Accueil > Amakuru > u Burundi > ACAT Burundi isaba Leta Gukurikiza ingingo ya 23 y’ibwirizwashingiro (...)
ACAT Burundi isaba Leta Gukurikiza ingingo ya 23 y’ibwirizwashingiro ry’uburundi
jeudi 28 Ntwarante 2013
Kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ni vyo biraje ishinga abagwanira agateka ka zina muntu mu Burundi.
Ishirahamwe ry’abakirisu rigwanya ihohoterwa rya kiremwamuntu ACAT ryaratunganije ihuriro ryo kwiyumvirira hamwe ryari ritumbereye abari muri Leta n’abandi batayirimwo.
Intumbero rero y’iryo huriro ryari iryo kwiyumvirira hamwe ,hamwe n’ishirwaho ry’ikigega co gushumbusha abakorewe ihohoterwa.Kubwa ACAT,iryo huriro ryari rifise intumbero yo guhamagarira Leta gukurikiza ingingo ya 23 y’ibwirizwashingiro ry’uburundi.
Iyo ngingo ikavuga ko icaha cose gikozwe n’umuntu ari muri Leta ategerezwa gushumbusha uwakorewe icaha kugira bace intege ihohoterwa.
Floxella Karire