Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abazotora abagize umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abazotora abagize umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe (...)

Abazotora abagize umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe bamenyekanye

mercredi 20 Myandagaro 2014

Abashingamateka batanu n’abakenguzamateka batanu nyene nibo batowe kugira bazosuzume amadosiye y’abasavye kuja mu murwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ugusubiza hamwe. Abo cumi batowe basabwa ko imbere y’isozerwa ry’ibikorwa vy’inama nshingamateka vy’ukwezi kwa gatandatu, boba bamaze gushiraho uwo murwi uzoba ugizwe n’abantu 33.

Abo batowe kugira bazoshireho umurwi ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe bagizwe na batandatu bo muri CNDD FDD, babiri bo muri UPRONA, umwe wo muri FRODEBU Nyakuri, hamwe n’umwe wo mu bwoko bw’abatwa. Bose hamwe uko ari cumi, abashingamateka ni batanu n’abakenguzamateka batanu, akaba ari aba bakurikira :

Abashingamateka :

Bararufise Marceline wo muri UPRONA avuka mu ntara ya Rutana

Ndayizamba André wo muri UPRONA avuka i Bururi

Norbert Ndihokubwayo wo muri FRODEBU Nyakuri avuka i Gitega

Melchior Nankwahomba wo muri CNDD FDD avuka mu Kirundo

Odette Habonimana wo muri CNDD FDD avuka i Bujumbura (Bugarama)

Abakenguzamateka

Vital Bambanze, wo mu bwoko bw’abatwa, avuka mu Kirundo

Jérémie Nkekenwa wo muri CNDD FDD avuka i Mwaro

Innocent Nkurunziza wo muri CNDD FDD avuka i Ngozi

Véronique Nizigama wo muri CNDD FDD avuka i Bururi

Fidès Sinankwa wo muri CNDD FDD avuka i Gitega

Mu gihe ibikorwa vy’inama nshingamateka vy’ukwezi kwa Ruheshi bizosozerwa ku genekerezo rya 29 Myandagaro 2014, abo bashingamateka n’abakenguzamateka cumi basabwa kuba bamaze gutora 33 gusa muri benshi basavye kuzoja mu murwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe. Tubamenyeshe ko umukenguzamateka Vital Bambanze wo mu bwoko bw’abatwa ari muri abo cumi bazotora, yasubiriye mu kibanza c’umukenguzamateka Liberate Nicayenzi nawe nyene wo mu bwoko bw’abatwa, uwo nawe akaba yakuwe muri abo cumi kuko basanze nawe ari mubasavye ko boshirwa muri uwo murwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ewe Burundi waragowe,abo bantu ubona bazofasha iki ko bose bazotegekwa na CNDD-FDD abo bashiramwo

  • ari ko abo bantu batowe!!!!!!ivyo mbona vyo biragoooye .
    ehe raba ngo cour supreme ngo ya nditse ko RWASA,Banvuginyunvira,Sinduhije ,Leonce ,Mutama NYANGOMA ngo ntibafise ububasha bwo KWITOZA 2015 nivyo!!!!!!!! Nimba ari vyo ? Bimwe Bavuga ko DD yategura NIVYO?

    Ehe rero ABASENGA MUSENGE KUKO UBURUNDI BUGEZE HABI.BIRASHOBORA KUYANGARA PE.

  • @Matana twashaka kukubwirako ivyuvugako bishobora kuyangara kubera izondangazawe udondaguye vyobabitagenze ukozishaka, nokubwirako iyaba vyarabakundiye kobigenda nkuko babishaka ibiyangara babarabikoze kera kandi sukuvugako batabigerageje, nokubwirako bagerageje ukobashoboyekwose vyarase nunomusi ahobari ntakobatagira ariko kubera twamaze kwiyemeza kuzaturazimiriza imiriro kubayicanye nicogituma wewe wibazako hariho imiriro bariko barategura kwatsa ukacubonako ibintu bitagenze nkuko izondanga zawe wavuze zishaka ko ibintu bizoyangara nimubandanye gupanga ivyomupanga ahubona natwe ntitwicaye twiteguye kuzimya ijoro numutanga, tutibagiwe nokubasengera ku Mana kanditwizeyeko izobahindura mukava mubwobugambanyi bidatevye Imama ninyishu.

  • wewe wiyina mamu ariko ntubona ko DD Ifise amakosa meshi caaane gancuti? reka sha duhindure haze mushasha turabe nawe?kandi ndaku bwire ico no gusaba NTUZE WIGERE USHIGIKIRA UMUGIZI WANABI KUKO ARAGUHINDUKIRIRA BITEBE BITUBUKE .

  • @Matana, ntamuntu atavutse yokora amakoaha, arikuwavutse wewe akoramakosha, CNDD FDD kutayishaka nuburenganzirabwawe kandiwibuke ko utigeze ushaka koyoterimbere nonekuvuganguhindure uwutigeze ushigikira ubonabizokworohera muntuw’Imana!?

  • jewe ngiz amakenga kuberako mugutorabo bantu intara zitaserukiwe dusengimana bizogenda neza guko imana yugaye ntawushobora kwugurura

  • Abarundi, bene wacu, tureke tuza turafata ibintu vyose uko dushavuye canke twishimye, ariko tukaza turibagira vuba. Ivy’I Arusha hariho benshi bavuga bene ayo majambo, ubu, ntavyo bacibuka, nejo bazibagira ay’ubu. I’ll faut etre en mesure de changer.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.