Accueil > Amakuru > u Burundi > Alexandre Niyungeko yashinzwe amabanga mashasha mu karere ka Afrika (...)
Alexandre Niyungeko yashinzwe amabanga mashasha mu karere ka Afrika y’Ubuseruko
dimanche 19 Nzero 2014
Umumenyeshamakuru Alexandre Niyungeko yatowe kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Yatowe n’inama y’iryo shirahamwe ikoraniye i Addis-Abeba.
- Alexandre Niyungeko
Mu nama iriko ibera i Addis-Adeba, komite nshingwabikorwa y’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, yarakomboye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe Omar Farouk Osman. Iyo nama ikoraniye ahari icicaro c’iryo shirahamwe ikaba yaciye itora uwusubirira uwo yarahejeje gukomborwa mu mabanga yiwe.
Alexandre Niyungeko asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abamanyeshamakuru b’abarundi, UBJ (Union des Journalistes Burundais), mu mpfunyampfunyo y’igifaransa niwe yatowe ngo abe umunyamabanga mukuru w’imfatakibanza w’iryo shirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
Nk’uko bivurwa n’iyo komite yamutoye, bishimikije ibikorwa amaze kurangura mw’ishirahamwe UBJ arongoye. Kandi Alexandre Niyungeko akaba anasanzwe ari mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo muri Afrika ndetse no mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru.
INGABIRE Luc-Noël
Messages
19 Nzero 2014, 18:10, par Mama
Congrats muvukanyi Alexandre Niyungeko.