Accueil > Amakuru > u Burundi > Akanyamuneza kakataraboneka i Bujumbura ku ntsinzi y’Intamba mu (...)
Akanyamuneza kakataraboneka i Bujumbura ku ntsinzi y’Intamba mu rugamba
dimanche 19 Nzero 2014
Inyuma y’intsinzi y’umurwi w’Intamba mu rugamba ku murwi nserukiragihugu wa Mauritanie, akanyamuneza kari i Bujumbura ntikari gasanzwe muri iri joro rya keye. Uri abana, abakuza, bose inyuma y ‘urukino, bose bihaye amabarabara baririmba batamba batarika.

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu, kuva isaha zibiri z’ijoro, abantu benshi bari imbere y’imboneshakure bakurikira urukino rw’Uburundi na Mauritanie mw’ihiganwa rya CHAN 2014. Uciye mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura, hari akaruru k’abariko barakurikirana urwo rukino. Cane cane ku minota ya 12 na 61 y’urukino aho Abdoul Fiston na Christophe Nduwarugira binjiza ibitsindo vy’umurwi, induru y’akanyamuneza niyo yasirana muma karatiye.

Mu gihe umurwi wa Mauritanie ugomboye ivyo bitsinzo, abarorerezi basa n’abacitse intege, bijiriwe haba mu bunywero no mu ngo. Aho kizigenza w’Intamba mu rugamba, Selemani Nduwimana yahusha « penalties », akababaro kari kwose. Ariko ku munota wa nyuma w’urukino, Selemani Nduwimana yinjije igitsindo, urwamo rwinshi rwaciye rutangura kwasana. Umuhagarikizi avugije ifirimbi yanyuma y’urukino, abantu baciye biha amabarabara.

Nubwo bwari bwije, abantu buzuye akamwemwe kenshi, bihaye amabarabara. Imvyino nyinshi zihayagiza umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba, abakinyi binjije ibitsindo (Fiston, Christophe na Selemani). Abana agatuza hejuru, abakuze uko nyene, bose batamba mu mabarabara muma karatiye yose ya Bujumbura kuva mu Buraruko gushika mu Bumanuko bw’igisagara.

Imiduga, amakinga, amapikipiki ntiyatanzwe gukorokerezwa mw’ibarabara ziguma zivuza amafirimbi, abantu bazurira indirimbo zitabava ku munwa. Ndetse bamwe bakaba baciye batangura kwiha agacupa kubera umunezero.





INGABIRE Luc-Noël
Messages
19 Nzero 2014, 16:58, par ko
Intamba oyeeeee!!! twararyohewe cane
19 Nzero 2014, 18:22, par Mama
Jewe abobavukanyi banje bi Bujumbura ndabatahura kuko iyintsinzi yi Ntamba mu rugamba irazimvye uwutoyiryahumunyenga arumurundi yobahomvye.
19 Nzero 2014, 20:10, par Nsabimana J Claude
Imana ihabwe icubahiro kubwintsinzi twaraye turonse twebwe tubahano South Africa twaryohewe kubasumvya kuko vyaduhaye kumenyekana kuko abanyagihugu bongaha ntibazi uburundi icarico ububaraye bamenye ahobuherereye natwe ubutwamenyekanye ibendera ryarahungabanye turishimana numurwi wacu Nukubasabira kumana Ibahinkomezi nigikombe tuzagitwara Turashimiyd n Abarongozi bitanga batiziganya kugira umupira wamaguru uterimbere Murakoze.
19 Nzero 2014, 23:58, par Congera emmanuel
Twebwe natwe muri afrique du sud umunezero dufise urarenze twaray turavuza ingoma nikiryoha cinshi
20 Nzero 2014, 10:07, par ntezimana
iyi ekipe yacu ikwiye gushigikirwa kugira turabe ko abarundi twova mu bitagira akamaro tukagira iterambere riboneka.
1er Mukakaro 2015, 19:46, par Ndayizeye Prosper
Sha Intamba N’abagabo,nibakomere Turi Inyuma Yazo!
9 Gitugutu 2016, 19:44, par niyokindi said
itsinzi inezereje abarundi twese imana ibahezagire
18 Mukakaro 2018, 17:26, par Irankunda Jean
Andika hano
30 Gitugutu 2018, 19:34, par Roger Ntimpirangeza
Ngomba Inkino Zizoba Muriyindwi
4 Munyonyo 2018, 07:42, par Hakizimana DELPHIN
jew ndumufan wa real madrid numukino mwizacan ndaramukije abafana mbega reyar izokina ryar ok murakoz
17 Munyonyo 2018, 20:11, par Ndabarushimana Bénoît
Kweri ndashimiye cane bimwe bivuye kumutima intamba murugamba ziguma ziteza imbere igihugu cacu zigatuma natwe abarundi tumenyekana mumakungu hoseko turintwari nizikomere kumuheto