IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Akajagari kibonekeza mu mabarabara niko gatera amasanganya

Akajagari kibonekeza mu mabarabara niko gatera amasanganya

jeudi 11 Mukakaro 2013

Amasanganya mu gihugu c’Uburundi ngo yoba atumwa n’akajagari kibonekeza mu mabarabara, canke ndetse n’ukudahana abarenga amategeko vyoba vyibonekeza mu bantu bafise imiduga mu gihe bagendesha imiduga n’umuvumbuko urenze urugero, canke ugasanga mu gisagara hagati bariko baragendesha kuri nya muvuduko, canke naho baborewe.

Yaba imodoka zinini zinini, zito zito, amakinga , amapikipiki, zose zikoresha umuvuduko munini rwose, ivyo rero bigatuma abo nyene bashobora guca bagongana, mu gihe atawaretse uwundi ngo arengane, maze ugasanga umenga bari mumahiganwa y’ugutwara izo ngendeshwa zabo. Agateka ka zina muntu niko gahungabanywa muri ico gihe c’ayo masanganya.

Mu gisagara ca Bujumbura rero, amasanganya menshi aba mu gihe c’impera y’indwi abantu bamwe bamwe usanga baborewe, bakagendesha n’umuvuduko urenze, kutubahiriza ibimenyetso vyo ku mabarabara, n’ibindi aho usanga imodoka zimwe zimwe zigenda zidakwije vya ngombwa. Ivyo rero bikaba ari vyo bituma amasanganya arwira cane nk’uko bimenyeshwa n’igipolisi kijejwe umutekano mu mabarabara. Mu minsi iheze rero, amasanganya amwe amwe yaraterwa n’amapikipiki yari menshi cane kuko abazigendesha batari bazi amategeko agenga amabarabara . Ubu rero ayo masanganya akaba ariko aragabanuka kuva aho Leta ifatiye ingingo ko izo pikipiki zitagishobora kwinjira hagati mu gisagara. Ariko rero naho biri ukwo, muri iyi minsi, izo pikipiki ziratanguye kuza ziriyiba kamwe kamwe, zinjira mu gisagara cane cane mw’ijoro.

Mu ntara zo hagati mu gihugu naho, amasanganya atari menshi nko mu gisagara ca Bujumbura, izibaye zose ntihabura abo zihitana. Ivyo rero bigatumwa n’ubukomezi buke bw’imiduga, ukutamenya kugendesha imiduga, kutamenya amategeko agenga amabarabara, n’ibindi. Nko mw’ibarabara rya Bujumbura - Bugarama, haribonekeza amasanganya menshi, aho amwe amwe usanga yagizwe n’imiduga ya rukwegane iva i Mombasa muri Kenya izanye imizigo, aho ihitana abantu n’ibintu.

Kugira rero ingorane z’amasanganya zivurwa zigabanuke, harakenewe ko abapolisi bajejwe gucungera umutekano mu mabarabara ko borikanura, maze bagahana bivuye inyuma abantu bose barenga ku mategeko agenga amabarabara, cane cane bagatuza abantu bagendesha imiduga baborewe, n’ibindi vyinshi bibujijwe canke ibisabwa kugira amasanganya agabanuke mu gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.