IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amakenga ni menshi kw’itegeko rigenga umurwi w’ukumenyesha ukuri (...)

Amakenga ni menshi kw’itegeko rigenga umurwi w’ukumenyesha ukuri ryemejwe

samedi 19 Ndamukiza 2014

Inama nshingamateka igizwe n’abashingamateka ba CNDD FDD ku bwinshi yaremeje integuro y’itegeko rishinga umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ugusubiza hamwe. Abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bashikiriza amakenga afise kuri uwo murwi uzoba ujejwe kumenyesha ukuri, kandi wemejwe n’abashingamateka ba CNDD FDD gusa.

Abashingamateka ba CNDD FDD, bari bonyene mu nama nshingamateka, baremeje integuro y’itegeko rigenga ishirwaho ry’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukurekuriranira. Uwo murwi wari umaze imyaka myinshi urindiranwe igishika, kugira ubwicanyi bwabaye mu myaka iheze bumenyekane.
Pacifique Nininahazwe wo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amenyesha ko uwo murwi utashinzwe wubahirije uko amategeko yabivuga, nk’uko mu masezerano y’i Arusha bari bavyumvikanye.

JPEG - 121.2 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE

Iyo nteguro y’itegeko rigenga ishirwaho ry’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ugusubiza hamwe ryemejwe abashingamateka b’umugambwe UPRONA badahari, kandi uwo mugambwe UPRONA ariwo usanzwe wari waserukiye ubwoko bw’abatutsi mu masezerano y’i Arusha, Pacifique Nininahazwe akibaza namba ukwo gusubiza hamwe kuzoba hagati ya nde na nde, kandi hari uruhande rwa bamwe rwakumiriwe mw’ishirwaho ry’uwo murwi. Nk’uko Pacifique Nininahazwe abimenyesha, bizogorana ingene ukuri kumenyekana, kandi integuro y’itegeko rigenga uwo murwi ryatowe n’abashingamateka b’umugambwe CNDD FDD gusa wahora mw’ishamba, akaba ariwo wonyene uriko utegura kuvuga ukuri.

Ayandi makenga yo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, n’uko abarundi babajijwe imbere y’uko uwo murwi ushirwaho bari basavye ko abanyeporitike batoshirwa muri uwo murwi, integuro yaraye itowe nayo ikaba ivuga ko uwo murwi uzoba ugizwe n’abanyeporitike, bari kumwe n’abadaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abaserukira amashengero. Mu gihe muri iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’inama nshingamateka bitegekanijwe ko ibiro vy’inama nshingamateka arivyo bizogena abagize uwo murwi, Pacifique Nininahazwe amenyesha biteye kubiri n’ingene vyari vyumvikanwe, kuko vyari biteguwe ko umurwi wigenga ugizwe n’abo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe na Reta, akaba aribo bazotora abaja muri uwo murwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ugusubiza hamwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Abotwarabavumbuye bareke turazi kona peter itazomusiga bamuciriye woguherayo ubwonubwoba bwamatora yomuri 2015 asha ivyomugiravyose murawunwa nahurura mbekobimezuko mumaze nokwifatiramugahanga USA sentare mpuzamakungu igiribatumeko bidatevye ash iyintwaro igombisenyuke nukwitangura bandanye akataretse kabagasema kidahanurwa yawugendanye kuzuru agasozikintahanurwa kahiye abagabo babona.

  • nukuri ... niba intwaro igira isenyuke mukaba mubizi neza mufite ubwoba bwiki ko buca mubihindura? nimutatsinda amatora naho 2015 muzodyama mworohe .... kandi turiteze amahinduka kuntwaro yose izoza na Cdd -fdd biboneka ko yiteguye guhindura ibitaribike turavye amategeko hamwe nibwirizwa shingiro nyene izohava ijana mubanyagihugu amatora imaze kuyatsinda. bizoba ari vyiza kuri bamwe. ADC ikibiri nayo nyene turavye ukuntu yiyamiriza amategeko yise niyatsinda izoza izanye rwayo mashasha hanyuma bihinduke igikenewe nihehe ibuye dyumunzani rizohengamira.. abanyagihugu bazoraba igikwiriye ....,CNTB abanyagihugu nibatora ikibiri bazoyihindura nkuko vyavuzwe ibwirizwashingiro nadyo bazokomeza mwo cane amasezerano ya Arusha kugirango abatakigira ababatora isahani barirako igume yuzuye. Cdd-Fdd ishaka ko abanyagihugu bafata ingingo bagatwagwa nabo bitoreye kandi imigambi batoye ikaranguka atababapinga nico gituma igihugu kidatera imbere kuko amarangamutima yuzuye bamwebamwe. imyiyamamazo yumuraya matora izoba itandukanye kure niyindi twabonye . uwuramvye arabona turindire turabe . Gusa Cdd-fdd igatsinda amatora kubwishi hari abaziruhutsa naba zorira .. naho niyatsindwa ... abasohoka impimba bazoba beshi .. abazinjira nabo bagwizwe 2 bityo ntimwibaze ko ariho igihugu kizoca gitera imbere ndakurahiye ..aho rero ivyo bizoba arukwo rwasa yemeye gukorana na ADC ikibiri kandi bakamutanga nkumu candidant atarukwo nta ADC ikibiri ibaho with out Rwasa aghato ndakurahiye kuko kidya gihugu kirimwo imigambwe ikomeye ibiri gusa ishobora kuvamwo umukuru wigihugu nayo ni Dcc-Fdd . FNL irongowe na Rwasa .... ico nobabwira kimwe igihe Imana izokora ibitangaza cdd-fdd ikumvikana na —Rwasa abo ntavuze bazoce basezera kugihugu... isi izaca irindi ivaho batagize ubushobozi kuntwari yigihugu nkubwo bahoranye mumyaka mirongo iheze ira amahoro.

  • none uyo murwi uzoba ari uwo kumenya ukuri no kurekurirana canke uzoba uwo kumenya ukuri no guhana? Namba harimwo kurekurirana iyo sentare yoba ije ngo imare iki? Arko namba harimwo guhana nijeho kd ijemwo ababishoboye.

  • Cndd muhindura ibiki mwicura iki nimureke abanyagihugu baruce ntanisoni mufite kubona mwirukana nababafasha nukuri abantu turi hanze yuburundi twaguye mumazi nukuri mwibaza ngo nivyoroshe bandanya kdi nukuri bitazobabera bibi .reka guha umurindi ivyo bihugu bibanyi ejo ntuzobure naho uhungira.akabigira kabizi kadya imboga zaritse murakoze

  • Rumuri kuvyuvuze harimwukuri hakabanibindi ntatahuye
    icishe iyintwaro nukudahanurwa
    kwabantu bake bashaka gukoresha igikenye nimbabasha kwigihugu kigiramaho niterambere nibareke gukumira abandi bareke gushinga amategeko akandamiza abobatavugarumwe none kumukuruwigihugu yasinye itegeko rikanda miza abamenyesha makuru ntibabandanije bakoro?none hosinoguharurira imirwi bagendabashinga itagirakamaro ibakorera nawe ngirurabizi ubutungane bwonkubiye namadega namayangura

  • Bit rumuri,muvyo wanditse ndagushigikiye 70%,kuvuga ko Gwasa yiyunze na CNDD-FDD ko vyobavyiza aho jewe tuvyunva kumwe.namba gwasa atwunva,canke aboba bamuri hafi bamuhe ububutumwa,muti GWASA rengera amaronko yose woba ushaka wiyunge na L,Etat ihari,ninaho uzoba witwaye nkutware ubushitse,bisigura ko igihugu muzokirongore mufadikanije nabo bari kubutegetsi iyo mwanka idaharugwa twariko tubabwira,jeho mber nvuga nti mpaka yezu agarutse gutora ishengero ryiwe!!.ariko nyakwubahwa GWASA ugasubira guhendwa nabo baADC,bafadikanije nabo banyabururi,abenshi muribo bagira gugu,ngo barongoye ayomashirahamwe bifondafondeye,kugira ababere inkizo yokwikingiriza,uzoba gwasa uguye mumazi,noguhanura kwifatanya nabatwara igihugu ubu,nayo uwo yiyita Nukuri uyuba waruzi icarico igihugu ntuba uriko uvuga ayamuhe nkuko,nokumenye sha ko ubu intahe yafashe ijambo.kirongowe nabagabo bazi icarico igihugu,guma muboroga ,muzotahira kuyogora,natwe benegihugu twibereye kukivi.tuguma tugwiza umwimbu,muzoze kutwiba tubamene ayo mazuru.mwanderamabokomwe.CNDD-FDD ,Oyyyyeeeee .tuguma dutsinda mpaka yezu agarutse gutora abana b’IMANA.kandi mwese abakunzi b’IGIHE ndabifurije pasika nziza mwese.

  • Mwebwe bo kumuhora Igihe ivyiyumviro vyacu ntimubishirako ariko abatukana nabandika amajambo atabere mukabishira ko.mwikebuke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.