Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agahinda niko kagira kice abavyeyi bavuga ko abana babo bapfiriye aho bita (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Agahinda niko kagira kice abavyeyi bavuga ko abana babo bapfiriye aho bita (...)

Agahinda niko kagira kice abavyeyi bavuga ko abana babo bapfiriye aho bita Kumase

mercredi 26 Ruhuhuma 2014

Abanyagihugu 354 harimwo abagabo 121, abagore 144 n’abana 119 bari imbere y’ahasanzwe hakorera umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, aho baje birukanywe aho abari basanzwe baba hitwa Kumase, aho n’aho, abo banyagihugu bakavuga ko utuzu twabo twabomowe n’abaporisi, bahagarikiwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Juma Saidi, ndetse bakavuga ko mu nyuma utwo tuzu twabo twaciye duturirwa.

Fitina Nzeyimana avuga ko umwuzukuru wiwe yatuririwe mu nzu

Abo banyagihugu twasanze aho imbere y’umuhuza w’abarundi Mouhamed Rukara, bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE ko, uwubapfukamye mu nda ari umukuru wa karitiye y’icenda yo muri komine ya Ngagara Prosperine Ndayishimiye. Bagiriza uwo mupfasoni gufashanya n’abandi bantu harimwo musitanteri wa komine ya Ngagara, bagaca badandaza ibibanza vyari bigenewe abo banyagihugu. Bamwe muri abo banyagihugu bari aho ku biro vy’umuhuza inyuma yo guturirirwa utuzu, bavuga ko Prosperine Ndayishimiye yabahinduriye amakarangamuntu akarenga kabiri, kugira baronke ibibanza, ariko mu nyuma bagasanga vyanditse ku bana biwe canke bamwe mu ncuti ziwe. Baremeza ko yahora abahenda, bagatora ikibanza, ariko mu nyuma uwo mupfasoni arongoye iyo karitiye, agaca ahadandaza abitwa ko ari ahabo, batabizi. Amafaranga avuyemwo, agakubitira ku w’inyuma.

Abana batari bake baryamye ku mbuga, abandi ku dusambi, abandi bicaye hasi. Bamwe bararwaye, abandi inzara ikaba igira ibakureho. Abavyeyi babo agashavu akaba kari kose, mu gihe bemeza ko aho Kumase bahari kuva mu myaka y’1960, abandi bakavuga ko bahaje mu ntambara zo kuva mu mwaka w’1993.

Umutamakazi umwe muri abo bahungiye ku muhuza w’abarundi aho twamusanze aryamye ku karago, inyuma y’umuduga w’umwe mu bakozi b’ibiro vy’umuhuza, Fitina Niyonzima yavuze ko agahinda ariko kagira kamwice, inyuma yaho umwuzukuru wiwe apfiriye aho Kumase. Uwo mutamakazi akaba ataco arashobora gushira ku munwa ku bw’agahinda kamwishe. Abandi bavyeyi nabo, bakaba batarashobora kubona abana babo, ntibazi iyo bahungiye gushika ubu. Mw’ibarabara ryinjira ahakorera umuhuza, abana benshi bakaba bagenda barasabiririza.

Tukabamenyesha ko umuyobozi ajejwe gutanga amakuru mu biro vy’umuhuza w’abarundi, Jerome Ndiho, yabwiye abamenyeshamakuru ko umuhuza ari muri Afrika y’Epfo, ariko ko yabasavye kuronderera abo banyagihugu aho baba barakitse umusaya, mu kurindira inyishu nyayo kandi irama, yemewe n’impande zose zerwa n’ayo matati. Muri ico kiganiro c’umwanya muto n’abamenyeshamakuru, nta n’umwe mubari ngaho yarekuriwe kubaza ikibazo.

Jerome Ndiho, ari i buryo yambaye ikoti yirabura
Umunyagihugu yemeza ko yakubiswe inyundo aho mu mutwe n'umuporisi
Bamwe mu banyagihugu bemeza ko umukuru wa karitiye y'icenda mu Ngagara Prosperine Ndayishimiye, yanyomoje mu kudandaza ibibanza vy'abanyagihugu, yishimirije igiti afise. Basaba ko n'ubutunzi afise bukwiye kugirwako amatohoza, bakaraba uko yaburonse.

Aristide Nizigire

Messages

  • Mbega muburundi kwica umuntu(crime)nuguhonyora insazi nico kimwe burya:birumvikana ko umuntu arutwa agaciro n’i tracteur ibomoramazu y’abakene!!Pease batware ukora inabi ikazogukurikira vyanka vyakunda!!Mutabare abo bagorwa yemwe!!

  • Nta munsi ndumva reta yuburundi yarubakiye amazu abanyagihugu basanzwe bakazopfuma bayariha bukebuke nkuko tubibona ahandi tubaye ahubwo barababomorerako haba kububakira,canke kubaha umuzibukirontibikanabeho!!Barundi twaragowe pe!!Politiqueyuburaro bwiza kubanyagihugu reta ntigira amafaranga yobikoze bakamira!!

  • guturira abantu!!! biratangaje akabi rere ategetsi barakamanye nambudashobora gutunganyiriza urya muto biragoye turagowe.Mana tugarukire.

  • burundi===central africa republic===somalia===SYRIA :Ibi bihugu biraje ishinga umuryango mpuzamakungu kuburyo butigeze bubaho mubinjana vyaheze

  • Mbega iyo leta ,vyukuri nibazima?!% ifise ingone zabahitanywe namazi batagira aho baba iterereza amakungu ,ikongera yonyene igata abantu hanze! none mwobwira ko bakomeye mumitwe ncanke bafata ka Cocaine, murasuzuma neza kuko ntibibaho ko harumuntu muzima mumutwe yibikora

  • Mon Dieu , c’est horrible ce que je vois. Dites moi, est ce que ces chefs qui voient ces pauvres gens pensent àquoi? Ils n’ont pas honte? Ubwo niba bari bakeneye ivyo bibanza, ntibari kububakira ahandi aho kurinda kubaturirira munzu. Mes chers compatriotes, je compatis avec vous. Twarinjiranwe nukuri.

  • Si ugukinda ku muvyimba abababaye kuko iy nda nayirayeko Nkabuzwabuzwa imyaka irenga23, wihweje abarundi n’abanyarwanda wobona neza ko basangiye uruzogi canke ar’amahasa,

    Aba bavukanyi none habuzemwo abakinagiye bamamaza canke batora INTWARO ibereye?, No mu Rwanda n’uko; abaturage bakurwa mu vyabo hagamijwe kubakakwa imiturirwa y’amazu bita ngo; N’iterambere! None uravye aba bana ukitegereza aba bavyeyi, Ejo uwogutuma kwiyamamaza wovuga iki? Ubu za Santre de Sante "imiduga mwiza mwiza y’abo batoye ntihita ibasurirako ivu/ibatako ivyondo? Ikibazo co mu Burundi n’i Rwanda ntiahagaze ku moko ahanini, ahubwo ni UDUTSIKO/UTURWI tw’abantu ari ba Mpemayuzuye bishakira guhaga noguhaza ababo ahasigaye Asiyenawawo kakomba ngalho" Imvukira ziciye akenge nizitangure kwiyamamaza atari ivy’akarimi baboneke mu gufasha aba bantu usivye kubadandaza!, Aba Ubwoko ntaco bubamariye kuko kuribo ni Ikarata y’Ikiganasha akavuze mwene Rugambwa umwana w’Umunyiginya. Abitwaza amoko ni bashire hasi. Ahubwo umuntu yohamagara ubwoko bw’Imana (Abakristo n’Abakirisu kwerekana ubuntu bw’Imana muri aka kaga aba bantu barimwo, Kuko ngo"UMUKOBWA NTASEKA UWUNDI UMUKORI NTABA AZI ICAWUMUTEYE"

  • Nagira hagowe abatutsi bobo bagirizwa ivya 1972!!!!

  • Mugihebasha Ababafasha Kukonitegerejekuvyobasabamwobibafashamwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.