IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abategetsi bogandarira Mandela mu kwubahiriza abafise ivyiyumviro (...)

Abategetsi bogandarira Mandela mu kwubahiriza abafise ivyiyumviro nk’ivyiwe

samedi 7 Kigarama 2013

Inyuma y’urupfu rwa Nelson Mandela yahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, ibihugu vyo muri Afrika no kw’isi yose biguma vyifadikanya n’umuryango wa Nelson Mandela mu gushinga iminsi y’ibigandaro. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) amenyesha ko ukwifadikanya n’umuryango wa Nelson Mandela kwari kuba ukwisuzuma, intwaro zikaraba namba zidacinyiza abafise iviyumviro nk’ivya Nelson Mandela.

Nelson Mandela afatwa nk’intwari ya Afrika yakoresheje ubutwari bwinshi mu guharanira ubwigenge n’ukurwanya ivangura rifatiye ku rukoba. Ubutegetsi bwari buhari bwamufata nk’intagondwa, ari navyo vyatumye atabwa mu mvuto imyaka mirongo ibiri n’indwi yose. Kubwa Pacifique Nininahazwe, ibihugu vyose biriko bigandarira Nelson Mandela vyari bikwiye gusubiza amaso inyuma bikaraba ko bidafata abashikiriza ivyiyumviro vyabo nk’uko Mandela yafatwa mu gihe ciwe. Pacifique Nininahazwe arashima ko n’igihugu c’Uburundi cafashe ingingo yo kwifadikanya n’umuryango wa Mandela mu gushinga iminsi itatu y’ikigandaro, ariko ko ubutegetsi bwari bukwiye n’ukwisuzuma bukaraba ikibanza buha abatavuga rumwe nabwo, hamwe n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

JPEG - 121.2 ko
Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE

Mandela amaze kuva mu munyororo yarabandanije ibikorwa vya poritike, ahava mbere atorwa kuba umukuru w’igihugu. Amaze gushikira ubutegetsi, ica mbere yakoze kwabaye ukwiyegereza abamutoteza bose, ashinga Reta ihumuriza abanyagihugu bose. Yaciye ashinga umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira, umurwi wagerageje gushira ahabona amabi yakozwe, harimwo n’ayari yakozwe n’umugambwe wiwe ANC (African National Congress). Iyo nyifato yerekanwe n’inararibonye Nelson Mandela yari ikwiye kubera akarorero abategetsi bose bashikiriye intwaro bashira imbere ugutoteza abo batavuga rumwe.

Nk’uko Pacifique Nininahazwe abandanya abimenyesha, Nelson Mandela arangije ikiringo ciwe ca mbere nk’umukuru w’igihugu, yaciye amenyesha ko abishije abandi kuko yari yahejeje kurangura imigambi yari afise. Yasize ahaye igihugu ciwe ca Afrika y’epfo ibwirizwa shingiro gushika n’ubu riharurwa mu mabwirizwa shingiro yo kw’isi yubahiriza intwaro ibereye. Mu bihugu biriko bigaragaza ukwifadikanya n’umuryango wa Nelson Mnadela mu kigandaro, vyinshi murivyo ni ibiriko birahindura ibwirizwa shingiro, mu kwiyorohereza hamwe n’ukwiyongera ibindi biringo ku butegetsi. Pacifique Nininahazwe akebura ivyo bihugu n’Uburundi burimwo, ko vyokwibuka ako karangamutima ka Nelson Mandela, bavuge ubutwari bwiwe mu kwerekana ko bakuye icirwa muvyo yaranguye.

Pacifique Nininahazwe arangiza asaba abarundi benshi batekewe n’ubwoba, biyumvira ko bashikirije ivyiyumviro vyabo bohava bahasiga ubuzima. Arabibutsa ko Nelson Mandela yakoreye mu bihe bibi cane atotezwa, afatwa nk’umugumutsi, ariko ko bitabujije ko ashika ku ntsinzi. "Mandela yarashikirije ivyiyumviro vyiwe, kandi apfuye afise imyaka 95. Hariho benshi batinye kubivuga bapfuye imbere yiwe, kandi bahitanwa n’ivyo yariko ararwanya. Nico gituma ata muntu yotinya guserura icipfuzo ciwe. Ari icubaka igihugu nta cobuza kugishikiriza, hama umuntu agapfa ku munsi wiwe."


Egide Nduwimana

Messages

  • Uyu Pacifique Nininahazwe ko numva avuga Poritike cane kandi ayizi,arongoye Umugambwe uyuhe?Arongoye Umugambwe FOCODE?

  • Uyumuntu yitwa Pacifique mazigihe nkurikirana ivyiyumviro akunzekuvuga araboneka ko afisebamwe bomuriyomigambwe yomuri ADC baganiracane iyobiherereye kuko politique yaramurangije kandakirimuto nkubumuntamukurikira imvugoyiwe avuze abicishije kurinyakwigenera Madela Pacifique yerekanyeneza kwashigikiye biryabintu vyokujamwibarabara! jewerero ukondamubona ntazokwiza imkangezeko yamavuko atamaze kuvamurivyoyinyegejemwo akajakuba mukuru mubakuru bumugambwe runaka Just wait you will see. Buryumuntu yihishe inyuma yishirahamwe ngoridaharanira ivyicaro muri reta kandafise umugambwe bakoranamumpisho mugutegura ibikwiyegukorwa nkivyovyokubwira abantungobaje mwibarabara mwenuwo abashoboye gukwegera akarambaraye igihugu.

  • Les braves hommes discutent les idees tandis que les autres discutent les hommes.Les idees de Mandela n’ont pas tenu compte de la couleur de sa peau. Aujourd’hui les blancs et les noirs celebrent ensemble sa bravour et sa grandeur! Je souhaite que nous tous puissions sortir de la prison de notre conscience pour dire et vivre la verite chacun dans son coin avec engagement

  • None uwuharanira agateka ka zina muntu ntarekuriwe kuvuga ivyo yiyumvira?Noneho yavuze ivy Afrika yose nta gihugu yashimikiyeko!

  • Umuntu ahagarariye ishirahamwe nkiryo ridaharanira ivyicaro muri reta akwiye umwanyawose kuvugayerekana ko akunda abarundi koko bingene zose uworero ivyavuze bitandukanye nivyojewe ndebagura ndahamuma commanter numuntazwinabarundi kandakamenywa namakungu, Abowakumvise batashigikiye uryamugambi wokuyoborera abenegihugu mwibarabara sabasiba ADC kandisabasiba reta, icobashizimbere nukugerageza ukobashoboyekwose bagatekereza inyungu abenegihugu bocabaronka bagiye mwibarabara murirusangi urumuntu ukundabarundi vyukuri urashoborakubona kokujamwibarabara arugusongerisibe mubenegihugu. Mwirinde ivyamabarabara harihigihe bifata umwanya urenze uwomwarimwibaza, Mbentimubona ko Sylya vyafashe umwanya muremure? biryandavyitako arugusongerisibe.

  • numvirije abantu bamwe barantangaza!None umuntu avuze ijambo ry’inkoramutima yaba ari muri FOCODE cane yihebey’Imana ,aho kwumviriza ico avuze bumviriza umugambwe yoba avugiye?umengo abazi Pacifique kuva kuri lycee rutana yamanye ijambo ryakanovera!Na yesu hari abamwitirira umwami aho kwumva ubutumwa atanze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.