Accueil > Amakuru > u Burundi > Amahiganwa ya Cross country abarundi bariko barayitegurira
Amahiganwa ya Cross country abarundi bariko barayitegurira
lundi 16 Ruhuhuma 2015
Amahiganwa yo gusiganwa kw’abahungu mu murwi wabo n’abakobwa uko nyene yatanguye.
Ayo mahiganwa yabereye mw’ikambi ya batayo para mu gisagara ca Bujumbura, umwigeme azwi kw’izina rya Elvanie Nimbona niwe yabaye uwa mbere, uwo nawe akaba avuka mu ntara ya Bururi, mu gihe umusore azwi kw’izina rya Ndiho Vianney ariwe yabaye uwa mbere. Abakobwa b’abarundikazi rero bikaboneka ko ayo mahiganwa bari bayitabiriye ku rugero rushimishije, aho abarenga 20 bariko barahiganwa mu kwiruka.
Amahiganwa yo kwiruka ya Cross country, akaba azobera mu gihugu c’Ubushinwa kuva ku wa 28 Ntwarante uwu mwaka. Ayabereye mu gisagara ca Bujumbura, akaba yari ayo kuraba abazoserukira igihugu mu Bushinwa, muri ayo mahiganwa ya Cross country.

Aristide Nizigire