IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Gushira mu minwe y’abikorera ivyabo igisata c’ikawa vyokwitonderwa

Gushira mu minwe y’abikorera ivyabo igisata c’ikawa vyokwitonderwa

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Amakuru dukesha iradiyo y’Abafaransa RFI, umuhinga Olivier De Schutter ariyamiriza umugambi wa Banki y’isi yose wo gushira mu minwe y’abikorera utwabo igisata c’ikawa mu Burundi.

Olivier De Schutter ni umubirigi asanzwe ashigikiye umugambwe ukingira ibidukikije muri ico gihugu c’Ububirigi, akaba kandi ari umuhinga mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Aranegura umugambi wo gushira mu minwe y’abikorera ivyabo igisata c’ikawa, watangujwe n’ibanki y’isi yose mu Burundi mu mwaka w’2009.

De Schutter yahaye umuco Leta y’Uburundi ku ngaruka zoshikira igihugu mu gihe boshira mu minwe y’abikorera ivyabo igisata c’ikawa gisanzwe arico gitunze abarundi ku rugero rwo hejuru. Uwo muhinga amenyesha ko inyungu z’umunyagihugu muto zitashizwe imbere mu nteguro y’uwo mugambi.
Ku bwiwe, mu Burundi , uwo mugambi wateguwe n’abahinga bo muri banki y’isi yose uzokwegera mu bukene abanyagihugu b’abarimyi kuko inyungu nyinshi zizoja mu mahinguriro makuru makuru.

Ntihararengerana rero ko hafatwa ingingo zo gukinga. Olivier De Schutter aterera ko mu Burundi uwo mugambi wabandanya ariko ugakurikiranirwa mu bushikiranganji bw’uburimyi nk’uko vyagenze mu gihugu ca Brésil. Ariko ntivyobuza kandi ko Leta y’Uburundi ishinga ubushikiranganji bw’iterambere ry’abirimizi, bwoba bujejwe gushigikira abanyagihugu bato bato mu Burundi, kuko basanzwe ari benshi, kandi bakaba bagaburira abantu benshi biciye mu bikorwa vyabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.