IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Adolphe Rukenkanya asaba ko amategeko yokwubahirizwa

Adolphe Rukenkanya asaba ko amategeko yokwubahirizwa

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama Adolphe Rukenkanya yaremeheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2013 mu nyubakwa z’ubushikiranganji,intumbero yari iyo gushikiriza aho ahagaze ku bijanye n’amatora y’uwuzorongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB.

JPEG - 27.9 ko

Inyuma yaho uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru Lydia Nsekera amenyeshereje kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2013 ko amatora azoba kw’igenekerezo rya 5 Rusama uyu mwaka,umushikiranganji yamenyesheje ko amategeko ya FIFA yubahirizwa kuko atomoye neza.

Umushikiranganji avuga ko ayo mategeko avuga ko inyuma y’amezi 6 haheze amahiganwa mpuzamakungu yo kunonora imitsi Jeux Olympiques amashirahamwe y’umupira w’amaguru aca atunganya amatora yo gushiraho inzego nshasha.

JPEG - 29.6 ko

Kubera ivyo umushikiranganji aremera iyo tariki ariko avuga ko hari igihindutse inama ya bose izokorana ikarungikira itariki FIFA hanyuma ikavyemeza.

Kubwo umushikiranganji ngo Leta yipfuza ko haba kwubahiriza itegeko ry’igihugu,irigenga ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hamwe n’irigenga ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.Ikibi rero ngo ni igihe hoba uwurongoye ishirahamwe yohakana ko amatora atunganywa mu gihe kizwi n’amategeko.

Ku bijanye no kumenya igituma mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ariho bama bakurikiriranira hafi ibijanye n’amatora mu gihe nko mw’ishirahamwe rya Natation amatora aheruka mu mwaka wa 2002,umushikiranganji yamenyesheje ko atavyo yari azi kuko ari mushasha muri ayo mabanga,ariko ngo agiye kubikurikiranira hafi.

Twobamenyesha ko umushikiranganji yasavye ko hatoba igikorwa na kimwe co guhungabanya amahiganwa mu gihugu canke mpuzamakungu kandi ko amahiganwa azobandanya ukuri kwamye.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.