Yosefu Yarikumwe N, Imana,Imana Yariyerekanye ko Atawufise Ijambo Kubuzima Bwiwe!Na Nkurunziza Petero.Iyamwis Izina Akiri Urusoro Munda Yanyina,ntaho Yagiy!Iracari Kungoma.Ntabwo Iryama Ngo Isinzir

  • BAKOZE KWUNAMIRA ABACU BAGANDAGUWE NA ZANTWARO Z’ ABA GENOCIDAIRES.
    ABO NIBO N’ UBU BATUBUJIJE AMAHORO KUKO BAKUMBUYE IZO TWARO ZATUMARIYE ABACU. UBU BITWA BA MUJA(hidine).

  • Jacob zuma yagirizwa kwiba ubutunzi muri afirika yepfo none yofasha iki abarundi?

  • JEWE NARI NABIVUZE IMBERE Y’IGIHE KO ATACO TWOKWITEGA KURABO MBEGA HARYA BASHITSE BAKIRWA NA NKURINUKA YABABARIRA AMAKI NTIYACA AKORESHA YAMAROZI YAKURA IKUZIMU,ABO NABO BATAJE NGO DUSHIRE INGUVU HAMWE TWIGWANEKO IYOMINIHO BAZOYIPFANA

  • Turiyamirije iyo ngendo nimvugo yu mukuru wigihugu ca Africa zuma atakindi igamije Atari ugushaka kudusamburira igihugu hamwe nugusubizahamwe inyuma yimyaka cumi ivyovyose tukaba tubikesha amasezerano yarusha none Ngo ivyikiringo cagatatu ntibivurwe kandi indyane uburundi burimwo gushika ubu arico caziteye mbewewe kuki atogenda ngoyitoze iwabo ubugira gatatu ejombundi kwabanyagihugu biwe bagiye mwibarabara bamwiyamiraza kwataho yigeze ashora igipolisi kurasa abanyagihugu biwe ahubwo ntazasubire kugaruka niba arico kiba camuzanye kanatsinda niwe agize imisi aha ibirwanisho nkurunziza mumpisho biciye muri Congo nomuri Tanzania ntagirengo abarundi ntitubizi natuvire muvyacu ntawe dukeneye nivyobirwanisho yazanye turazi kwatakindi yabizaniye Atari ukubisigira abariko baratumara

  • None bazaywe ’iki? Kweri nyeni mugita n’wufashikirindi

  • Ariko opposition y’i Burundi ibaho cyangwa ni ibihimbano. Uretse Rwasa bariya bandi ninde wajya mumatora ngo abone amajwi 2/100? Bakina politique y’umunwa gusa. Nibagume mumakungu aho banitse amenyo banywa ibiyeri kuko ntakindi bashoboye. Ngo barwanya Nkurunziza!!! None se ko birwa batera grenade mutubari, amasoko,...bayobewe aho abasoda bari.

  • jewe numva ataco yabeshemwo zuma ivyo vya banditije na ba leonce vy’intwaro mfatakibanza abarundi ntavyodushaka.gusa abarwanya reta nibitegurire amatora ya2020kuko nintambara ntayobazoshobora abanyagihugu bararushe.tuzokwiyamiriza uwoza atuzanamwo intambara.mbabajwe nimpunzi bagize urudandazwa amazuyabo yugaye kandi amahoro ariyose bagashima ubuhungiro.

  • jewe numva ataco yabeshemwo zuma ivyo vya banditije na ba leonce vy’intwaro mfatakibanza abarundi ntavyodushaka.gusa abarwanya reta nibitegurire amatora ya2020kuko nintambara ntayobazoshobora abanyagihugu bararushe.tuzokwiyamiriza uwoza atuzanamwo intambara.mbabajwe nimpunzi bagize urudandazwa amazuyabo yugaye kandi amahoro ariyose bagashima ubuhungiro.

  • ISABATO NZIZA MWESE,IYABA UKO MWIRUKA MUVYISI ARIKO MWIRUKA MUVY IMANA!!!BIBA BIBEREYE CANE.W IBUKE KUZIRIZA UMUSI WISABATO.KUVAYO 20_8

  • Opposition komeza mutera za grénades niho muzoba mwerekanye ko muri abagabo. Komeza muniga abanyu hanyuma mugaca musimbi kw’isuzu ry’inzu ngo baratumaze. Mwari muzi ko ivyo binyoma vyanyu kuva Uburundi bubaho bizokwama ari uko gushika isi ihere? Amakungu n’uko mutumva kandi mutabona yarabakenyuye.Urudandazwa rw’ibiziga, rwa génocide ntirucunguka. Aho mwakarungikiye abaja kwiririsha no gupfundika ibinyoma ngo bakwire isi kudandaza imivyimba, ni kera. Ndibuka conférence i Louvain-la-Neuve ya Maggy Barankitse na Louis Michel nkumva iseseme.Mwari muzi ko bizobandanya uko? Nuko mutumva, nyakubahwa Nkurunziza yarababwiye ko ata génocide izosubira kuba mu Burundi. Gisigura iki? Nta murwi w’abicanyi ukoreshwa na shetani yo gusesa amaraso, kumara abantu , ugaca usimmbira kw’isunzu ry’inzu ngo turahonye, uzosubira kubandanya ibikorwa bibi vyawo.Amakungu yarabahinyuye, teshwe mute.

  • Imana igiye kudukurako abicanyi,vuba uwo ZUMA ntaco twari tumwitezeko urazi ko ariwemupresident wambere arya IBITURIRE NA Piter Urumva ko bafise ico bahurirako . abahutu benewacu ,abatutsi ,abatwa duhaguruke turwanye iyo twaro mbi.

  • Reka Tuje Gufata Inkoho Ntakundi.

  • Reka Tuje Gufata Inkoho Ntakundi.

  • KOMERE MURABAGABO BINTWARI NIZERE irishura erneste NaBANDI BAMWE BITAZ IRIYE BA SINDUMUJA KO MWAROSIYINVAHO EJO MWAVUZE NGO TUZOGIKWIGWAHEHE NIYO TWABONA BA SINDUMUJA BAJE NICUBAHIRO EHEEE !BIRAHAYE BIRAZA MUTAMA YARABWIYE MURICAYI CAYI TU

  • Bacumugani Ng;ukorahasi Ukibuts’imbwa Ibuye.Bashak Bonger Kutwibutsa Abacu Bapfuye?

  • ABO BASHITSI NIBAKOMERE KWIJAMBO ABASHINGANTAHE TUGOMBA NABO NIBAHANGAME

  • ahubwo murantangaza ntavyo mwarimuziko abobakuru b ibihugu vy afrika ko arabakozi bumwami wisi yotse nkurunziza?ntaco bovuga baramutinya shebujawobo.ahubwo bona batevyekwigira mubihugu vyabo

  • Ok. Kagome Numuhunguwiwe Niyombari Hamwe Nababakoroni Mutama Ndabirabe Yamavuga Mubivugakwiki Mwampunzi Mwahenzwe Nakagame Ubuntimurabonukuri Intahe Yarirongowe Nanyakubahwa Mutama Zuma Irarureganuye. Ntawovuma Abimana Yahayumugisha.

  • Ariko Zuma yomara iki?
    Wewe ubwiwe yanyuruje umutungo w’igihugu asubiramwo inzu yiwe bwite, a ashingamateka, babivuzeko acakoresha igikenye ngo azoriha, Zuma numugambwe wiwe ubu Bari muyabira bagiriza USA ngo gushika guhirika ubutegetsi bwiwe! Zuma niwe yafadikanije na Congo mukwinjiza ibirwanisho mugihugu vyokwica abanyagihugu, niwe yasavye Pascal nyabenda ngo azomusabire abe umuhuza. Bafise amasezerano hagati yabo yokumara abantu.

  • nababwiyegutu,amasengeshoyapita.arakaze,yabanjekubasengera.nimwihangane,abatavugarumwenawe, imanayiweniyokwica,ntangomayamariranimfu,irimbugwadyubwobutegetsibizobera.igitangaza.amahanga. nibinyamakurubizandikwa.icodusabantaryameyerekwindotoziwezose

  • BA SINDUMUJA PORE SANA MANDA YANYU NTIRAGERA

  • ababonako.ivyobiganiro,atacovamwomwihangane.inyishutuyironka.tuyihawenumuhuzawomuri.afrikayefokukomugihebemezabuyoyanihoyararinanibobasinyingingo

  • icotwosababagendebakuyingoranemunzira.ntibirengagize.cankebategwimbabazinumutwarenkabo.kuko.ejosiheza

  • imana irakundububurundi nabarundi kubona ikibazo c’amanda kitazongera kuvugwa n’abaguji mana uragahora kungoma

  • MBE IRISHURA NA ERINESTE KO MUTARANDIKA MWACIYEMUHUNGA ?MWUNVISE KO MANDA YANYU ITARAGERA CANKE MWARAVYE? INKO NTIYARUZWA KIRAZIRA

  • IRIBUKA ERNESTE MWUNVISE ?MANDA YANYU NTIRAGERA BA SINDUMUJA AHOMURI MURABABAYE BASI MWEGE MURICAYI CO MURI FLIGO

  • Ndabaramukije kunamira intatemwa sivyo bikuru nibunvirize abo bashinye kuza abataje ntituziko arikibazo bagize canke tuvugeko bagaye abagabo tuzoba turunva aho bukera

  • Ntavya Zuma Ntavyiwe Nagende Kuriha Amahera Yabandi Yanyuruje Ntazagaruke Muburundi Yirengagijeko Ibirikobirabavyose Vyatewe Nikiringocagatatu None Ngwabikuremwo Nagende Ntavyashoboye Vyamunaniye Nahabandi

  • jewe ndi ikijuju cane rwose. mugabo n’ INTAGOHEKA nawe nyene ni ikijuju. twebwe ntidushaka imbonerakure

  • Manda Yagatatu Nibayireke Hanyuma Hategugwe Ibwirizwashingiro Ritagira Agasembwa Ryumvikanyweko Nabose Hanyuma Turonke Amahoro.

  • Njanye nawe utwifurije isabato nziza,yehova niwe we nyene azi vyose!tumwisunge aduhishurire amabanga,matayo11:28

  • Njanye nawe utwifurije isabato nziza,yehova niwe we nyene azi vyose!tumwisunge aduhishurire amabanga,matayo11:28

  • Njanye nawe utwifurije isabato nziza,yehova niwe we nyene azi vyose!tumwisunge aduhishurire amabanga,matayo11:28

  • Ndabaramukije Nitwa Martin ,Ndimuto Sindi Igito Abo Bagabo Nibareke Kudutesha Umwanya Abarundi nitwe Twitoreye President Nibareke Mutama Atware Kuko Abarusha Abanwanyi N’imigambi Nibamureke Atware Ntakabi Kiwe, Nintwari Pe!

  • ewe cnared uramaramay?uwa GABON wew yabony ivyobamuhenda yasanz arububeshi,aca yisubirira inyuma wew yarazi mu burundi kwata wusohoka!mutama twitorey son excellence yibandaniriz gutwara kuko n’umugabo w’abagabo.hama mutama twebw ab’i mbirizi tukuri inyuma,niharamb CNDD-FDD n’abayo ok tugire CNDD-FDD

  • yemwe nkababarira nti na ban ki moon yatash uko yaje? none mwagomba?

  • yemw jew nkababarira nti na ban ki moon yatash uko yaje? none mwagomba bigende gute?

  • Mbega harumuntu yoba arimbere ya peter nakokarwi kiwe yokubahuka kuvuga ijambo rizima wewe woraba ingene yirirwa arakerera abantu amazosi yagutegesheje izombonerakure nimipanga namahiri namagerenade ukaba wovuga ikintu kimuvuguruza batinye ko mubakeba amazosi ico nikimenyetso cuko nisiyose itahurako aba DD muri abicanyi karuhariwe mugabo muribesha urugamba rwokurwanira democracy rwaratanguye kandi ntiruzosubira inyuma tuzoba ishirwa rimenetse gushika dutujije akokarwi kinkorabara kihaye kumara abantu

  • Ikibazo si mandat ya gatatu.ikibazo n’uko ibwirizwa shingiro itayemera.c’est contre la loi du burundi

  • Tweho Twashaka Twigumireko Abandi Bobo Ntibatwaye Bisubiriza Nka Karori Nditije Aharuye Kuva 1962gushika1993 Hatwara Uprona Gusa ,ntibotureka Natwe CNDD_FDD NATWE DUTWARE BASI IMYAKA 30

  • KO mandat yabo itaragera ntibohora bakarindira iyabo?

  • abasi bamahoro niterambere nimurire mw’ihanagure mandat yanyu nturagera presida nitwebw twamwitorey!!! aba nye politik baramutiny kuk ataho bomuca,,,,, CNDD FDD uwukwanka aragapfa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.