IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi basabwe kwitondera amatangazo (...)

Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi basabwe kwitondera amatangazo basohora

mardi 15 Ntwarante 2016, par egide

Umugambwe FNL urongowe na Jacques BIGIRIMANA usaba Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi ko bokwitondera amatangazo basohora, kuko kubw’umukuru w’uwo mugambwe, ayo matangazo ashobora guhungabanya igihugu.

Mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe, Jacques BIGIRIMANA umukuru w’umugambwe FNL amenyesha ko ibihe Uburundi burimwo atari ivyo gusohora amatangazo ashobora kugumura bamwe mu bakirisu kubera ibiba vyavuzwe muri ayo matangazo.

JPEG - 1.9 Mo
Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’umugambwe FNL

Jacques BIGIRIMANA akaba yibaza igituma abo Bungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi batagize ivyo bashikiriza igihe haterwa amagerenade mu masoko canke igihe haterwa ibirindiro vy’abasirikare n’abaporisi, kandi abasiga ubuzima muri ivyo bitero bari Abakirisu.

Tubibutse ko Inama nkuru y’abepisikopi ba Ekereziya Gaturika mu Burundi iheruka kumenyesha ko inzira y’ibiganiro hagati y’abanyeporitike babona kure ariyo nyene izotorera umuti ibibazo biri mu Burundi. Kubw’iyo nama nkuru y’abepisikopi, uwufise vyinshi kandi ashinzwe vyinshi, azobazwa vyinshi.
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa arongoye iyo nama yamenyesheje mw’itangazo yasohoye ko ata yindi nzira izoshikana abarundi ku mahoro arama atari iy’ibiganiro bidakumira.

JPEG - 22.9 ko
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa arongoye inama nkuru y’abepisikopi ya Ekereziya Gaturika mu Burundi

Muri iryo tangazo, Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa yamenyesheje kandi ko ibiriko biraba mu Burundi bizobazwa ubutegetsi buhari, akibutsa ko intwaro y’igikenye ataho yoshikana Uburundi n’abarundi.


IGIHE

Messages

  • murahagabira mwe ba nye politique murangina nabo munganya ububasha mugira muhangare abungere bimana murahagabira imana izabavuma

  • murahagabira mwe ba nye politique murangina nabo munganya ububasha mugira muhangare abungere bimana murahagabira imana izabavuma

  • murahagabira mwe ba nye politique murangina nabo munganya ububasha mugira muhangare abungere bimana murahagabira imana izabavuma

  • Jewe mura ntangaza none nawe agira azire ukuri ya vuze ahubwo mwebwe ni mwe mu kwiye kwiraba mu cirore mukaraba ko ivyo mwakoze ko mu tazo bi bazwa nawe ya vugishije ukuri

  • Ewe jack urateye isoni wewe ukwiye kumenyako atamunywanyi ugira reka kuguma wiyitirira fnl ahubwo vyiza nuko wofata inzira ukunjira muri cndd bikagaragara mbe wagira abasenyeri nabo babe abakomba siniya nkawe abobarihaye ntibazoreka kuvugisha ukuri kanatsinda Ngo guca muziko ntigusha ahubwo ivyuvuga naba dd mucuditse nivyo bicanishamwo abanyagihugu reka kuza wirirwa uravuga ayamuhe kuko uraziko ahobukera amatora Meza agatunganywa ntajwi narimwe abanyagihugu bazoguha abasenyeri nibakomere kwibanga mukubandanya bakora icocose cokurako abarundi umuzigo bikoreye murikino gihe turabashigikiye

  • Abo bungere Nana Katorika nibo bakokeza muri genocide mu Rwanda kuko bafise aho bahengamiye none ko Bigirimana abaza ati igihe hariko haterwa amagrenade kubanyagihugu aribo bakirisu nabo ko ayamatangazo basohoye barihe ? Nibitonde kuko icoza gishikira uburundi nticobasiga inyuma kuko nabonyene ntibasigara inyuma mukwivanga muvyapolitike....nibuka igihe cigandagurwa rya M. ndadaye ,musenyeri Ngoyagoye Evarist yaje gutorwa na kajugujugu imutwara munama i Bujumbura ....murikarya gatondo nyene ngo abasoda baramutumyeko kandi aribo baribaraye batebagaje ubutegetsi .... Mbe kiryagihe Boba barasphoye itangazo?

  • Ahubwo Abajejwe Umutekano Nibatangure Kugira Amatohoza Kur Ubwo Bugabo Kuko Biraboneka Ko Ibiba Babifisemwo Uruhara. Bibaye Ngombwa N Amashengero Yugagwe Ntamikino.

  • Mbega jack urumuvugizi wa reta ?
    Ko bikubabaje?nibaza ko uduhenda twebwe ba FNL kumbe uri FDD
    Ubu twaguhinyuye ntukaza subire kuduhenda ngo urumutware wa karini gusa ,
    Uzasubire sha.

  • ndabaza jacques asigaye ari mumugambwe uwahe hiiiiiiiiiii?

  • Ewe Jacqe Ntakundi Warikuvuga.Kurigihemu Wakunzinda.Namakungu Yarakwimye Ijambo Kuko Izi Kuwinyegeje Inyuma Ya Cndd Fdd.Ariko Igihe Ukuri Kwatsinze Ikinyoma.Uzodyimvumba Udafise Iyuva Niyuja.Kandi Nawe Intahe Izogukubita Mugahanga

  • Mushingantahe canke Mugabo Bigirimana, utunge ndakwibarize. Jewe narumvirije rirya jambo ry;abungenere bacu(jewe ndi umukatolika),nta hantu nahamwe mbona bahamagarira abanyagihugu gucanamwo,bivuzwe vyeruye(langage explicite) canke bihishije(langage implicite).None ko tuzi abantu bashobora gucanamwo bapfuye ubwoko( abahutu,abatutsi n’abatwa),amamuko,amadini,iryo jambo ry’abungere bacu ricanishamwo abantu rifatiye kuki? Ego ndashima ko ufise ubwoba ko abarundi boshobora gucanamwo,ariko no gusanga ko wobwira n’abanyapolitike bagenza nkunze kuvuga bariko bacanishamwo abarundi bafatiye cane cane ku moko ko woja urabakebura ubundi hoho uzohava wicura ako mu mutwe uhitanwe no ko munda.

  • Mbe burya hagati y’amatangazo abungere ba ekleziya catolika bashikirije nayo Gelase ndabirabe amaze iminsi ashikiriza, ayohungabanya igihugu ni ayahe?

  • Imana irahora ihoze dusenge ubudahumeka vyose Uhoraho azobidadanura ntacagize intango kitazogira iherezo.

  • Nyakwubahwa Jack ivyavuze ndabishigikiye kandi umukurikiranye surwanko afitiye abobunyere bacu ahubwo ashakako babandanya bakora ivyimana igomba kuko Jack yanka ivyobavuga bishavuza abari abakristo babo kuko nawe arimwo. None nkogukura abahagarikizi babo mumatora aheruka ngokugira igikorwa cokugumuka noguturira abantu bizokorweneza nkivyo urunukristu wobishigikira? Erega twebwe abakristo ba gatulika imvugozabobungere bacu iyozirwiriyemwo ivya politique yigihugu bicavyoroha kuducamwo ibice kuko tubaturi mwisengero nomuri reta/politique , iyorero binjiye muvya politique tucatugongana bikagirako tukagura abotujakwihanako mugihe hagize akantu kadutsitaza.

  • Murarabe Abo Bepisikopi Bavuga GutyoBategerezwa Kuba Ari Abatutsi Reta Nibakureho Ibasubirize Abahutu.Kandi Bibaye Ngombwa Umuntu Atewe Arivuna Agasagiriza Umwasi Naho Yoja Murutara.

  • Murarabe Abo Bepisikopi Bavuga GutyoBategerezwa Kuba Ari Abatutsi Reta Nibakureho Ibasubirize Abahutu.Kandi Bibaye Ngombwa Umuntu Atewe Arivuna Agasagiriza Umwasi Naho Yoja Murutara.

  • Amatangazo yandabirabe uyumugabo ntiyayumvise aya basenyeri niyo yumvise gusa arabeneza aragwaye muvyiyumviro vyiwe ntazi gutandukanya amajambo asenya cankwa yubaka mmurabe neza nta kunda uburundi.

  • Shaka mbaze,mbega jacque niwe yasubiriye Filipo nzoboariba,
    Numva imvugo ziwe umengo nu muvugizi wa leta hamwe na cndd fdd,
    Kandi yitirira Fnl twamuhinyuye.
    Ubu nukumuhunga tugasubira muri Fnl ya Agatho Gwasa kuko dusanga twarihenze

  • Ariko iyo mana y’abasenyeri itemera urubanza Imana yaciye mwumva ariyo? Ko ijambo ry’Imana rivuga ko dukwiye kwumvira ubutegetsi buhari kuko ata gutegeka kutava ku Mana, ukuhari kwose kwazanywe n’Imana (Abaroma 13: 1). None bashaka kutubwira ko aribo babona kure gusumba Imana yashizeho Nyen’icubahiro Petero Nkurunziza ibicishije mw’ijwi ry’abenegihugu? Naho dutinya kubivuga, har’igihe nabo nyene boba babajwe n’uko Nkurunziza ataza kubapfukamira ngo yirege ibicumuro, ko batamusangiza, kuko badasangiye ukwemera. Ivyo vyo gushaka gukosor’Imana nivyo vyari bikozeko Nabukodonozori (Nabukadineza). Imana yamweretse igishusho mu ndoto, yumvise bamubwiye uko gisobamurwa, nawe aca yiremera iciwe kirusha ubwiza ico Imana yameretse, yibaza ko cosobanura vyiza gusumba ic’Imana. Yaruhiye kwemera ashira ah’Iman’ishize. Ba Bansimiy’ubusa bo bazumva ryari?Murantunga.

  • Shaka mbaze,mbega jacque niwe yasubiriye Filipo nzoboariba,
    Numva imvugo ziwe umengo nu muvugizi wa leta hamwe na cndd fdd,
    Kandi yitirira Fnl twamuhinyuye.
    Ubu nukumuhunga tugasubira muri Fnl ya Agatho Gwasa kuko dusanga twarihenze

  • Shaka mbaze,mbega jacque niwe yasubiriye Filipo nzoboariba,
    Numva imvugo ziwe umengo nu muvugizi wa leta hamwe na cndd fdd,
    Kandi yitirira Fnl twamuhinyuye.
    Ubu nukumuhunga tugasubira muri Fnl ya Agatho Gwasa kuko dusanga twarihenze

  • Mbe wewe wiyita Rose Kamikazi, urashobora kubaza ko amata yera? Erega ubu s’agaseseshwarumuri, ubu hari imigambwe ibiri gusa mu Burundi, har’uwabahutu, hakaba n’uwabatutsi, aho ntituhahendanire. Rero Nyakubahwa Jacques avuga akurikije uko ibintu biriko biragenga mu gihugu. Erega igiti ntikigukora mujisho kabiri.

  • Ewe Jack BIGIRIMANA ubwenge bwawe bwara maze kuzimira kabisa,jewe rirya tangazo rya sohowe na barya bungere ntamajambo yo gucanishamwo abenigihugu bavuzemwo, berekanye ukuri kwabo jewe naho ntarumugatorika ukuri berekanye ndagushigikiye, kuko uwu toshigikira ibiganiro, jewe ndamwita umukeha bwenge nukuri. ri rya tangazo nubu ndacarifese, narisubiyemwo ndanyumviriza muvyo wa tangaje ntabirimwo, none nkawewe uwoguhigihugu ngugitware coba gipfakaye kabisa nivyo wovuga ntanivyo womenya. ni kweri ntawokugaya utavuze kurya wavuze, wa mukuru wibinyoma, nti yoba akiguye akajumpu uza kwotsa. Abobungere bareke bavugukuri kwabo, kuko Imana ya rakubahaye nti bapunguza canke ngobongereko.

  • Uyumugabo ntiyayumvise amatangazo yandabirabe koharico yahungabanya cankwa gukokeza urwanko mu burundi, kuki ataco ya yahuye!!? Uyu harahengamye cagwa yabonye abayatangaje ara batutsi????!!!

  • Mbega umuvyeyi wagutaziriye bigirimana yaribeshe sha wowe amahera peter yahora aguha ngo urwanye indi migabwe urahovye amata arabaheranya tajambo ukigira usigariye amajambo yokurwanya abandi cane igingo zubaka igihugu bamenyesha abenegihugu Mbega mubuzima bwawe uzabarira abarundi yuko politique wahoramo wakoze ibiki,usivye kurwanya migabwe na mashirahamwe yigenga ubu naho ugeze kubasenyeri

  • ico nigisezi nyene ahubwo numuntu yandika ivyavuga amuha agaciro

  • Nagomba Unukuri Ntare Intege Abobantu Bavugira Iman.Ntucike Intege Kuko Imana Yobibaz Ntimwumvirize Uwomuntu Kuko Sinomwita Umugabo Ntabukwiriye Murakoze Ntimuriho Kubwabantu Muriho Kubwiman

  • Komera kumuhet Ntimukangwe Nuwo Aceberinda Ntimubayeho Kubwabant Siweyabare 0k Imana Izobarinda Nkwo Yama Ibarida

  • Komera kumuhet Ntimukangwe Nuwo Aceberinda Ntimubayeho Kubwabant Siweyabare 0k Imana Izobarinda Nkwo Yama Ibarida

  • Komera kumuhet Ntimukangwe Nuwo Aceberinda Ntimubayeho Kubwabant Siweyabare 0k Imana Izobarinda Nkwo Yama Ibarida

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.