IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amakomine y’intara 3 afitiye ishirahamwe "Mutuelle" ideni ry’imiriyoni (...)

Amakomine y’intara 3 afitiye ishirahamwe "Mutuelle" ideni ry’imiriyoni 180

jeudi 7 Munyonyo 2013

Amafaranga agera ku miriyoni 180 y’amarundi niyo afitiwe ishirahamwe ryo kuziganiriza abakozi (Mutuelle) mu Burundi. Ayo mahera akaba abazwa amakomine y’intara zo mu bumanuko bw’ibigihu, arizo Bururi, Makamba na Rutana.

Iryo deni ry’amafaranga agera ku miriyoni 180 ryatevye kwishurwa, akaba ari amafaranga ama komine yategerezwa gutangira abakozi bayo kugira bashobore kuronka imiti mu mazu badandazamwo imiti (Pharmacies).

JPEG - 43.8 ko
Umunywanyi wa Mutuelle ariko arondera imiti

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Munyonyo 2013, umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe riziganiriza abakozi (Mutuelle de la Fonction publique) akaba ariho yabishikiriza mu nama yagiraniye na bamwe mu bakozi b’iryo shirahamwe bakorera mu ntara ya Makamba, Rutana na Bururi, hamwe n’abarongoye ama komine muri izo ntara.

Abarongoye amakomine b’izo ntara uko ari zitatu baragize ico bavuze kuri iryo deni basabwa, baca bamenyesha ko batagishoboye kuririra abakozi baryo kugira baronke imiti biciye kuri iryo shirahamwe, kubw’amadeni batari bwiture ayo makomine afise.
Bikaba vyasabwe ko hoba ibiganiro hagati y’iryo shirahamwekumwe n’ubushikiranganji burijejwe, bongere bishikire mu makomine agize izo ntara, Makamba, Rutana na Bururi kugira bavugane n’abarongoye amakomine.

N’aho humvikanywe ivyokorwa, mwomenya ko iryo shirahamwe rivuga ko rizobandanya ryishuza amadeni rifitiwe atararihwa n’ayo makomine, mu gihe hatoboneka abagiraneza bokwitanga kuyariha


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.