Accueil > Amakuru > u Burundi > Amanama y’ugukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu bihana imbibe agiye (...)
Amanama y’ugukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu bihana imbibe agiye gutangura
lundi 16 Ruhuhuma 2015, par
Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini, Said Djinnit, amenyesha ko hagiye gutanguzwa amanama ahuza ibihugu biri muri ako karere, kugira abakuru b’igihugu bigire hamwe ingene bokomeza imigenderanire hagati y’ibihugu bihana imbibe.
Said Djinnit, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini ari mu rugendo mu Burundi, akaba mu mubonano yagiranye kuri uwu wa mbere n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yamenyesheje ko ariko agendera igihugu c’Uburundi nk’uko abikora mu bindi bihugu bigize akarere k’ibiyaga binini. Aho aciye hose akagenda aravugana n’abakuru b’ibihugu ingene boshira mu ngiro amasezerano y’i Addis Abeba, mu bijanye n’iterambere, hamwe n’intwaro rusangi.
- Said Djinnit mu mubonano n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza
Mu butumwa cashiriye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yamumenyesheje ko amaze iminsi aganira n’abandi bakuru b’ibihugu kugira imigenderanire hagati y’ibihugu bihana imbibe ibe mwiza, amubwira ko mu minsi iza hagiye gutanguzwa amanama atari aherutse kuba, kugira bakomeze ishirahamwe CPGL (Communauté des Pays des Grands Lacs).
Said Djinnit, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini yamenyesheje kandi ko ONU yamaze kwiyemeza gushigikira Uburundi mu matora, kugira ingendo y’intwaro rusangi yamaze gutangura ntisubire inyuma.

Nk’uko bimenyeshwa na Léonidas HATUNGIMANA umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yemereye iyo ntumwa ko azokora ibishoboka vyose, kugira amatora abe meza nk’uko yama avyiyemerera.

IGIHE