IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Afrika y’Epfo iriteguye guhuza mu kibazo ca politike mu Burundi

Afrika y’Epfo iriteguye guhuza mu kibazo ca politike mu Burundi

vendredi 22 Nzero 2016

Umushikiranganji w’igihugu ca Afrika y’Epfo ajejwe imigenderanire Maité Nkoana-Mashabane amenyesha ko Reta ya Afrika y’Epfo yiteguye gufasha mu gikorwa co guhuza mu Burundi.

Inyuma y’umubonano Maité Nkoana-Mashabane yagiranye n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal Nyabenda mu rugendo arimwo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, Maité Nkoana-Mashabane yavuze ko Reta y’Uburundi yemera ibiganiro.

Maité Nkoana-Mashabane yavuze ko umushikiranganji w’imigenderanire mu gihugu ca Tanzaniya Augustine Mahiga,yagiye mu gihugu ca Afrika y’Epfo kubabwira ko akarere ka Afrika y’Ubuseruko kipfua ko Afrika y’Epfo yokora igikorwa co guhuza nkuko cabikoze ubwa mbere. Yavuze ko Mahiga ari kumwe n’intumwa y’Uburundi babemeje ko bazotumirwa mu biganiro.

Ku bijanye n’abasirikare boza gutsimbataza amahoro, Maité Nkoana-Mashabane yavuze ko ico abarundi badatahura,ari uko hoza abasirikare mu Burundi kandi Uburundi nabwo bufise abasirikare hanze bafasha mu gikorwa co kugarukana amahoro.

Inama y’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yari yashikirije iciyumviro co kurungika abasirikare 5000 bo mu rwego rwa MAPROBU boza gukinga ko amabi yiyongera mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • MAPROBU ni ngombwa cane kuko bizotuma n’abari barabuze uko bahunga babona aho bahungira hagati mu burundi, hanyuma Peter Nkurunziza ahitemwo gukizwa neza, canke kugwana bikagaragara aho gukorera abami babiri.

  • UMUBANYI NIWE MURYANGO WAVUGANEZA APANA KAGATAMA NGO NI KIMUONI KAMA KAVUGAKO GAFISIMPUNGENGD ZIDAHERA CANKE KAGWAYINTANDARA

  • Warivuzeneza nuko udahejeje, uburundi bifise abasirikare bagiye kugarukana amahiro, nimbavyobabikenewe kohaza muburundi abasirikare ba ONU nihaze abobarundi nyene barihanze basanzwe bakorana na ONU maze abaribo baguma bakorana ba ONU niyaba badakwije igitigiri cibigumbi 5000 baheze bongerezeko abandi batari abarundi, arikonahonyene iyo politique yabo bakoresha ivugango nabasoda bokuza kurinda abanyagihugu ntiyumvikana, ahubwo bovugako bazobabaje guhigana nabobihevyi bazabaratera za grenades bubenegihugu .

  • wewe avec manzumenye kwandika umenye nokuvuga hanyuma ubone gufwangagura ivyo ufwangagura

  • Afrika yepfo irabishoboye neza cane. yaravyifashemwo neza mu mishikirano ya mbere. kandi ntaho yegamiye nubudyo nu bukomezi irabufise. ni nteko irazifise zi shoboye ico gikogwa. nkuko nari narabivuze ubwa mbere inteko zose zo rungikwa mu Burundi zi kagenzugwa na Afrika yepfo nta mpungenge vyotera u Burundi na Babuyoboye kuko Bazinanye. Imana ifashe a Barundi nu Burundi. imyimenyezo ya gisirikare Bayigejeje kure nkuko tubibona hano. Gakozi Emmanuel i Pretoria.

  • Afrika yepfo irabishoboye neza cane. yaravyifashemwo neza mu mishikirano ya mbere. kandi ntaho yegamiye nubudyo nu bukomezi irabufise. ni nteko irazifise zi shoboye ico gikogwa. nkuko nari narabivuze ubwa mbere inteko zose zo rungikwa mu Burundi zi kagenzugwa na Afrika yepfo nta mpungenge vyotera u Burundi na Babuyoboye kuko Bazinanye. Imana ifashe a Barundi nu Burundi. imyimenyezo ya gisirikare Bayigejeje kure nkuko tubibona hano. Gakozi Emmanuel i Pretoria.

  • umushikiranganji w’IMIGENDERANIRE wa AFRIKA yepfo aratomoye koko ntivyoba bitahuritse na MBA mugihe ubwo bumwe Nyene bwa AFRIKA aribwo busaba UBUNDI kubungabunga AMAHORO mu bindi BIHUGU none ABABISHOBORA ahandi babinanirwa iwabo? UKUNDA umwana gusumba Nyina ukaba ugomba kumumwiba nta NTEKO dukeneye namba oyaaaaaaa

  • Africa yepfo irabishoboye
    Sintahurukuntu boturungikira za MAPROBU kandi natwe turibitumwako mumakungu.ivyobintu birimwigipfungu.nibavugishe ukuri icobabashakira

  • ikibazo kiri muburundi s ikibazo c gisirikare n ikibazo c politike. turashimye kandi turashigikiye intererano yanyu kuko mwebwe ntaho muhengamiye ico twobasaba twongera dusaba n UA nuko mwoshikira igihugu c urwanda kikareka kwivanga mubibazo vy uburundi. nay ubundiho #MAPROBU ntikenewe kuko ingabo zacu zirashoboye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.