Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Alain Aime Nyamitwe :" Urwanda rurafise uruhara mu mutekano muke uri mu Burundi"
Yanditswe taliki ya 1er-10-2015 - isaha 08:43' na Van Naris Mugisha

Reta y’Uburundi iragiriza igihugu c’Urwanda kugira uruhara ngorane za politike n’umutekano muke w’ibonekeza mu gihugu c’Uburundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza 2015.

Inyuma y’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ry’ibihugu bigize akarere k’ibiyaga binini CIRGL,umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu Alain Aime Nyamitwe yavuze ko bafise amakuru ko hari urwaruka rwahungiye mu Rwanda ruriko ruronswa inyigisho za gisirikare.

Naho ashima ko igihugu c’Urwanda cakiriye impunzi z’abarundi,umushikiranganji Alain Aime Nyamitwe avuga ko ikambi ivugwamwo cane urwaruka rugira inyigisho za gisirikare ari ikambi y’impunzi ya Mahama.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu avuga ko bafise amakuru yemeza kandi ko abagomvye gushikira ubutegetsi bakoresheje ibirwanisho nabo nyene bari mu gihugu c’Urwanda.

Ku bijanye n’uko igihugu c’Urwanda naco cagiriza Uburundi ko hari abarwanyi b’umuhari FDLR bahawe indaro mu Burundi,umushikiranganji Alain Aime Nyamitwe avuga ko hari umurwi warungitswe ngo ugire amatohoza kandi ko icegerenyo kitaraja ahabona,rero ko ari ukurindira ibizova muri ayo matohoza yagizwe.

Naho biri ukwo,igihugu c’Urwanda caramaze kumenyesha ko ivyashikirijwe mw’itangazo ry’ishirahamwe CIRGL kitavyemera,kandi ko n’umurwi w’amatohoza worungikwa gukora amatohoza kuko ibintu bimeze hagati y’Uburundi n’Urwanda kitavyemera.

Ivyiyumviro vyanyu

mwa barundi mwe nimutabaze Imana,sinon kwitwaza abaturanyi ntaho vyobashitsa !murava kugwanda !emwe muraronse abo mukinirako !barya ntaco bakurikira muburundi cotuma babateza umutekano mukeya !

9.10.2015 à 05:32
ciza

Mbe urwanda muruzanye mute mubibazo vh abarundi ? mbe urwanda nirwo rwazanye 3 eme mandat ? mbe urwanda nirwo rwirirwa rurica abanyagihugu ? mbe mwarigeze mubona umunyarwanda muri ano magume turimo ? preuves ni izihe zituma mwirirwa muravuga urwanda urwanda ?nimureke gufata ibibazo abarundi barimwo ngo mubigire ivy akarere kose ntaho bihuriye namba. Mbe izo mpunzi muvuga ziri murwanda zibateye ubwoba ko mudatinya iziri tanzaniya congo n ahandi kandi bose ico bahunze ari kimwe ? Barundi bene wacu kira mutu na muzigo wake urwanda ntanyungu rufise mubibera muburundi ronderera ikibazo ahandi.

8.10.2015 à 10:43
bonane

Sha murabuze aho muhimbira ico mutazi ni uRwanda Nkurumbi amaze kuborerwa amaraso y abarundi none ngo ashaka gukindira ku rwanda nabandanye azokumirwa.

7.10.2015 à 14:52
sinda@yahoo.com

Sha murabuze aho muhimbira ico mutazi ni uRwanda Nkurumbi amaze kuborerwa amaraso y abarundi none ngo ashaka gukindira ku rwanda nabandanye azokumirwa.

7.10.2015 à 14:51
sinda@yahoo.com

Birahambaye

4.10.2015 à 21:45
Richard

none mubigejejehe ?ntakiravamwo ?

4.10.2015 à 13:22
DEZIRE NTAHONDI

Rwanda waragowe, ubuse niwowe wabwiye Nkurunziza kwitoza ubugira gatatu, nyuma yo gukoresha iterabwoba kuri Cour constitutionelle !!!

3.10.2015 à 14:29
Peter NGIRIMANA

Nonekumengu RWandarufisubwoba Nibareke Amatohoza Ako Rwe. Abantubamenyukuri.

2.10.2015 à 23:23
Ndayegamiye Mika

Nonekumengu RWandarufisubwoba Nibareke Amatohoza Ako Rwe. Abantubamenyukuri.

2.10.2015 à 23:21
Ndayegamiye Mika

nareke guswaganya

2.10.2015 à 15:42
b

Ewe Rwanda waragowe, abo vyatekurukanye bose batemba bagutembana bakirengagiza ko aribo ahubwo baguteje ibibazo. Ariko ico nshima nuko buri igihe uvyitwaramwo neza. Bategetsi b’Uburundi mushatse mworeka kwiteranya, mwemeza ivyo mudafitiye preuves !

2.10.2015 à 08:28
che

yaco mwiyaraza kuko ako kayi nimwe mwagashuhije. s abanyarwanda ni.mwebwe nyene. kanywe rero mukamare.

2.10.2015 à 06:31
yago

yaco mwiyaraza kuko ako kayi nimwe mwagashuhije. s abanyarwanda ni.mwebwe nyene. kanywe rero mukamare.

2.10.2015 à 06:31
yago

Urwanda N’inkwezi Y’amarere Muri Kano Karere.Muri Congo Urwanda Nirwo Ruteza Umutekano Muke.Umurozi Araroga Kera Hama Akazira Uruyoya.Abarundi Bakunda Igihugu Atari Abagambanyi Turi Maso.Wait And See !

2.10.2015 à 03:17
Pontien

Burya iminsi y’igisuma iraharuye,inyenzi mwagiye ngaho mwigira utwinda zigira mw’ibutura muri africa mwibazango bizobandanya uko ?Burya rindira ako kanyaro kazoteba gahera ,rindira mumenyekane muzoteba muhigwa muri africa yose nk’aba al chabab,

2.10.2015 à 01:14
fidelite

Eeeehega barundi, aba bene NYAMITWE ntakindi bamariye uburundi uretse inda zabo gusa, mbega kuvuga amajambo nkaya mwibaza ko arivyo bizaheza ijyane ngaha a iwac. No NKURUNZIZA 3 rd Term, ibi vyo kutujijisha bateza agasomborotso kubabanyi bacu babanyagwanda ntavyo dushaka. Dukeneye ubuyubozi i burundi .

1er.10.2015 à 22:19
cibitoki

None Ivyo Vyose Ntibazi Ikibitera Nintumbero Yavyo ?Aho Vyooos Vyavuy Ntanumw Ahayobew Kuko Ntivyamy Uko !Ayo Majambo Yoyo Twarayahaz Dukeney Ibikorwa !Amaraso Yabarundi Aseseka Ijoro Numutaga Ntawuzi Ico Azorihwa Gushika Ubu !Abategetsi Badusiga Inkore Kumaso Ngo Umutekano Uriho Arko Ntawo !Nibarabe Cause Majeure Aho Kuraba Conséquence !Ntiworwanya Malaria Utarwanij Umubu Ngo Uz Ubishobor !

1er.10.2015 à 20:12
Bizimana Isaac

Alain Aime NYAMITWE izina ribaye umuntu koko ! mwebwe murakorana amanyanyaga na secretariat ya ICGLR iyoborwa numukongomani mwiyumvira yuko abanyarwanda ari ibijuju vyo kwakira ayo manyanga yanyu,Mbe URwanda mukeka ko rutazi abo ba Fdlr mukorana bamwe mwanashize mu gipolisi,naho mwabakirira mu gatumba nahandi harazwi,Mbe URwanda nirwo rwabwiye nkurunziza kurenga ku masezerano ya arusha yo nkwezi yingorane zihari,mwe mwataye umutwe,URwanda ntimuzarushobora gusa turarushimira ko rwatabaye impunzi bene wacu baruhungiyeko,ni mwemere mushikirane nabo batemera ingingo zamanayanga mwafashe amahoro agaruke.

1er.10.2015 à 17:24
amani sasita

Ndabonako abarundi biyemeje gufashwa na Kagame bahagurukiye kimwe mukwiyamiriza ivyo umushikiranganji wigihugu cacu cu Burundi namakungu avuze kuribirero ntaconirirwa ndavuga kuko icaricarambabaje nuko nyenicubahiro ataribwatangaze icese ivyurwanda ruriko rurakorera igihugu kibanyi, twaravyihoreye nimwe, kabiri, gatatu, nokurenga twibaza koruzobikaka ariko bakomeje kwisuniriza, uburero twabonye ningombwa tubibabwire nabarundi bavyumve, nabanyarwanda bavyumve, namakungu avyumve, ibinavyo turafise igiherunaka tuzobivugiramwo, ikizokurikira turakizi ariko ntacomvuze ngaha.

1er.10.2015 à 15:30
Schwarzenegger

Quel mensonge monsieur Alain Aimé Ntamitwe ! c’est plutôt le président afise uruhara mu mutekano muke uriko urigaragaza mu Burundi. Pensez plus àla notion de ’’relation de cause àeffet’’. En terme de psychologie on appelle ça ’’déplacement’’ et en terme de Philosophie ça devient ’’la médisance’’. Diplomatiquement c’est très dangereux et mauvais. Kwandagaza, kraraza kwifatira mu gahanga abandi kandi ububegito buri iwawe ukaja kuburondera ahandi.

Sauf wewe gusa tout le monde savait que très ko umutekano uzomera nabi ikiringo ca gatatu acubahutse. Ronderera ngaho nyene ! si tu n’est pas aveugle !

1er.10.2015 à 14:04
Nzinahora Joseph
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.