Accueil > Amakuru > u Burundi > Amafaranga agera kubihumbi 600 000 y’amarundi yaribwe,n’abantu (...)
Amafaranga agera kubihumbi 600 000 y’amarundi yaribwe,n’abantu barakomereka
lundi 11 Ntwarante 2013
Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya cenda Ntwarante 2013,umuhana w’umudandaza azwi kw’izina rya Gasihiri Bernard wo ku musozi songa zone Ndago wa komine songa ,intara ya Bururi waratewe n’akagwi kabantu bitwaje ibirwanisho inkoho hamwe n’imbugita.
Uwo mudandaza hamwe n’umukenyezi wiwe barakomeretse cane muri ico gitero.Amafaranga agera kubihumbi amajana atandatu y’amarundi niyo yibwe nabo bagizi ba nabi.
Abakomeretse bakaba bari ku bitaro vy’i Bururi aho bariko baravurirwa.Igipolisi c’uburundi kikaba caratabaye ariko izo nkozi z’ikibi zikaba zari zamaze gutungwa nayo zameze.Amatohoza akaba yaratanguye kugira bafate izo nkozi z’ikibi
Floxella Karire