IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Agateka ka zina muntu kagumye gahonyangwa inyuma y’intahe y’ukwikukira

Agateka ka zina muntu kagumye gahonyangwa inyuma y’intahe y’ukwikukira

mardi 2 Mukakaro 2013

Kuva Uburundi buronse intahe y’ukwikukira ku wa mbere Mukakaro umwaka w’1962, kwubahiriza agateka ka zina muntu vyamye bigora abari bashinzwe kugakingira, aho abantu banyuruzwa, abandi bakicwa abajejwe kubakingira barorera.

Inyuma y’imyaka mike, abantu isinzi barishwe urw’agashinyaguro mu mwaka w’1972, abarundi batandukanye barangazwa, inyuma y’ukubura ivyabo n’ababo. Muri uyo mwaka, urwaruka rutandukanye rwarakoreshejwe, maze ayo mabi yo kwica abatari basangiye ubwoko, ivyiyumviro n’abandi biraheza bitera iceyi Uburundi n’abarundi bari barikukiye. Ikintu gitangaje n’ukwo Uburundi bwahimbaza intahe y’imyaka icumi, ariko abokingiye abanyagihugu, akaba aribo babanigira mu menshi.

Agateka ka zina muntu kari mu biranga ukwikukira kw’igihugu nyakwo, ntitwokwemeza ko agateka ka zina muntu koba karigeze kubahirizwa, kuko mu mwaka w’1993, abandi bantu barishwe urw’agashinyaguro aho hari haheze amezi atatu gusa abategetsi batandukanye b’igihugu, abajandarume, abasirikare, n’abanyagihugu bari bagize idefile nziza cane bahayagiza ukwikukira kw’Uburundi. Umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu araheza aricwa inzego zari zishinzwe ku mucungerera ubuzima zirorera, ntizagira ico zikoze ngo zirokore ubuzima bw’uyo munyacubahiro.

Kuva aho habereye amasezerano yo guhagarika intambara, imirwi imwe imwe yarwana ikitabira amatora, ndetse umugambwe CNDD-FDD wari mu mihari yarwana na Leta y’ico gihe ugatsinda amatora ya mbere y’inyuma yiharikwa ry’intambara, amashirahamwe mpuzamakungu ntiyigeze ahengeshanya gusohora ivyegeranyo bivuga ku mabi yakorerwa abanyagihugu. Aho kenshi igipolisi, urwaruka rw’imbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, abarwanyi b’umuhari FNL bagirijwe kwica abantu kuva mu maka w’2005 gushika mu mwaka w’2010 co kimwe n’ugutoteza agateka kazina muntu.

Amashirahamwe akorera mu Burundi aharanira agateka ka zina muntu co kimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu nayo, barasohoye ivyegeranyo bitari bike bivuga ko abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, bahohotewe ndetse abandi bakicwa. Aha twovuga abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga baboshwe bakuwe aho bari bapfungiwe, maze bakajanwa gutabwa mu nzuzi, n’ubwicanyi bundi butandukanye bwagiye buravurwa kandi bukagirizwa Imbonerakure n’igipolisi, haba umugambi wiswe safisha, n’ayandi mabi y’agahomera bunwa yagiye arakorerwa abanyagihugu kandi igihugu carikukiye.

Muri uyu mwaka w’2013 tumaze imyaka 51 turonse intahe y’ukwikukira, abatari bake haba abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, canke abanyepolitike batandukanye, baremeza ko uyu mwaka agateka kazinamuntu kagerageje kwubahirizwa, n’aho hatabuze utuntu tumwe tumwe twagiye turacamwo, ariko bakavuga ko atarico kimwe n’imyaka iheze aho ibiziga vyatorwa mu nzuzi nk’aho umenga niho hari hasigaye harahindutse imva z’abantu.

Twizere ka utunege tumwe tumwe twibonekeje mw’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu uyu mwaka, hazogera mu mwaka w’2014 turiko duhimbaza imyaka 52, imyaka ibiri inyuma y’uguhimbaza yubire y’umwakaka, twose tutakivurwa mu gihugu, ndetse igihugu kivurwa ko ari igihugu c’amata n’ubuki nk’uko twakirazwe na basokuru.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.