IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bategetsi bitirira ingendo zabo iz’akazi badomweko urutoke

Bamwe mu bategetsi bitirira ingendo zabo iz’akazi badomweko urutoke

mardi 29 Gitugutu 2013

Mw’ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de la Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) baranegura inyifato ya bamwe bamwe bo mu biro vy’umukuru w’igihugu bafata ingendo ku giti cabo bakazitirira ingendo z’akazi, ivyo bikaba vyavuye mu cegeranyo mfatakibanza cakozwe n’umurwi w’abantu batanu bo mw’ishirihamwe ryo kwunguruza abantu n’ibintu bakoresheje indege’’ Air Burundi’’.

Mw’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Leta, baranegura cane ingendo za bamwe bamwe mu biro vy’umukuru baja gukora ibikorwa vyabo, ariko bakagenda ku mafaranga yo mu biro vy’umukuru w’igihugu kuko baba bazitiriye ingendo z’akazi. Iryo shirahamwe ririyamiriza isesagurwa ry’amafranga yo mu biro vy’umukuru w’igihugu, kandi ayo mafranga aba ari ayo abanyagihugu kuko ava mu makori batanga.

Nk’uko bibandanya bivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME ati:’’ Abo bantu barakomeye harimwo abashikiranganji, abashingamateka, abakozi bakuru bakuru bo mu biro vy’umukuru w’igihugu. Izo ngendo bazikora bakoresheje amafranga ya Leta."Abantu barenga 30 akaba aribo babonetse kuri urwo rutonde kandi batari bagiye mu kazi ka Leta.

Amwe mu mazina aboneka muri ico cegeranyo aho bagize ingendo zabo bakazitirira ingendo z’akazi, kuri urwo rutonde akarorero mu mwaka w’2012 hari Nzokira Appolinarie yagiye mu gihugu c ‘Ubuhindi kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2012 hamwe no kuwa 17 Mukakaro i Dubai atari ku rutonde (Ordre de mission ). Mu ntango z’umwaka w’2013, hariko Karabona Martine yafashe urugendo rwiwe kuwa 28 Nzero 2013 mu gihugu c‘Ubuhindi. Ntitanguranwa Emilie na Hatungimana Leonidas umuvugizi w’umukuru w’igihugu mu buhindi kuva kuwa 16 Ruhuhuma. Habarugira Innocent kuwa 11 Ntwarante i Dubai, Baribwegure Pie na Arakaza Steven ku wa 22 Nzero bagiye muri Canada, kuri facture hakaba hariko uwitwa Boulanger Gilbert, Niyonkuru Yacyinte, Akimana Joy bagiye i Paris mu gihugu c’UBufaransa, ku wa 2 Rusama uno mwaka n’abandi.

Kuri ivyo bivugwa na Rufyiri Gabriel, ikinyamakuru IGIHE kikaba kiriko kirarondera abavugizi b’ibiro vy’umukuru w’ igihugu kugira bagire ico babivuzeko.


Foxella Karire

Messages

  • Gabriel Rufyiri vient de tomber dans une manigance orchestré par Air Burundi
    Olucom n’a fait aucune enquête sur ce dossier parce que les ajouts a la main ont toujours étaient effectués sur la listes des gens devant voyager sur les ordres de missions.
    Autres faits douteux comment la DAF d’Air Burundi une Infirmière de formation peut embarquer L ’Olucom en remettant un rapport sensé être traiter par le haut Bureau du Président de la République.
    Autres faits accablants, pourquoi, Air Burundi cache les initiales sur la 3 eme photo avec la main gauche normalement tout agent qui traite un dossier est individuel parce que les applications d’aujourd’hui ou plusieurs personnes travaillent sur cette application chacun doit d’initier avant chaque opération par un mot de passe et le nom.
    A Monsieur le Directeur général d’Air Burundi donner une conférence de sur des faits non encore élucidés au seins même de la société est une faute lourde, tous ces préjudices tôt ou tard coutera chaire a Air Burundi, dans ce monde d’aujourd’hui chacun doit assumer sa responsabilité.

    AG IA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.