IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Nyamitwe: ’’ Ntitwitavye sentare,twitavye abagenzi’’

Alain Nyamitwe: ’’ Ntitwitavye sentare,twitavye abagenzi’’

mardi 8 Kigarama 2015

Ibiganiro bihuza umurwi waserukiye igihugu c’Uburundi biratangura kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Kigarama 2015,mu gisagara ca Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi.Muri ivyo biganiro Reta y’Uburundi ihamagariwe kwerekana ko yitayeho iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’amategeko agenga intwaro rusangi.

Reta y’Uburundi iserukiwe na Alain Aime Nyamitwe umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu,ari kumwe n’abandi bashikiranganji batanu n’abandi babaherekeje,mu gihe ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya riserukiwe na Bert Koenders umushikiranganji w’Ubuhorande ajejwe umugederanire na komiseri ajejwe iterambere mw’ishirahamwe rya Buraya Neven Mimica.

Alain Aime Nyamitwe,umushikiranganji w’Uburundi n’ayandi makungu yagiye arongoye umurwi w’abarundi bitavye ivyo biganiro yavuze ko batagiye kwitaba sentare ariko bagiye guharira n’abagenzi kandi bafashanya.

Umwe mu bategetsi mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yavuze ko atari ibiganiro bitangujwe.

Ku ruhande rw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,bamenyesha ko haganirwa ku kibazo co kwugurura maradiyo yugawe,umutekano w’abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zinamuntu,ubutungane n’itohozwa kw’ihohoterwa rikorwa mu gihugu.

Muri ivyo biganiro,Reta y’Uburundi itegerezwa kwereka ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ivyo ibona nk’inyishu ku bibazo biri mu gihugu,bitabaye ukwo ishirahamwe ry’Ubumwe rishobora gufata ingingo zikomeye harimwo ibihano,gushika ku guhagarika ugufashanya hagati y’Uburundi n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ntimuhendamakungu Ntamutekanotubona Mwazanyimbonerakure Ubuzirasibije Bujumbura Mwirigwamwaka Amafranga Ngonayokuzihemba Ntahotuyakura Twigorewe

  • Turakeje Izo Ntwari Zaserukiye Uburundi Bwacu!Muvyo Muganira Vyose Ibicinyiza Bigasubiza Inyuma Ukwikukira N’ukwidegemvya Kw’abarundi Ntimuvyemere Muce Mwigarukira!Ayo Ma Radio Mukuyugurura Nukwitonda Cane Kuko Ari Muyadukwegeye Ibibi Vyose Kuko Cari Igikoresho Cabo.Imfashanyo Nazo Ntibozidukangisha Kuko Umwaka Uraheze Atazo Baduha!Muhagararire Inyungu Z’Igihugu Cacu Atari Iz’ Abazungu!Natwe Tuguma Ducungereye Igihugu!Komera

  • Ntibabatere igitsure mwihagarareko. Aho bashaka kuvugira abateye imigumuko nabashatse gutembagaza ubutegetsi kugira babandanye babaha imfashanyo

  • yavuzeko agiye guharira nabagenzi ? ewentagende yagu ye inda ngo aryiy kurya inyamazomubugopo ! baramuhushura nyabuna kudahana i mbwakugwiza imisega

  • Iyo si invitation ahubwo ni convocation kandi bizobera mu bubirigi, sinunva igituma bemeye kujayo kandi bavuze ngo ni abakoroni. Ko wunva bikukiye ntibabe basiba tukaraba

  • nibagerageze kukibazo cuburundi abarundi turarushe

  • NIBAZA KWATARI KUNGUVU NTAMFASHANYO DUKENEYE YOKURYANISHA ABARUNDI DUKENEYE IYUBAKA

  • Abobosi,bagiyemubiganiro,basabwekwerekana,ubushingantahebwabo,kwerekana,ico,intaheyabamariye,atamugenzi,atamwasi,nonehobacumuganingo,uwucurubanyanzarwamukuruwe,arahumiriza,nacanecane,impanuro,olcome,yabahayemuzifatenkankama,natwe,abasigayetwese,dusenge,turabekovyogendaneza

  • Yoo!! Ivyo Muburundi Nahimana Kwely Ivyobiganir Bizovamwo Iki??

  • Yoo!! Ivy Burundi Rek Tubihe Imana Yikorere!! Ivyobiganir Bizovamwiki?Gayemwe!!!!!!

  • Abo bagabo batumwe na leta y,uburund turabizeye cane. Nincabwenge zikomeye.

  • Ivyo ntaco bihindura kubwucanyi buriko burabera mu guhugu hatabanjwe gufata abicanyi .

  • Nibagende,none ntibabe bavyanka nkaraba. ko bigira ngo nabagabo barishoboy.uwutacafise ntaco agaya.

  • Ubuho muremeje ko barabagenzi ,aho mutasiba kubegeka ko amabi yubwicanyi yose muriko murakora mugihugu, muri bantahonfatwa,kkomuhagaze mmatuti botuma mugendera mubinyoma.

  • Numwe bwaburaya nibwemere kwaribwo ntango yibibi vyose bibera mugihugu cuburundi kuko bigamije guteranya amoko .

  • Dushakako Ibiganiro Biba Kand Bigahuza Imirwi Ishamiranye.Reta Ikur Inkinamicow Yayo Hamw Na Commission Yishiriyeho,kand Abarundi Dusabako Bagenda Kuganirira Hanze.

  • Isi Itwagwa Na Shetani Niwe A Dirigeant

  • Abarundi dusabire ubwo butumire bwo mu Bubirigi bugende neza. Imana Ibaj’imbere baganire bahuza. nakare Abarundi si ntagondwa. bamye bafise imico myiza. nta nkeka hazovamwo inyishu nziza. mugire ukwizera. vyose birashoboka. Gakozi E i Pretoria.

  • Abarundi dusabire ubwo butumire bwo mu Bubirigi bugende neza. Imana Ibaj’imbere baganire bahuza. nakare Abarundi si ntagondwa. bamye bafise imico myiza. nta nkeka hazovamwo inyishu nziza. mugire ukwizera. vyose birashoboka. Gakozi E i Pretoria.

  • Ndabahe mwaramutse, hari amakuru ku
    mutakura, ce vendredi passe mundwi
    iheze ku Mutakura guhera mu ma 19h
    harafashwe abantu bashika nka 50
    kumabarabara atandukanye none kugeza ubu
    ntituramenya amakuru yabo nta
    communication nabo ishonoka, plz
    nimudutabarize canke mudutohoreze twumva
    ngo boba batwawe na commandat wa camp
    Muzinda, kugeza ubu harabaducumutima
    ngo boba barishwe, nimudufashe muzoba
    mukoze

  • Nibagende babatozindero na yu bundi ntavyabo mbona kutwara vya rabataye kuwamazi. kukontamutware wukuri yi ze ivyi twaro yo twarira atagira, amashiramwe canke amaradiyo, muvyo natohoje Mubihugu bimwe bimwe vyashitsemwo, demokarasi usanga amashirahamwe adafise ivyicaro murireta ni bo bahanura reta kuvyo babona bitagenda neza,kandi reta irabubaha cane. ntaze nkarorero US hari amashiramwe meshi cane,Autrariya nahandi nahandi ntiriwe dadondagura barubaha amashiramwe yi genga kandi cobashirije reta iracubahiriza. ariko uburundi bwacu bwobwo,siko biri, nukubatwanga ubuhiri bwomumutwe no kubakubita amasoro yo mumisaya, noguturira amaradiyo ngo nuko atangaje amabi arikwakorerwa abanyagihugu ni cobazi ntakindi, ivyo vya tumye ni baza cane kubwo bwabarundi igituma ivyovyose biba, nasanze icambere, KUDAHANURWA, KWIGIRA KAMENYI, AGAKENGERE,INZIGO YA KADACIKA,UBUKUNZI BWINDA,ikivyunyura vyose nuwugiye kubutegetsi acamata nkiramata cafashe ubureta,cankinyodwi kunka. bigatumwa rero nuko umurundi ahabonaronkera icarya ntagomba kuhava!! ni bagende nkeka boteba bagahinduka bakaba nkabandi,ivyi yumviro bishaje vyohera mumitwe.Imana ibazigame murworugendo,ni zigame Uburundi na barundi, Imana ihundure na bichanyi bose barahamubundi, nkuko yahinduye sauri arikwajidamasiko.

  • Kirimwo ABAGABO igihugu,ntikizokwigera gisubira kugwa mwisanganya nka kumwe kwambere,dukora dusenga,dusenga dukora,tuyaga dusenga,dusenga tuyaga,presidant guma kwi Volant usenga,usenga uri kwi Volant,natwe Abanyagihugu tugwiza umwimbu mugihugu.murakoze cane IMANA ibahezagire caane.

  • UMUNTU YUMVAKO YAREMWE NIMANA? NAREKE GUHOTERA ABANDI. KUKO NABO NABANTU.

  • stopper les aides n’est pas solution car il n’y aura ni vainqueur ni vainçu sauf les victimes de la guerre, plutot il fallait mieux aux dialogues!

  • Stoper Les Aides C’est Agraver La Souffrance Du Peuple, Mais Quand Même Il N’y Aura Ni Vainqueur Ni Vainçu Sauf Ler Victimes De La Guerre, Plutôt Il Fallait Mieux Aux Dialogues Polilique!

  • Stoper Les Aides C’est Agraver La Souffrance Du Peuple, Mais Quand Même Il N’y Aura Ni Vainqueur Ni Vainçu Sauf Ler Victimes De La Guerre, Plutôt Il Fallait Mieux Aux Dialogues Polilique!

  • Ntivyarivyiza Kuko Uboba Barahenjwe Nbewiro Mubahe Ndabasavye Ubugenzi Jenbimagara Komune Bugarama Jone Magara

  • Nyamitwe Wiriwe Bo? Mubahe Jenba Imagara Ndabasavye Ubugenzi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.