IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alexis Sinduhije yagiriza General Gaciyubwenge kuba ntahonfatwa

Alexis Sinduhije yagiriza General Gaciyubwenge kuba ntahonfatwa

lundi 11 Rusama 2015

Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD avuga ko itangazo risaba abariko barwanira agateka kabo n’akabarundi bose kuva mw’ibarabara ryabababaje.

Mw’itangazo Alexis Sinduhije yashize ahabona avuga ko itangazo ryasomwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi General Pontien Gaciyubwenge ryerekana ko uwo mushikiranganji ari ntahonfatwa.

JPEG - 44.5 ko
Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD

Alexis Sinduhije amenyesha ko adatahura ukuntu umushikiranganji wo kwivuna abansi avuga ko ashigikiye amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro,haciye kabiri agahamagarira abari mu myiyerekano kuyihagarika,kubwa Sinduhije ngo ubwo n’ubwoba bafise hamwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Umukuru w’umugambwe MSD ati:«Mwebwe muri mu myiyerekano,ntimwemere ko Pontien Gaciyubwenge abaka intsinzi mugomba gushikira.» Abasaba kubandanya imyiyerekano,kuko abasaba ko boyihagarika bashaka ko amaraso y’ababo bapfuye atagira akamaro,hanyuma inama y’abakuru b’ibihugu bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ikaba bamaze kubanumya.

Mu kurangiza iryo tangazo ,Alexis Sinduhije amenyesha ko bariko barakora kugira mu makomine yose agize igihugu imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu itangure.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Alexis,vamu rwanda uze uyitanguze aho ushaka hose umuti wakanse baraheba,hamvya abandi,

  • Alexis Sinduhije ntakindi ashaka atari gufasha Kagashwe(kagame) kugera ku mugambi wogutera u Burundi. Ntawutazi ko empire hima yageragejwe gushirwako ariko vyagumye bibagora kubera ibihugu vyinshi biramaze kumenya uwo mugambi muhi wa kagashwe na museveni. Mbe ayo ma komine avuga uretse Bujumbura afise mwo former sans echecs afise bangahe azogumura muyandi ma komine?

  • Ayomaraso harayiwawe arimwo ? Wibereye mubuhungiro rekaguduka abenegihugu

  • Umviriza SINDUHIJE nawe ivyo akirimwo..
    Mbe nimba GACIYUBWENGE aba DD bamufumbatishije utumiliyoni twinshi, wumva ikindi yokora arikihe atari uguta igihugu mu manga.

    Abantu bose bari muri buno Burundi igiturire ntikibagwa nabi.
    Donc, GACIYUBWENGE est totalement CORROMPU.

  • Ahhaha!! Mbega uyo muntu aguma ahimiriza ko abantu baja mu mabarabara atamwana wiwe arimwo canke nawe nyene!! Nukuraba neza! Kandi bariko baramucira inzira wewwe azoza aje kwitoza gusa!! Hahhaha!! Abantu baracahendwa kweli!!

  • nibavayo boba berekanye ko badashoboye.mugabo ndibaza nkubu inama y’abakuru bibihugu vyubuseruko bofata ingingo yo kubuza nkurunziza kwitoza akavyanka amahirwe abari mumyiyerekano bosigarana yoba ayahe?au cas où bomwemerera ntivyogira rendement mosaique?murabe neza kuko problems of africans leaders seem to be the same.reka kagame tuze turabe ivyiwe ni2017 atangiye kuvuga ngo ikibazo cuburundi si mandat.atari mandant abarundi mwibarabara basaba iki?ngo nimiyoborer!n’uko ashaka kwikingira.reka turindire finale ni inama ya EAC countries presidents le13 sikera hazoca uwambaye. musenge ntimuje mumosha mabi kuko satani yabasavye ngo abagosore nkingano yemwe barundi mwe!thanks so much

  • Abo bagabo barimwo tubiri nyakubahwa! mbe muzoza ryari?

  • komera twe tuzova mwibarabara ahevy mandant abatanze candidature suko bemeye mandant ya nkurunziza bashatse kwerekana ko bashaka amatora kuko nyabenda yirirwa avuga ko tuja mumyiyerekano yokwanka amatora natwe turabandanya imyiyerekano

  • oya mutam ntabesh kuk twohagarika mbe gaciyubwenge aho avug ko adukuyeyo niw yadushizeyo nateshwe ate hama twibandaniriz urugamba kand ntankeka tuzorutsinda bose bazotinda bavyumve kand nabo bamenye ko aragateka kabo bikebuke

  • ewe sinduhije none wewe ko uvuga ngo tugume mumyiyerekano mugabo wewe ukaguma wicaye muhira aho ntiwoza ukatuja imbere canke ugomba amaraso yabacu kwariyo aguma aseseka yabawe nayo ko adaseseka?jewe sinzosubirayo ndabonye kwari ubugugu.

  • ewe sinduhije none wewe ko uvuga ngo tugume mumyiyerekano mugabo wewe ukaguma wicaye muhira aho ntiwoza ukatuja imbere canke ugomba amaraso yabacu kwariyo aguma aseseka yabawe nayo ko adaseseka?jewe sinzosubirayo ndabonye kwari ubugugu.

  • Mbe gaciyubujuju urabesha tu erega peter agenda atagenda ntusubira kuba minitsre de la defence. Kandi abo ba dd ntibafyina harya waramaze kuvuga vyaraheze. jewe urantwenza kandi je peux t assurer rien ne sera pas comme avant amahoro twabayemwo mu myaka iheze nukuyasezerera nayo nkuru yemwe abarundi dupfa ntibimuraba il est determine. ewe mugenzi ntawugira gaciyubujuju umukunzi kumukunzi winda yuuuhu igarure ushigikire abarundi bene wanyu kandi iyo ubishaka ibi bintu biba vyaraheze nugende ntamuntu urimwo. Ikibabaje nabo Basoda ewe adolphe azobatoteza mugire mupfe nabi sha. on var Vous desarme, ariko ntasoni.

  • komera kwibanga mutama,natwe tutari hafi dutuma twisonzesha

  • kera bac,umugani ngo umugabo yihindukiza mukirago ntiyihindukiza mwijambo,nn mutama Gaciyubwenge,bamuhay,umuti canke?mbe yemw kwabantu bimwaro iyo ngeso atayo twari dufise!yamara,avuge,agomore ingabo zitwice,ntiturota tuva mwibabarabara!ejo mbere tuzindukira imwaro kubohoza abafashw bazira ubwigenge bwabo!nakomande bazotwice!

  • Caporal Gaciyurwenge yaratinye son chef d’etat major ni akamaramaza, ngira bamuhaye udufaranga.

  • Barundi barundikazi,banya buja.ivyomukora vyose ntimwibaze ko igihugu cacu gishobora kuba somarie.ayamaraso yanyu n’abanyu muriko murasesa mumenye ko mutazosubira kuyayora.mbe komuriko mwiyahura kubera AMAHORO,nihaba INTAMBARA hoho bizogenda gute?ehe ndabakebure kugira abobanye politique berekane akababaro nabaribobaja imbere muriyo myiyekano.nukumenya mukongera mukamenyera ko insiguro ya DEMOCRASI aruguhiganwa.atarukugumuka nokwicana.iyo politik murimwo niyinda namoko.iyonayo twarayisezere burundu.ntacubahiro muzokura mumigumuko.uretseko muzohahombera vyose.mumico y’abarundi uyumuntu ASHONJE aca bugufi agasaba.ntagumuka.ntihagire uwubahenda canke yihende ko harico yoshikako atinjiye mukazu kamatora.kuko uburundi nigihugu cikukiye ntigitwarigwa mumahanga. nimugarure ubwenge mukunde ubuzima bwanyu muce mukunda igihugu canyu.maze uwugizimana tukaha ubutegetsi akorere abarundi bo bene igihugu.omba musamaha mutasamehewa.musijifanye ghayi mukapoteza vyewo na afya vyenu.

  • Barundi barundikazi,banya buja.ivyomukora vyose ntimwibaze ko igihugu cacu gishobora kuba somarie.ayamaraso yanyu n’abanyu muriko murasesa mumenye ko mutazosubira kuyayora.mbe komuriko mwiyahura kubera AMAHORO,nihaba INTAMBARA hoho bizogenda gute?ehe ndabakebure kugira abobanye politique berekane akababaro nabaribobaja imbere muriyo myiyekano.nukumenya mukongera mukamenyera ko insiguro ya DEMOCRASI aruguhiganwa.atarukugumuka nokwicana.iyo politik murimwo niyinda namoko.iyonayo twarayisezere burundu.ntacubahiro muzokura mumigumuko.uretseko muzohahombera vyose.mumico y’abarundi uyumuntu ASHONJE aca bugufi agasaba.ntagumuka.ntihagire uwubahenda canke yihende ko harico yoshikako atinjiye mukazu kamatora.kuko uburundi nigihugu cikukiye ntigitwarigwa mumahanga. nimugarure ubwenge mukunde ubuzima bwanyu muce mukunda igihugu canyu.maze uwugizimana tukaha ubutegetsi akorere abarundi bo bene igihugu.omba musamaha mutasamehewa.musijifanye ghayi mukapoteza vyewo na afya vyenu.

  • Komera Mutama intwari tukuri inyuma nayo gaciyubwenge ntibitangaj yaraguzwe ariko iryo twasezeranye nuko tutarota tuva mwibarabara mugiye Peter adasokoye hama ntibitangaje kubantu nkaba jolady abantu kamwe bamyeho c’est la nature du monde ababonako ibara ryera ryirabura n’ibisanzwe murinda murasa twebwe Ubu Alexis cank rwasa bacu baje ntimwabohonya!!!!!!!

  • Ni murindire Ntamwana nawe atarazana umukenyuro wiwe. Aba DD bigira abanyabwenge ariko aho babukaranga abarundi 9.000.000 bari musi y’urujo :) :)

  • ijambo RYA sinduhije nararikwirikiranye ryose ndetse niyo video yarakwiragijwe hanze rirangwa navyabitutsi vyiwe gusa yavuze NGO gaciyubwenge ntagira ijambo ikindi nuko nasanze ko agifata abene gihugu nkibijuju kuko mundwi zibiri bamaze bamaze mwibarabara we we abana biwe ntamusi numwe barasiba kwishure numugore wise ntarasiba kukazi kwabarindisha natahane numugore nabana babaje imbere

  • ijambo RYA sinduhije nararikwirikiranye ryose ndetse niyo video yarakwiragijwe hanze rirangwa navyabitutsi vyiwe gusa yavuze NGO gaciyubwenge ntagira ijambo ikindi nuko nasanze ko agifata abene gihugu nkibijuju kuko mundwi zibiri bamaze bamaze mwibarabara we we abana biwe ntamusi numwe barasiba kwishure numugore wise ntarasiba kukazi kwabarindisha natahane numugore nabana babaje imbere

  • Twebwe abanyagihugu twifpuza amahoro imyiyerekano ntayotwifpuza nkurunziza ndamushima kwubera umutekano ukwiye hos mugihugui

  • Sinduhije: umuzindariwakagame.com

  • Mu bantu 8 badepoje amadosiye yabo ,ni kuberiki harimwo umututsi umwe gusa? biragaragarako abatutsi ata migambi na politike bafise yo guteza imbere igihugu,uretse iyo guturirira abantu mu mapine.

  • Mazemugaharira ngo ibihugu vya Ulaya ngontibirinyu yababagumutsi! Murazi amajambo Alexis yavuze! Nishano ntanubwo arinomuriyantumbero yuburenganzira bwokuvuga nishano. Ndababwirako mugihe ivyobihugu vya Bulaya bizoba bikirerekera bishigikira abantunkabo ntidushobora kuzoruhuka.

  • sinduhij icokirwarudubi yaramenyey gutukana nkumwungere,yibazako igihu kizotunganywa nabasazi?nanywe urworumogi nayo politike yo natahe.

  • sinduhije.aribagiye ukuntu yahenze ugwaruk ubuho twarakumenye nawewe wishimiye.paseport uheza kuduta mukaga ukafata.indege nuze bagucire urubanza

  • Ewe ndiho sha,urya wibaza ngo afise umugore na famille?Urya ni iknywarumogi,umu PD(umutinganyi)yirigwa kwidandaza mu bazungu b’aba franc maçons wewe ntubonako ata muntu akirimwo,aba mu bu biligi abo bose wumva ba pancrace ,nyangoma n’abandi bahimiriza nta numwe ari i burundi!!!Kandi amatora bavpanzeko atazoba kuva kera,rwasa yaranse gusubira guhendwa kuja guhiganwa ni chance uretse abo bibazako bazobuhabwa n’ababiligi n’abanyabulaya ariko arihenda ababiligi ni abantu b’amanyanga menshi ntitukibumviriza!

  • Ntawe ubuza imbwa kumika. Sinduhije nawe kubera inzara ntacyamubuza kumika kuko ubu udufaranga tumutunze ni utwo hano i Burayi leta zigenera ba Ntahonikora (abatindi nyakujya)

  • Nibyose koko aracyanywa urumogi? Abarundi muragowe niba hari abumvira umuntu nkuwo utumura agatabi !!!! Turabasabira ku Mana ngo yirukane izo shitani zatangiye no gutwika abahutu

  • Mbe Kagame yabatwaye iki?

  • @mutabazi
    Abo nibo batwishe kuva 65 ,noneho 93 barasarisha amapine ku munsi yapfiramwo hafi 100 ku munsi,abariwe n’imbwa mu nyakabiga babanje kubasukak amarike ku munsi hafi 100 nyene.Hari ikindi utazi,wabonye bira bimaraya bija imbere ngo biriko vyiyerekana ,nivyo vyari bijejwe gushusha aamazi iboro y’umuhutu yafashwe bayigaramitse harya imbwa irindiriye,ayo mazi yabira bakayasuka kuri wa muntu imbwa igaca iza gutabagura,ako kari akazi ka barya wabonye ejo basongora iminengo ngo ni abavyeyi,aho simvuze n’ibindi vyinshi badukoreye,abo ba sinduhije abo ni indaya zo mu bazungu bizwi ,agatabi gusa,n’amazirantoke yabo arayarya kugira aronke ubutegetsi waruziki aba franc macons ni uko!!!Turabizi!!!!Nayo famille ntageza umugore yomumarira iki!!!Na gashikiwe ukabonye ubwiso bwarazutse ni ibipfu vyapfuye!!!

  • MWATANGUYE KUDUTURIRA MU MA PNEU ARIKO IMANA IZOTWISHURIRA ARIKO NTANGORANE NUWATURIYE TWARAMUMENYE AZOZE ARAGUMA AHO MU NYAKABIGA.
    NUWATURIYE HIACE NAWEYENE TUMUBONA GUTYA...NAWE NYENE NTARYAME NGO ASINZIRE.

  • Sinduhij Ibere Ryakonkej Riraganya Pee!Ntaco Mvuz Niwaba Uzi Ubwenge Utishinga Cafeine Tramadol Nibindi Biyayura Ubwene 0,1% Ufis.Wotekerej.Mbabaj Nabo Wasutsemw Uburozi Batabona Bamaz Kuba Chronique Kungwara Ugway Yo Gutana Mumanga. Sinduje Uwogusengera Burya Ntiwohinduka Abadayimoni Amajana Nibihumbi Bikurimwo Bikurimwo Bikakuvamwo?

  • Sinduhij Ibere Ryakonkej Riraganya Pee!Ntaco Mvuz Niwaba Uzi Ubwenge Utishinga Cafeine Tramadol Nibindi Biyayura Ubwenge 0,1% Ufis.Wotekerej.Mbabaj Nabo Wasutsemw Uburozi Batabona Bamaz Kuba Chronique Kungwara Ugway Yo Gutana Mumanga. Sinduje Uwogusengera Burya Ntiwohinduka Abadayimoni Amajana Nibihumbi Bikurimwo Bikurimwo Bikakuvamwo?

  • Iyaba yari yaratiwe Gaciyubwenge twari guca tumwaturura. Kuko ngo "umugabo yihindukiza mu kirago ntiyhindukiza kw’ijambo". Heureusement ko atatiwe nyene.

  • Muribesha mwese,muvuga ivyo mutazi.sinduhije ni umugabo w’ijunja n’ijambo kandi nta maraso yagirizwa sico kimw na nkurunziza yirirwa imbere y’abapfumu muri R S A,IRAN nahandi kugira aronke ubudahangarwa.nasenge Rusiferi yishimiye natwe dusenge Imana isumba vyose.

  • Hariho umugenzi umwe yatanze iciyumviro avugako 8 mubamaze kudepoza amadocuma yokuzokwitoreza umwanya wumukuru wigihugu harimwo umututsi umwegusa egonivyo ariko ikibatuma nukobamaze kwishiramwoko vyasebikunze umuhutu ategerezwa gutsinda mumatora yumukuru wigihugu, ariko CNDDFDD harihikintu gishasha mumyaka izoza igombajuzokora kugira yerekane Ko yajekwubaka abarundivyukuri nacosikindi CNDDFDD ifise umugambi wokuzotanga uwozokwitoreza mumwanya wumukuruwigihugu umuntu womubwoko bwabatutsi maze aba CNDDFDD twese tuzomuhunde amajwi. Abatutsirero ntibokomeza kwitinya nkuko wabibonye icotwaritwarase si prezida wumututsi ahubwotwanka igisirikare cubwoko bumwe, inyungu yigisirikare cubwokobwose ngirango muramaze kubona inyungu yigisirikare gicanze. Ntamunye politike yubahuka kugikoresha ikintunakimwe.

  • sinduhije na Rwasa nibo bonyene bavugisha ukuri abandi ivyabo ntawomenya iyo vyerekeza.

  • uwo mugesera wu mututsi ahenda twebwe mureke azobona ico imbwa izira

  • Sinduhije gabanya ibiyayura mutwe ufata!! Wewe urakwiye correction kabisa!mbabajwe nabuhenda bakemera! Indero yo ntugira na mba!!GACIYUBWENGE ni kizigenza twese turamwemera tuzi ico yamaze nicamaze!

  • oya General Gaciyubwenge mumutahure kuko siwe ni ntumwa ya Peter
    kandi ninakenge ka Cndd fdd bacisha kuri Gaciyubwenge kugira bereke amakungu ko imyiyerekano igugwa nubwoko bumwe

  • oya General Gaciyubwenge mumutahure kuko siwe ni ntumwa ya Peter
    kandi ninakenge ka Cndd fdd bacisha kuri Gaciyubwenge kugira bereke amakungu ko imyiyerekano igugwa nubwoko bumwe

  • NYAKWUBAHWA SINDUHIJE REKA GUHENDA ABANYAGIHUGU KUKO UWOKUBAZ <ABO MWASHIZ MWIBARABARA UNO MUNS BAGIZ AMASANGANY UZOBASUBIZA IMIRYANGO YABO?KO UNO MUNS ABANA BAW BATARIKO BARIGA NGAHA MWIYIMINDURUMBANY? WUMVA UTARIKO URAHEND URWARUKA RWENEWACU?KUKIWEW UTARINGAHA IBUJUMBURA NGO NAW UTER IMIGUMUKO ?REKAGUTÊRANYA NGO NUKO URI IBURAYA KUK ICO SICO KIZOTUMA UBURUND BWOGORORA

  • Komera mutama SINDUHIJE!komeza uvugire uburundi nayahandi bugez ahatemba kk abashingantahe nkamw nimw abarund tuzeyeko urukiza.ababit abasaz bazotangra kuk vyaramy na Noa be na Roti eka nabavugukuri bose bahozw bafatw nk abasaz,gus ukur ntikunyegezw.komera,ntakidashoboka.

  • barabashuka abanya politique mubigireyo nabant babi nibo bateza intambara migihugu kunyungu zabo bamaze kubatora bizaba bishize nukubanyuraho nkimbwa ireba ifaranga sindimwooooo

  • gusa ndabatere inkuru nuko abo bategura imyiyerekano bobo bigumira muhira abahasiga ubuzima nabanyagihugu batobato .jewe mana yanje naho wokwiyumvira gute iyo simwiyerekano jewe ndabiha iyindi ntumbero guko uravye imamodoka amaze guturirwa nimenshi kweri

  • gusa ndabatere inkuru nuko abo bategura imyiyerekano bobo bigumira muhira abahasiga ubuzima nabanyagihugu batobato .jewe mana yanje naho wokwiyumvira gute iyo simwiyerekano jewe ndabiha iyindi ntumbero guko uravye imamodoka amaze guturirwa nimenshi kweri

  • Ewe marchard uri ikijuju eka mbere Uri nikigwarudubi! Utwo nitwaduhumbi 50 peter yama abahendesha mumbonerakure? Mbe ko utari muvya politike ko wamenyekwandika wewe uhagaze hehe ushigikiye yuko amasezerano y’Arusha ahonyangwa nukugene yabonetse ducumukuye? Komera komera Mutama wacu Alex Twese turikumwe imigambwe yose iri muri opposition twunze ubumwe kandi ntankeka peter nakagwi kiwe kabicanyu n’abasuma buca tugatembagaza itsinzi igeze hagufi kuko umwimbu wamaze kwibonekeza kuko Amakungu menshi harimwo Amerika,ubu hollande, Ubusuwisi, Ububiligi, Ubumwe bwa Afrika, ubumwe bwa Bulaya bose bamaze kumwiyamiriza mbere ububiligi bwobwo bwamaze noguhagarija infashanyo bwama buha igipolisi c’Uburundi namahera yogvegura amatora bizotangwa nyuma y’inama kaminuza bucibera Tanzania yugusezerera peter yanse kuneza tanzania n’urwanda biraduha Igisoda tumutikure nka laurent gbagbo canke blaisé compaoré!

  • ah ngra azoz yagôdonzw

  • Twebwe Ikiringo Ca Gatatu Turacanse

  • ntihagire uwitwaza amoko.abenegihugu twaraciy ubwenge ntitukiri nkaba 1972.alexis sinduhije nta ciza tumuzi ko kirets ubwicanyi n,akagwi kiwe k,aba sans echecs.twarabonye ko karashi itarasira hose nk uko baduhenda.sha baragire ntibazodushobora imyaka twagwanye si mike.nibashire mu biganiro sinon k,urusasu ntaco bohakura. <sinduhije,kura abo ba sans echecs bawe mu migumuko!!!>

  • Nuko bagonba kutwibutsa akahise ko guturira abantu mumapine

  • Petero Nkurunziza ko mumwanka muzomukoriki muvugango ariko arenga amategeko y,arusha mbe reka mbabaze muhereye kuri Micombero mukageza kuri peter nyene uwari amaze gutwara u burundi nka peter ninde? ko bishinga badutemesha imihoro abandi indege peter uwo yaramaze gutemesha indege ninde?ubu mukuryama mukura uduhuzu twose none amanyama n,amahane birabasaze nagira mbwire ibijuju biri mumigumuko ngo ntasubire kwitoza mubanze mwibuke libiya ayo iriko irabona bivanye nibigugu nkamwe vyabona umengo gadhafi arabibangamiye ubu bari muri iyotwamenya kandi aribo bavyipfuje.akataretse kaba gasema .

  • Turashimira canecane liyetena generare god niyombare kubintu vyiza nkivyo yagize

  • Ni bareke umukuru w’igihugu yitwarire kuko arabishoboye.n’ikimenyamenya:yagaruye démocratie mu gihugu; none SINDUHIJE we! azofasha iki uburundi yishinga kuvuga ngo nibabandany imyiyerekano!? ahubwo nyabuna niyitoze nimba ashaka igihugu.

  • Uburundi n’ubwatese dukwiye kumvikana tutateranyd amajambo na masoro uwiyumvira kwirukana abandi uwo ntagomba kubaka igihugu

  • ivyo nyakubahwa umukuru w’umugambwe msd yavuze nukuri ariko turabe uburenganzi bwacu twese kandi twibahirize ibwirizwa nshingiro,

  • mutama tera imbere natwe turi i nyuma

  • Raba Mukore Ibishoboka Yamara Tweho Abarundi Bumutima Tubona Hasigaye Ahimana Gusa!

  • Sinduhije.Niwe.Ariko.Aragira.Ubwicanya.Muburundi.Kama.Ariwe.Muramushire.Mubutungane.?

  • Inyishu.Ndayihawe.Nareta.Canke.Ndayihawe.Aregisisinduhije

  • Nimugerageze.Muzane.Umutakano.Nkatwebwe.Abantu.Batobato.Biradutera.Ubwoba.Turiko.Twumva .Abagize.Igisirijare.Cuburundi.Barikobaricwa.!

  • Nimugerageze.Muzane.Umutakano.Nkatwebwe.Abantu.Batobato.Biradutera.Ubwoba.Turiko.Twumva .Abagize.Igisirikare.Cuburundi.Barikobaricwa.!

  • Sinduhije.Yoba.Arimuburundi.?

  • Abarundi turi. 1.Hari imvuga kuri zigaharanira n’ukuri vy’uluri hakaba n’abazishigikiye vy’ukuri.Hagaca haba bansumire inda biyitira imvuga kuri. 2.Hari inkozi z’ikibi zarengewe no kubesha,birasendawa zikoresha ubwicanyi n’iterabwoba nk’ubo vyari mukarangamutima kazo hagaca haba abazishigikira bivuye k’umutima hakaba kandi ba mpemuke ndamuke baziheka inyuma bitavuye k’umutima. 3.Hari rero n’abandi ba sindabibazwa,bamwe bivuye kubwoba buvuye kungaruka zokuvuga aho bahagaze muri kazoza kabo.Ba ntaho mpagaze bivuye kubwenge buke bwabo.Hamwe rero b’abahemukiranira aha n’ahandi kuko hari ivyo bahurizako neza kubera inguvu zogukora iki n’ikindi batazinganya bivanye muri kahise kabo.

  • Alexis Sinduhije Muvyukuri Ariteze Intsinzi.Kubwo Umugambwe N Inani Atumbereyemwo,birakenewe Ko Bashigikirwe N’igitiri Kinini C’abarundi.Kandi Abo Bariho Kuko Abanyotewe Amahoro Nibenshi.Ariko Rero,abagira Ubwoba Nka Gaciyubwenge Bagaca Batinya Gushira Ahabona Ico Bahema Nabo Si Bake.Birakenewe Rero Ko Sinduhije N’abo Basangiye Ubutumwa Bwo Kuronderera Amahoro Abarundi,boremesha Abarundi Bipfuza Amahoro.Sinduhije Tukwipfuriza Gutambuka Uja Imbere.

  • Jew Ico Novuga Nuko Abasaba Kuma Mumyiyerekano Mugabo Naw Ntaje Mwibarabara Ngwabafashe.Jew Rero Nkaca Mvugako Atawundi Yabatumye Ataruwo Sinduhije Abasaba Kuguma Mumyiyerekano Rero Ababijejw Bomurondera Ninguvu Zikajamwo Kugira Bamugireko Amatohoza Nkasaba Abobarundi Nabo Barimumyiyerekano Guhagarika Ako Kajagari Bamenyeko Atakindi Bazohakura Atar,urupfu Ndangije Saba Abarundi Bose Bumutima Kudakurikira Uwo Mwasi W,uburundi N,abarund

  • Mbe Abarundi Sinduhije Yabise Imburabwenge?Kubona Yobatuma Mumwiyerekano Mugabo.we Ntakandagizeyo Ikirenge.Ahubwo Mboneyeho Gusaba Abarundi Bose Ahokuja Mumwiyerekano Yokwiyamiriza Sebarundi Uwo Twitoreye Petero Nkurunziza Nibaze Nyabuna Twiyamirize Iyo Ntovyi Sinduhije.Aho Kurazw,ishinga Nuko Abarundi Nuburundi Baronja Amahoro We Arajwe Ishinga Nukubona Uburundi Bwuzuye Ibiziga Jew Ndamubwiye Ati Teshwa Ute Ntantambwe Uzoterana Abarundi Turimagabo

  • Ewe Sinduhije Nimba Wibazako Ubwo Bubirigi Bawe Buzokunyegeza Kugeza Kumuhero W,isi?Guko Ibibi.ukorera Abarundi Barabihaze Ubu Warukwiye Gufatwa Ugacirigwa Urubanza Rukubereye Kandi Ruhuye Nivyo Wakoze Gutuma Abantu Ukabashora Murupfu Arabarundi Nkawe!Haa!!Uwokubona Yogirango Urumuntu Wubwenge Naho Umutwe Wawe Wuzuyemwo Amazi Ariko Teshw,ute Abarundi Turimagabo Tuzokwifatira Ucigwe Urugukwiye

  • muga alexis sinduhije yarabananiy gufata mbebasha aranyerera canke abasumvya ubweng?

  • NUKOBOYIHAGARIKA BAKARINDIRA IBIZOVA MURIVYO BIGANIRO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.