IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Nyamitwe: "Kuzana inteko mu gihugu gifise inzego z’umutekano si (...)

Alain Nyamitwe: "Kuzana inteko mu gihugu gifise inzego z’umutekano si ingingo ipfa gufatwa."

vendredi 21 Myandagaro 2015

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe, avuga ko mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, hari abasavye kwizanira abajejwe gucungera umutekano bavanye mu bihugu vyabo.

Alain Nyamitwe yavuze ko kwizanira abacungera umutekano w’abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu bikorwa hisunzwe amasezerano y’igihugu na mpuzamakungu.
Yavuze ko amasezerano y’ i Vienne ivyo atabibuza, ariko rero babanza kwihweza ko ari ngombwa.

Ku bwiwe, ko boba bafise impungenge n’ibisanzwe, ariko kandi gusaba kuzana inteko mu gihugu gifise inzego z’umutekano zikwiye, zinaterera hanze, si ingingo ipfa gufatwa.

Kubwa Alain Nyamitwe umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ico kibazo kugira gifatweko ingingo n’ukubanza kugiranira amasezerano n’igihugu kimwe kimwe ukwaco.

Yavuze ko mu gihe vyoba ngombwa barashobora guhabwa abapolisi canke abasirikare bake bo kubafasha mu gihe bikenewe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • UBWICANYI BUVUGWA IBUJUMBURA

  • Uko n’ukuri,ntivyoroshe ko inzego z’umutekano zinjirira ku zindi ata masezerano ivyo bihugu vyagiriraniye.

  • kuberiki badusuzugurira ingabo zacu ivyo zikora somaliya centre afrique nahandi ntibabibona bafise ubwoba bwiki

  • arumunyarwanda ntimuze mumwemerere ivyobakoze turabizi ninzira yokwinjiza ibirwanisho

  • Irambire nyakubahwa alain. Muciyumviro canje, novuga ko abobantu nukubaraba neza, ntabe ari mission barimwo, yokugomba kwinziza mugihugu ba bansi bigihugu babarizwa mubuhungiro. Mbe aho batugaya, iwacu ntangabo dufise zikomeye kurusha nizabo! Ahubwo vyabananiye ivyobakora nibakinjure bagende iwabo!

  • Murabarabe neza abousanga bafitaniye mission na na Nyangoma bazane abasirikare baza gutembagaza reta, ntimuvyemere naga to. Uwuzobina kwatamutekanoafise yugare ibiro vyiwe atahe, burundi dufise inteko zikwiye bakure hako gasuzuguro. Muribuke mu Rwanda amabi ya kozwe nabasirikare ba UN nibo Baja barazana aba inyenzi nkotanyi mumiduga yamakara babarunda mugisagara kagame amaze kubo a bagwiriye bamufasha no guhanua indege. Ayomashano yabazungu sabantu nibokweziyibara kwisi.

  • Hariho abantu bataramutswa kubona abasirikare buburundi baracanzwe bakaba uyumusi harimwo abahutu nabatutsi nabatwa, bobo bishakira igisirikare cubwokobumwe none kuvakera muzamirongo indwi s na 80 na 93 kobataribwasabe ko bizanira ababacungera kandariho ibintu vyaribibi kuruta uyumusi!?. Twebwe ducungerewe umutekano nabasirikare bigihugu cu Burundi ntiturabantu bavamaraso nkamwe yemwe ntakomutagira kugira mucafuje uburundi.

  • emma
    nyakubahwa nyamitwe ntimwemere kuberiki batemera igisoda nigi POLICE vyigihugu cacu? uko nakagaye. Mbe kare ntibahaba atabasoda biwawo baraha iwacu? nonoho nibareke ubwoba turipanze kugisoda nigi POLICE, atari kurondera imvano ya ndyogo bobivamwo.

  • NIBAZAKOATARIVYIZANAGATO.KUKOHAMWEVYOBARINKENERWAKOBABAZANANUKURABANEZAKOATARUMUKENYUROWABONUMVABASHIZEIYINDILETAHANZEWOKWINJIRAMUGIHUGUKUGIRABASENYURELETAYARAYEITOWENABENEGIHUGUNUBWOBOSEBATAYUMVAKUMWE.KANDIVYOBONEKAKOABASODANABAPOLISIBUBURUNDIATACOBAGISHOBOYE.NDETSEBISHITSENINZEGOZAGISIRIKAREN’IGIPOLISIBIRIGUFASHAKUGARUKANAAMAHOROMUBINDIBIHUGUVYOCABITAHUKAKUKOVYOBABIGARAGAYEKOBITAGISHOBOYEGUHAGARARIRAAMAHORO.

  • Abantu bariko baricwa ico gipolisi n’igisoda badahari !!!!

  • Ahubwo uriko urakuga nk’umusega ubwambemuri 2000 ko bari baje ntagisoda cari gihari m’uburundi? Ahubwo waneye ubwenge usiga umuvyindi mumutwe wawe.

  • Zamugira indero,NGO arakuga!!Wibazako uburundi ari ubwaso na nyokogusa,hanyuma umutukire kwirembo iwanyu?Avugira igihugu nabwo ariwewe wamutumye,ntimukabe muta indero ejo ngo nimbonera kure,nkawe utoguha igitj akubonye ninde?Numwanawaw ntiyovuga nkuko,aho uba ututse abarundi twese.Niba utamushaka ntukwiye kudutuka tws,kandi namwe ntawubashaka,kko ntandero mufise,ubu abarundi mubana hafi bafashe indero iroka nkawe ntimwokwma muhana ingumu?Useka mukeba ngo ntazigutamba waza ntumurushe,namwe ntavyiza mwaaboye atari kwica abanyagihugu ikivunga.

  • Jewe numva abo baserukira ibihugu vyabo batarira busema. Ko barinze basaba kwizanira abacungerera umutekano, barabona neza ko bikenewe. Hari uturorero n’utubazo vyerekana ko abasoda nabapolisi b’uburundi badashoboye gucungera umutekano neza.
    1. Kuva imyiyerekano itanguye hamaze kwicwa abantu barenga ijana, mbere n’abasoda barishwe bikavugwa ko bishwe n’igipolisi. None nimba arivyo igipolisi hari umuntu afise umutima yokwizera ngo kiramucungira umutekano?
    2. Nimba abasoda birigwa baricwa wumva bokingira nde kandi nano bskeneye kwikingira csnke gukingirwa?
    3. Ko ata joro ryijana abanyagihugu batagandaguwe bunyamaswa, izo nzego z’umutekano Nyamitwe avuga abo bantu bicwa ziri he? Abo bica abarundi ntiboshobora kwica aba diplomates?
    4. Nimba inzego z’umutekano zidashoboye gukingira abarundi zizokingira gute abanyamahanga na cane cane aba diplomates ko muri ino misi bigaragara ko hari ibihugu bimwe bimwe bitabonwa neza na leta y’uburundi?
    5. Nk’ubu hagize umu diplomate agira icaba (ariko ntavyo nipfuza na gato) vyobazwa nde kandi baritakambiye? Ntimubona ko uburundi bwoca bugira ingirane zisumba cane kubareka bakicungira umutekano?
    6. Mbega aho Museveni yaza mu Burundi ko yizaniye ingabo amajana n’ibigwanisho bikomeye vyo kumucunga, ingabo zacu zari hehe? Ko Nyamitwe atavyanse?
    Abavuga nabo ngo batunya ko bozana ibigwanisho canke bagatembagaza ubutegetsi nibaza ko mwihenda kuko babishatse (abanyamerika n’abanyaburaya) nta ndwi yohera batarabishikako kandi nta n’uruhusha borinda gusaba. Gbagbo nibaza ko atombeshuza !

  • Alain Nyamitwe Ivyo Avuga Birumvikana Kandi Cane.None Abo Baserukira Ibihugu Vyabo Ntibizeye Inzego Z’umutekano? Si Vyoba Ariko Bimeze,barakwiye Kwerekana Amakenga Yabo Aho Ahagaze Hanyuma Inzego Z’igihugu Zifate Ikibazo C’umutekano Wabo Muminwe.

  • kuki abarundi bizegwa n’amakungu mugucungera umutekano hanze kandi bikagenda neza kuki abo hanze bari muburundi batokwizera inzego z’umutekano uretse propaganda mbi zabanka uburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.