Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Alain Guillaume Bunyoni na Adolphe Nshimirimana babogojwe
Yanditswe taliki ya 28-11-2014 - isaha 10:59'

Alain Guillaume Bunyoni na Adolphe Nshimirimana bahejeje kubogozwa mu mabanga yabo nk’uko tubikura ku rubuga rwa Facebook rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

JPEG - 65.3 ko
Commissaire de Police Chef Alain Guillaume Bunyoni

Adolphe Nshimirimana yari ajejwe igendereza ry’Uburundi, akaba yabogojwe aca agenwa mu mabanga yandi n’ikete inomero 100/272 ryo ku wa 28 Munyonyo, aho yagenywe kugira arongore ibijanye n’ingendo mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Commissaire de Police Chef Alain Guillaume Bunyoni akaba yasubiriwe na Anatole Manirakiza, yagenywe n’ikete ry’umukuru w’igihugu inomero 100/267 ryo ku wa 28 Munyonyo uwu mwaka 2014.

Lieutenant General Adolphe Nshimirimana akaba yagenywe kuba umukuru w’igendereza ry’Uburundi kuva mu mwaka w’2005, umugambwe CNDD FDD ugishikira ubutegetsi, akaba yasubiriwe na General Major Godefroid Niyombare yarasanzwe aserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya, akaba yari yarigeze kuba umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, nayo Alain Guillaume Bunyoni akaba imbere y’uko aja kuba umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu yari umushikiranganji ajejwe umutekano w’abanyagihugu, ubu akaba agiye kuba kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano.

Mukamenya ko abatari bake bafise amapete ya General bakuwe mu mabanga bahoramwo mu biro vy’umukuru w’igihugu canke mw’igendereza bashirwa mu bindi bibanza, izo ngingo zikaba zafashwe mu gihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari mu gihugu ca Senegal aho ariko akurikirana inama y’abakuru b’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa.

Lieutenant General Adolphe Nshimirimana
Ivyiyumviro vyanyu

Nukur Vyob Vyiz Kand Umukuru Wigihugu Yabahay Abona Ko Babishoboy !

24.06.2016 à 21:20
Nzambimana Innocent

Imvayiwe

9.05.2016 à 19:47
ADOROFE

jenelale yarumugen zi

28.02.2016 à 11:28
mukeshimana

IYONKURU NINZIZA TURONDERERE NIZIND

15.02.2016 à 13:46
BIRAGOYE

NTAKUNDI NIBIHANGANE

19.10.2015 à 19:15
JONAS

Ntakund Uburund Burahomvy Intar

21.08.2015 à 20:09
K6K6

NTAMUHINGA WISI

16.08.2015 à 07:38
######

barakamubogoza

8.08.2015 à 21:30
Munezero

Vyagenzegute

6.08.2015 à 19:48
Adorofe

adorofe

3.08.2015 à 17:25
image

NONE TWOKWEMERA KONYENE BAMURASHE ?

2.08.2015 à 20:57
ILDEPHONCE

Kotwumvako General Adolphe Yishwe Vyoba Arivyo ?.

2.08.2015 à 18:43
Tade

Kotwumvako General Adolphe Yishwe Vyoba Arivyo ?.

2.08.2015 à 18:42
Tade

Kotwumvako General Adolphe Yishwe Vyoba Arivyo ?.

2.08.2015 à 18:42
Tade

Turavye ukungene igihugu cacu c,ubundi kiguma gisubinyuma umuPresident agiyeko azokoreshe neza amahera aronka igihe ciwe kigeze ahereze abandi.

2.08.2015 à 17:25
Abdul niyonzima

Abami Ba Istraë l Barongora Igihugu Neza Kuko Bagendana N’Imana Natwe Dukwiye Kubigirako Niho Amahoro Yoboneka.

27.05.2015 à 16:38
Ndihokubwayo Godefroid

Nyakubahwa,umukuruwigihugu’ndaziarakunda,uburundi,nabarundiniyiyumvigishingantahe-ahebeimandaya(3}abarundibarekeguhunga.

27.05.2015 à 10:11
Meshack

je félicite les militaire qui ses sont donnés corps et ame enfin de proteger le pouvoir de notre cher president

20.05.2015 à 10:39
rosa paula

reka abo bategetsi bacu imana yaduhaye bajandajande sha badukuye habi eka niyo bokora agakosa ntakibazo kuko basokuru barayamaze ngwigito gitabwiwabo nibirambire badukuye habi mwabahutumwe ba mushiragatima mpembeo mwibuke akakera mushigikire president nabafasha biwe bumutima

20.05.2015 à 10:15
rosa paula

TURABE NEZA ABARUNDI NTITUBABAZE IMANA NTITUZOHAVURE TWISHIKANA ARUKWO IKINYAMUGIGIMA GITEYE UWUSENGA NAKOMEZE ASENGE AREKE GUKOMEZA IMIGUMUKO IMANA NTITUYIRUTISHE IMIGUMUKO

19.05.2015 à 19:38
SIBOMANA EMILE
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.