Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatembera mu gisagara ca Bujumbura batahafise akazi bafashwe
Abatembera mu gisagara ca Bujumbura batahafise akazi bafashwe
mercredi 29 Ruheshi 2016, par
Igiporisi cafashe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu abantu batembera n’abirirwa mu gisagara ca Bujumbura batahafise akazi. Abasega bagizwe n’abana hamwe n’abavyeyi basegesha abo bana, imisore yirirwa mu gisagara ata kazi ihafise, abagendana ubumuga, hamwe n’abageze muza bukuru bagenda barasaba amahera bakaba bahagaritswe begeranirizwa mu kibanza kimwe.

Nk’igihe c’isaha zitanu z’agatondo, niho abaporisi benshi bashwara igisagara ca Bujumbura, cane cane ahakunda gukoranira abantu benshi. Abantu benshi bahagaritswe, muribo hakaba harimwo abiyemerera ko birirwa mu gisagara ata kazi bahafise, abandi bakajanwayo n’ugusaba amafaranga, bagataha bugorovye.
Muri ico gikorwa c’ugufata abo bantu, igiporisi c’Uburundi cakoranye n’abakozi b’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura (Mairie de la Ville de Bujumbura), bakaba basiguye ko bashaka gutuza ingeso y’ugusegerereza yarwiriye i Bujumbura, mbere bakavuga ko n’ubusuma ariho bwandurukira.

Abafashwe bose begeranirijwe mu bibanza bitandukanye hagati mu gisagara ca Bujumbura mu nyuma hakaba hatumweko imiduga yo mu bwoko bwa "COASTER", ariyo nayo yabatwaye mu kibanza kimwe, ahitwa kuri MONTANA mu Kabondo. Abarenga amajana abiri akaba aribo bari muri ico kibanza bacunzwe bikomeye n’abaporisi. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA ashitse muri ico kibanza yabwiye abo bantu ko botaha, ariko abagabisha ko uwuzosubira gufatirwa mu gisagara azoca asubizwa mu ntara yaje avamwo.
Tubibutse ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yaheruka kumenyesha abantu bava mu ntara zo mu gihugu c’Uburundi bakaja mu gisagara ca Bujumbura ata kazi bahafise, ko mu minsi iri imbere bagiye gusubizwa iwabo, igisagara kigumemwo abafiye ico bakorerayo.
- Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yavuze ko ingingo zibereye zafashwe ku bantu banyagara mu gisagara ca Bujumbura ataco bariko barakora. Nk’uko vyashikirijwe na Freddy MBONIMPA kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi 2016, umuntu wese azoba agiye mu gisagara ca Bujumbura ategerezwa kuzoba agiye gukora akazi afiseyo.
"Barya bantu bicara, basigaye badandaza abana, mu minsi iri imbere bagiye kwirukanwa basubire iyo baje bava kuko igisagara kirafise ukuntu gitunganijwe."
IGIHE
Messages
29 Ruheshi 2016, 17:07, par willynshimirimana
NUKURI VYARI BIKWIYE NIBATAHE IWABO KUKO NIBO BAZANA UBUSUMA NIBAJE KURIMA KUKO BARABISHOBOYE
29 Ruheshi 2016, 18:19, par murundi
ivyonivyo bategetsi bacu turabashigikiye muri make izonyererezi nizozitu MA inyanka burundi zibinyegezamwo bigatuma abashinzw umutekano badatuzu mwansi ,nimupange neza igisagara maze murako haruwuzongera kuzana akajagari,
29 Ruheshi 2016, 18:55, par ]iji
Iyo ngingo ni nziza cane harimwo inyanka burundi zikika mukiza zirondera amakuru zisegerereza, n’abasazi nukubafata. Mubaze Kigali uko yafashwe.
RAMBA
29 Ruheshi 2016, 19:14, par Donatieu
Nibyokoko Abobantunimu Birukane
29 Ruheshi 2016, 19:46, par Peace
Ahoho uyumugabo yihenze.None Azomenya abafise akazi nabatagafise gute?None iwabo nihe?simuburundi?None hoho bazoba bagiye gukorayiki Kombona akazi kabuze hose?None canke batamanutse Kukarondera bazokaronka gute?None ko Abanyagihugu atwara arabanebwe mubikorwa bimwebimwe bizoca bigenda gute?
29 Ruheshi 2016, 19:56, par MUYAHUDI
IYONGINGO YAJE HAGEZE AHUBWO MWARIMWARATEVY! KOMEZ BATWARE BIGISAGARA MUBASUBIZ IYOBAZANANY
29 Ruheshi 2016, 20:04, par NIYONGABO ,VENISTE
BARAKABAFATA ,NIBOBATUMAHATABA ,UMUTEKANO
29 Ruheshi 2016, 20:24, par Juma
Mwarimwarasamaye,ababayanabonyene,batuze
29 Ruheshi 2016, 20:29, par Juma
Batuzenabagesera
29 Ruheshi 2016, 20:48, par zamoyoni
Bamyakubahwa turashimwe ingingo mwafashe ahubwo nibatahe mutibagiye nomuzindi NTARA si bujunbura gusa
29 Ruheshi 2016, 21:28, par Tuyisenge Anicet
Ivyo Birumvikana Kubera Hariho Abigira Ibimuga Abandi Bakanyuruza Ibintu Nibabegeranye Baje Uruhande Rumwe Arukubakoresha Babakoreshe Ibikogwa Babone Aho Tugeza Katarukwicara Bakore Biteze Imbere
29 Ruheshi 2016, 21:31, par Kampundu Aline
Iyi ngingo yafashwe niyo mpise ndayiha umugisha kuko ndunva arivyiza gutunganya igisagara ata kajagari.
29 Ruheshi 2016, 23:06, par Imvukira Buja
Umukuru wigiaangara ca Bujumbura nabobakorana ndabashimiye bimwebitavurwa muragahezagirwa na Mushoboravyose father who art Heaven.
Nizereko namugenIwanje imvukira ya Bujumbura Leonce Ngendakumana ahahoho arashima ariko sindabizi asanuwamaze guhumana nguwo aruhiye gusaza ataco amariye intara yitakwariyo yatayemwo uruzogi nawontu umunru arikwarababa imyaka 60 yamavuka harikintu kininitumutezeko? Kiretse guahigikira uwowese ajegufutanya intarayita koyatayemwo uruzogi! Ariko uwuyijemwo ajekuyiteza imbere uwo akacaba umwasiwiwe. Nukuri nambahariho abavyeyibahomba nuwavyaye Leonce Ngendakumana yarahomvye!!!
Umvanamwe Buyoya yakubita amakudeta yisubiriza uwoyaramwita prezida, ariko nguyumusi ngontashobora kuvugako H E Petero Nkurunziza ari prezida!!! Yewe uwakuroze ntiyakaravye!
29 Ruheshi 2016, 23:10, par Mom’s
Oya Vraiment Iyongingo Bafashe Niyo Ndayishigikiye. Bokwama Bafata Ingingo Nkizo Zaruhasha Kuko Niho Nigihugu Cacu Cogira Nagaherwe Peee>>
29 Ruheshi 2016, 23:46, par Niko
Ico gikorwa ni ico gushima gose ku mpamvu z’umutekano, kugwanya ubusuma, ubunebwe, ibiyayuramutwe n’itituka ry’imico mwiza.
Hari abavyeyi batari bake barize barihorera kuko abana baba bataye amashure ngo baje i Bujumbura. Abo bana bamaze kuhashika bakaba désullusionnés, vyanka ko basubira iwabo bakanduruka baba abayererezi,abasumaba, malaya...
Turakengurutse ico gikorwa kandi ntikibe ico uyu musi gusa kibe ica misi yose.
30 Ruheshi 2016, 01:27, par manjanja
Reta yarikwiye kwubaka am a company abanyagihuvu bakaronkA ubuzi .kuko ahamugihugu iwacu amatongo yaratitutse ntakimera.
30 Ruheshi 2016, 07:19, par FELIX MUHIRE
Erega abo basaza basegerereza n’abo bagendana ubumuga barashobora kuronka ubufasha mu makomine i wabo. Ndumva ko bo bifitiye ibibazo, ariko kubw’umutekano bose ni batahe
30 Ruheshi 2016, 23:06, par Théogène
ntaco ndabivuzeko
30 Ruheshi 2016, 23:08, par Théogène
ntaco ndabivuzeko
2 Mukakaro 2016, 09:42, par Ruben
Iciyumviro ni ciza, ariko gikwiye kwigwa neza ingene gishirwa mu ngiro. Kubwanje abasega bakomeye botuzwa gooose banakubiswe, ibimuga n’abatishoboye nabo bagashirwa mu bigo bigishwa imyuga bakagira ico bakoze nabo mu gihe bariko baragaburirwa.
2 Mukakaro 2016, 11:47, par tuyisenge melance
none umantu agiye gutembera canke agiye kuramukanya mwocamumufata ngo nuko ariko aratemambera nimba mubafata neza nisawa ikibi nuko mubahohotera murakoze