Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ABUCO: Amashirahamwe yo gutumatumanako kuri terefone ngendanwa akwiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ABUCO: Amashirahamwe yo gutumatumanako kuri terefone ngendanwa akwiye (...)

ABUCO: Amashirahamwe yo gutumatumanako kuri terefone ngendanwa akwiye kwubahiriza ibiciro aba yashinze

dimanche 16 Ntwarante 2014

Igisata co guhamagarana ku ma terefone ngendanwa kiracarimwo utunenge, nk’uko tubimenyeshwa na Noweri Nkurunziza asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO. Ahamagarira Reta gukurikiranira hafi ayo mashirahamwe kugira umuguzi ntasubire kugwa mu mporera, kuko nk’uko vyagiye biribonekeza, amashirahamwe ashinga ibiciro uko ashatse canke n’ibiciro bisanzwe bizwi ugasanga ntivyubahirijwe.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umuguzi wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante buri mwaka , ushitse mu gihe mu Burundi, igisata co gutumatumanako amakuru bicishijwe kuri terefone ngendanwa hibonekezamwo utunenge twinshi. Uno mwaka icivugo c’uwo munsi akaba ari "Dushinge amategeko atugenga mu vyerekeye ivyo gutumatumanako amakuru biciye kuri terefone ngendanwa"(fixons nos droits en matière de téléphonie mobile).

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatandatu ,mw’ishirahamwe ABUCO-TI BURUNDI barerekana intambamyi abakoresha ayo materefone bagira, aho imihora usanga idafata, imihora imwe izimvye kurusha iyindi aho usanga hari imihora umuntu atinya guhamagara kubera ibiciro. Muri ABUCO baribaza igituma uguhamagara mu makungu biri ku giciro gito ugereranije no guhamagarana mu gihugu hagati. Kuribo vyari bikwiye kuba igihushane. Iyindi ngorane n’uko ibiciro bidashirwa ahabona kugira abaguzi babimenye, hari mbere n’abafise ayo mashirahamwe yo gutumatumanako avuga ko akorera mu gihugu cose, ariko waja kuraba ugasanga sivyo haraho adashika na gato.

Mw’ishirahamwe ABUCO basaba isubirwamwo ry’ itegeko rijanye n’ivyo gutumatumanako mu Burundi. Reta kandi yofasha mu gukingira umuguzi na cane cane ku mashirahamwe ashinga ibiciro ntabikurikize kandi bidaciye mu muco . Ku mashirahamwe akora ivyo gutumatumanako amakuru boza barumviriza abaguzi. Basaba kandi ko amatagisi yo guhamagarana yoshirwa ku busa. Noweri Nkurunziza yararangije asaba abaguzi kugira urunani mu guharanira agateka kabo mu vyerekeye ivyo gutumatumanako amakuru.

Kubona rero batoye gukorera ku materefone ngendanwa uno mwaka si uko ariho hari ingorane gusumvya ibindi bisata hano mu Burundi muri kino gihe, ahubwo ni uko ari ico civugo mpuzamakungu c’uno mwaka.


Floxella Karire

Messages

  • mwoduhanurira nkakarorero Leo ikatubwira impamvu yadugije les cartes de recharges.nuko ariwo muhora uko mugihugu cose cank harikindi kibazo batatubwiye!nimiburiburi bakabitubwira kare!!ahandiho ni leo(lion) nyene!!!

  • Abari mumahangahoho ntitukinageza guhamagaraimiryango twasizeiwacu kuko iBurundihazimvye cane kuhahamagara kurusha igihugu icarico cose muri Africa!!Ntibivye bwo bararengeje!!Ni basubizekubiciro vyakera

  • Wavuga ariko ntuvura!ivyuvuga nivyukuri kandi ntakinyoma kirimwo mugabo abo barongoye ayo mashirahamwe bo umengo ntibavyumva.ariko urahozako ngira bazovyumva!

  • Guhamagara Mu Burundi uri hanze ntibigishoboka kuko igociro co guhamagara yo kirarenze cane mbere hara uhamagarabigaca bicika

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.