Accueil > Inkino > Afrika ishobora kuronka ibindi bibanza 2 mu gikombe c’isi
Afrika ishobora kuronka ibindi bibanza 2 mu gikombe c’isi
mardi 26 Mukakaro 2016, par
Umugabane wa Afrika uzoronka ibindi bibanza bibiri mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi ryokwongereza igitigiri c’ibihugu gushika kuri 40, kuva mu mwaka 2026, nk’uko bimenyeshwa n’umukuru wa Fifa, Gianni Infantino.
Infatino yasavye ko iyo migwi yokwongerekana, imbere y’uko atorerwa ayo mabanga yo kurongora iryo shirahamwe.
Ubu Afrika iserukirwa n’ibihugu bitanu gusa muri iryo higanwa.
"Icipfuzo canje yari imigwi 40, mu gihe cokwemezwa, umugabane wa Afrika uzoronka ibindi bibanza bibiri", niko Infantino yavuze.

Ico ciyumviro coshirwa mu bikorwa mu 2026, kuko ibihugu 32 ni vyo bizitaba inkino z’isi yose zizoba mu 2018 mu Burusiya no mu 2022 mu gihugu ca Qatar.
IGIHE
Messages
27 Mukakaro 2016, 13:34, par NYAMITWE
ASHA URARIVUZE MUTAMA BIRABONEKA KO ATAKARENGANYO WOBUFISE KUBANYAFRICA.CONGRATULATION ON YOUR DECISION.