Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alexis Sinduhije na Pascaline Kampayano baratahutse i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alexis Sinduhije na Pascaline Kampayano baratahutse i Bujumbura

Alexis Sinduhije na Pascaline Kampayano baratahutse i Bujumbura

samedi 9 Ntwarante 2013

Umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije na Pascaline Kampayano wo mu mugambwe UPD-Zigamibanga,bashitse i Bujumbura imbere y’umutaga kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ntwarante 2013.

Igihe bashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura,vyari vyitezwe ko abanywanyi b’imigambwe yabo babakira ariko siko vyagenze kuko abapolisi babatangiriye barababuza gushika kumutegera.

Alexis Sinduhijwe yaciye ashikira ku ngoro y’umugambwe wiwe MSD iri muri karitiye ya Kinanira mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 7 ko

Alexis Sinduhiye yabwiye abanywanyi biwe ko atahutse burundu ko atazosubira guhunga. Yamenyesheje ko ikimuzanye ari ugushigikira no gukomeza umugambwe wiwe cane cane mu kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015.

Sinduhije yamenyeje ko azokwihatira kunagura inzego z’umugambwe wiwe kugira zizohangane n’iyindi migambwe muri ayo matora. Yavuze kandi ko ategerezwa kuvugana n’umugambwe uri ku butegetsi ibibazo bikomeye bihanze igihugu. Ivyo navyo ngo ni ivyerekeye umutekano w’igihgugu, demokarasi, u utunzi imibano n’ibindi kugira abanyagihugu batere imbere mu buzima bwabo.

Vyari bimaze iminsi bivugwa ko uwurongoye umugambwe MSD Alexis Sinduhije azocungererwa umutekano n’abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ariko yatangaje ko azocungererwa umutekano n’abarundi. Yavuze ko yizeye ko umutekano wiwe utazohungabana.

Uwundi yatahutse kuri uyu wa gatandatu ni Pascaline Kampayano wo mu mugambwe UPD-Zigamibanga. Nawe nyene yashikiye mu ngoro y’umugambwe wiwe aho yari arindiriwe n’abanywanyi b’uwo mugambwe.

JPEG - 10.8 ko

Pascaline Kampayano yahamagariye abanywanyi b’umugambwe UPD gushira hamwe no kwiyunga kugira bazotsinde amatora yo mu mwaka w’2015. Yavuze ko azanye inguvu zidasanzwe zo gukorera umugambwe wiwe no kuwunagura.

Yavuze ko ababajwe n’uko yasize umugambwe wiyunze ariko agarutse waramaze gucibwamwo amashami. Aho hari uwitwa Zedi Feruzi yatowe kurongora uwo mugambwe ariko hariho n’uwundi yitwa Chauvinau Mugwengezo nawe nyene avuga ko ariwe awurongoye.

Uwurongeye uranani ADC-Ikibiri rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta yari yagiye ku mwakira. Leonce ngendakumana yasavye abarundi bose gufatana munda basenyera ku mugozi umwe kandi bagacungera umutekano w’abo banyepolitike bariko baratahuka.

JPEG - 5.8 ko

Leonce Ngendakumana yamenyesheje ko urunani ADC-Ikibiri rugiye gukomera cane cane kubera abo banyepolitike bose bariko baratahuka imigambwe yabo iri muri ADC-Ikibiri.

Alexis Sinduhije na Pascaline Kampayano bari bahunze u Burundi amatora yo mu mwaka w’2010 aheze. Bamenyesheje ko bahunze kubera umutekano wabo ngo wari ubangamiye. Bari biyonkoye muri ayo matora bavuga ko yibwe.

Batahutse mu gihe hategekanijwe inama yatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU izohuza abanyepolitike bose harim,wo cane cane abahunze u Burundi kuva italike 11 gushika 13 uku kwezi kwa Ntwarante. Ikibazo iyo nama izohagararako n’ukuraba utunenge twaranze amatora yo mu mwaka w’2010, inyigisho yovamwo hamwe n’ingene amatora yo mu mwaka w’2015 yotegurwa neza akitabwa n’imigambwe yose.

Naho biri uko abo banyepolitike bariko baratahuka bamenyesha ko bihuriranye n’iyonama gusa ahandi ho ngo bari basanzwe barafashe isango ryo guhunguka. Ariko ngo bazokwitaba ivyo bikorwa kandi bazoterera bimwe bikomeye kugira amatora yo mu mwaka w’2015 azobe ayubahiriza imigambwe yose.


Pierre Claver Niyonkuru na Mugisha Van Naris

Messages

  • jewe kubwanje nkumunyagihugu akunda igihugu ciwe nukuri twese tri bamwe ntaco dupfa ahubwo ikintu nyamukuru twibagire vyose vyadushikiye mriki gihugu cacu nivyinshi cane harababuze ababo nukuri twashaka ntibisubire kuba nukuri ntibisubire kandi ntibisubire nukuri tumenye ko twese tribamwe dushaka twese yuko twobana mu mahoro arama ata numwe twinuvye gutyo tuzoshika kuvyinshi vyiza cane ico nico ciyumviro canje

  • Nakomere Ninwari Pe!Nubwo Yagumatwara I N S S Ntakibazo .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.