Accueil > Amakuru > u Burundi > Abigeme baracari bake mu mwuga wo kumenyesha amakuru
Abigeme baracari bake mu mwuga wo kumenyesha amakuru
mercredi 29 Nzero 2014
Icigwa cakozwe n’ishirahamwe Search for common ground cerekana ko inzitizi zitari nke zituma abigeme n’abakenyezi badahurumbira umwuga wo kumenyesha amakuru ziracibonekeza.
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’abagore AFJO (Association des Femmes Journalistes), hamwe n’ishirahamwe Search for common ground bateguye ikiganiro co kurabira hamwe inzitizi zituma abigeme n’abakenyezi bo mu Burundi badahurumbira umwuga wo kumenyeshamakuru, kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 29 Nzero 2014.
Mu cigwa rero cakozwe mu kwezi kwa Nyakanga 2013 basanze inzitizi zikiri nyishi nk’uko tubimenyeshwa na Floride Ahitungiye, arongoye ishirahamwe Search for common ground mu Burundi. Agira ati : "Abakenyezi bafise amabanga menshi yaba ay’urugo, iyo bifatanijeko rero n’umwuga w’ukumenyeshamakuru utwara umwanya munini bica bigorana. Hariho inzitizi nyinshi kandi zifatiye ku madini, izifatiye ku mico n’imigenzo y’abarundikazi, aho n’imigani imwe imwe isa n’iyima ijambo umurundikazi, "Nta nkokokazi ibika isake ihari", n’iyindi.

Muri ico cigwa nyene vyaragaragaye ko abakenyezi ubwabo bo nyene bibera inzitizi kuko hari igihe batinya gufata ijambo ku kutiyemera canke ugasanga baratinya gushika bagondozwa n’abagabo babo kuvyo baba bashikirije. Ikindi naco gituma umwuga w’ubumenyeshamakuru udahurumbirwa cane n’abakenyezi n’uko agashahara ari gato, gurtyo rero abakenyezi bikabagora kuronka akanya ko gufatanya uwo mwuga hamwe no kuja kwisumamwo nk’abashingantahe.
Abari muri iyo nama bakaba batanze inyishu zimwe zimwe nko kugira amahimiriza, ibimenyeshamkuru bigaha umukenyezi ikibanza gikwiriye. Nk’uko bibandanywa bivugwa na Floride Ahitungiye, birakwiye ko hoba ihimiriza ridasanzwe mu mashure ya kaminuza, abigeme bakijukira kwiga ibisata vyo kumenyeshamakuru. Abarongoye ibimenyeshamakuru bitandukanye bofata ku rugero rumwe abakenyezi n’abagabo, kuko nabo bashoboye aho mbere habaho abakenyezi benshi nabo barongora ibimenyeshamakuru.
Mu bimenyeshamakuru bitandukanye, barakwiye kuza baratumira abakenyezi nabo kugira baze gutanga ivyiyumviro. N’abo mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike, barakwiye gusaba abafasha gutanga uburyo kugira umukenyezi w’umurundikazi aronke ubushobozi nawe bukwiye.
Tubamenyeshe ko iyo nama yari yatewe iteka n’umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru, hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka, umupfasoni Leocadie Nihazi.
Floxella Karire
Messages
30 Nzero 2014, 03:45, par Kabizi
Ngira uwo mushikiranganji ni uwa Leta Igihe yashinze1Ko Tuzi uwitwa NIHAZI,uwo Nihangaza yavuye hehe?